Bishasha ku ntambara muri Ukraine: Boris Johnson yankiwe kwinjira muri Russia

Ukraine

Ahavuye isanamu, PA

Uburusiya bwankiye umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson hamwe n'abandi bategetsi bakuru bakuru barenga cumi kwinjira mu Burusiya kubera "inyifato mbi" y'Ubwongereza ku ntambara ya Ukraine.

Umushikiranganji w'imigenderanire Liz Truss, uwo kwivuna abansi Ben Wallace, n'abandi bashikiranganji, bari mu bandi babujijwe kwinjira ku butaka bw'Uburusiya.

Moscou ivuga ko iyi ngingo yafashwe mu kwihora ku bihano Ubwongereza bwafatiye Moscou kuva Uburusiya buteye Ukraine.

Mu kwa gatatu, Moscou yafatiye ibihano nk'ibi Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n'abandi bategetsi ba Amerika batari bake.

Mw'itangazo, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire buvuga ko "iyi ngingo yafashwe kubera igihababu ca Londres mu gutanga amakuru mabi no kurwanya Uburusiya mu nzira ya poritike mu ntumbero yo kubukumira ku rubuga mpuzamakungu, gusagiriza igihugu cacu no kunigira mu menshi ubutunzi bw'igihugu".

Ryogenrako riti: "Muri rusangi, ubutegetsi bw'Ubwongereza buriko butuma ibintu bimera nabi muri Ukraine, mu guha ubutegetsi bwa Kyiv ibirwanisho kandi ahagarariye ibikorwa nk'ivyo ku ruhande rwa OTAN".

Mu ntango z'ino ndwi, Ubwongereza na Amerika vyatangaje ibindi bihano bifatiye Uburusiya.

Muri ibi harimwo ingingo zerekeye ubutunzi mu ntumbero yo kuburagiza ubutunzi bw'Uburusiya no guhana Perezida Putin, abategetsi bo ku rwego rwo hejuru, hamwe n'abantu bafise inyungu ku ntwaro yiwe.

Uruganda rwa gisirikare i Kyiv rwatewe amabombe - amakuru

Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Amakuru atari make amaze kumenyekana ku gitero c'amabombe mu gitondo c'uno musi i Kyiv.

Ibi bitero vy'Uburusiya vyabaye ku ruganda rwa gisirikare ku mugwa mukuru, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi busubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru TASS.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Igor Konashenkov, yavuze ko ibibanza 16 vy'umwansi vyasambuwe na misire zidahusha, harimwo ibikoresho, inyubakwa z'ibirwanisho hamwe n'ibindi bibanza bibikwamwo ibirwanisho.

Yongerako y'uko n'ikibanza gisanasanirwamwo ibikoresho vya gisirikare i Mykolaiv mu bumanuko bwa Ukraine catewe.

'Nta majambo umuntu yoronka mu gusigura ubwoba buhari' - ibitero vya Kyiv.

Amakuru arambuye aratanguye kumenyekana ku bitero vyo mu bucagucagu i Kyiv, aho umukuru w'igisagara Vitali Klitschko avuga ko akarere ka Darnytskyi kari ku nkengera z'umugwa mukuru katewe amabombe.

Abakozi bo mu gisata kijejwe ubutabazi hamwe n'abaganga bashitse aho cabereye, nk'uko vyandikwa na Vitali Klitschko ku mbuga ngurukanabumenyi.

Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana ko yaguye muri ico gitero ca za misire hamwe n'abandi batari bake bakomeretse nk'uo bivugwa na Klitschko.

Avuga kandi ko abaganga bariko barita ku rutare kugira barokore ubuzima bw'abakomeretse.

Yongerako y'uko abajejerali b'abarusiya bari bagabishije ko bazotera umugwa mukuru na za misire - kandi ko ibi ari vyo vyabaye.

Klitchko avuga ko abajejwe gucungera ikirere bagerageje gukingira abanyagihugu ariko ko "umwansi ni ruburakigonwe".

Ijoro ryakeye rigize kabiri ryikurikiranya intara ya Kyiv itewe, inyuma y'agahengwe kari kamaze indwi zibiri.

Anna Budko, asanzwe aba muri ako karere, yabwiye BBC ati: "Rimwe na rimwe uribagira ko ugifise ubwoba wumvise ikintu ico ari co cose kivuze, n'aho coba ari kivuye mu nzu y'umubanyi, canke nk'iyo umuntu abomboranije umuryano w'imodoka.

"Uradegedwa ariko ukagerageza kubirinda. Nta majambo umuntu yoronka mu gusigura ubwoba buhari'".

Ibi bibaye inyuma y'ajo ejo ku wa gatanu Uburusiya bwagabishije ko bugihe gutera ibindi bice vya Kyiv mu gihe Ukraine yobandanya itera amabombe ku mitumba iri ku rubibe.

Uburusiya buracagerageza kurondera kwigarurira Mariupol - Ukraine

Ingabo z'Uburusiya zirabandanya zigerageza kwigarurira igisagara ca Mariupol kiri ku Nyanja, nk'uko bivugwa n'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukrane.

Mu gihe vyoshika Uburusiya bukigarurira rwose Mariupol, bizohindura inkoro ku mpande zompi muri ino ntambara.

Itsinzi y'Uburusiya muri Mariupol yotuma Kremlin ishobora kwereka abanyagihugu - mu binyamakuru vya reta - ko Uburusiya buriko burashika ku ntego yabwo kandi ko buriko butera intambwe.

Mu bindi bishikirizwa n'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine:

Uburusiya burabandanya bwugariza igisagara ca Kharkiv, aho igisirikare ca Ukraine kimaze indwi zine gihanganye n'ingabo z'Uburusiya.

Ibitero cumi vyasubijwe inyuma mu turere twa Donetsk na Luhansk, aho hari amamodoka ya gisirikare yasambuywe

BBC mtiyashoboye guhinyuza aya makuru.