Ukraine: Kurwanira Mariupol, 'umutima w'iyi ngwano'

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Na Tom Bateman
- Igikorwa, BBC News, Zaporizhzhia, ubumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine
Hari ibimenyetso ko Uburusiya bushobora kuba buri hafi yo kwigarurira vyuzuye Mariupol, igisagara co ku kivuko mu bumanuko cugarijwe kandi kimaze amayinga atandatu gicucagirwa ibisasu ubu vyagisambuye cane.
Ingabo za Ukraine zivuga ko zicigwanako kandi ko "zivugana buri gihe" n'iziri ku bukata. Ariko ziremera ko ingabo z'Uburusiya zirondera kugenzura vyuzuye ico gisagara, mu gihe umwe mu ndongozi z'abiyonkoye bashigikiwe n'Uburusiya avuga ko Mariupol iri hafi yo gufatwa.
Ingabo za Ukraine zaravuze ko zaheranywe n'ibigwanisho, kandi zivugwa ko zasubijwe inyuma zikaja mu duce tuburi twirebanga dufatanye n'inkengera.
Kazoza k'ico gisagara gashobora kuba nkoramutima ku ntambwe ikurikira y'iyo ngwano. Kiri mu minwe y'Abarusiya, kizobaha kugenzura igice kinini c'igihugu gituma Moscou ihuza inzasiro (ubwinshi bw'urwasiro) zibiri mu bumanuko no mu buseruko. Vyoca bituma ingabo nyinshi zishobora kwimurirwa ahandi, bigaha prezida Putin "intsinzi y'umukenyuro mu gihe intambwe ya mbere y'igitero ciwe yaranzwe n'akajagari.
Bwoba bubaye ubuhombe bukomeye cane, hamwe ubu bwoba bwitezwe, ku butegetsi bwa Ukraine bwavuze ko Mariupol ari "umutima y'iyi ngwano uyu munsi".

Ahavuye isanamu, Anadolu Agency via Getty Images
Ingabo z'Uburusiya zatanguye kugota Mariupol mu ntango z'ukwezi kwa gatatu. Iryo yugarizwa rimaze gugwamwo abanyagihugu basanzwe ibihumbi rituma abandi baja mu rugamba rwo kugerageza kumara kabiri ku bacugaraniwe ngaho.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi barahungiye amajaruguru, bafata urugendo rubangamye rubaciha mu rwasiro rw'intambara. Aha muri Zaporizhzhia narabonye abanyagihugu basanzwe bashika ku munsi ku munsi, bavuga ingene babonye igisagara kiriko kirasamburwa.
Muri iyi minsi ingabo z'Uburusiya vyizabazwa ko zigiwe imbere mu gucamwo kabiri ikirindiro abagwanira Mariupol bari basigaranye , nk'uko bivugwa n'ikigo gikora ivyigwa bijanye n'ingwano Institute for the Study of War.
Vyibazwa ko ingabo za Ukraine zasubijwe inyuma mu gace k'ikivuko na Azovstal , uruganda runini cane rukora ivyuma aho bari bahereye mu kugaba ibitero vyo kwivuna muri aya mayinga aheze.
Video zabonetse zerekana abagwanyi bishoboka ko ari abo muri brigade ya 36 y'abagwanira mu mazi barahira ko batazoshira amaboko hejuru.
"Nta gace na kamwe k'igisagara tuzorekura aho bishoboka hose", bivugwa n'umwe muri video yashizwe ku mbuga hwaniro ku wa kabiri.
"Ariko ukuri ni uko igisagara gikikujwe kandi kizibiwe kandi nta bikoresho vyo kurwana n'ivyo kurya bishobora gushika," nk'uko abandanya avuga. Igice kimwe c'iyo video kimwerekana we n'abandi ba-marine benshi bari mu cumba gisa n'ubwihisho bwo mu munsi. Umwe muri abo bagabo afise ibibando vyo gucumbagirirako vyegetse ku ntebe yiwe.
Kuri page yayo kuri Facebook, imwe mu nyandiko z'iyo brigade yavuga ko uko ibintu bimeze hageze "kurwana irya nyuma...N'ugupfa kuri bamwe muri twebwe no kugirwa imbohe ku bandi."
Yongereko ko "bigijwe inyuma" kandi bakikujwe n'ingabo z'Uburusiya.
Abasesenguzi b'abanya-Ukraine ntibahuza ku kuba iyo nyandiko ari iyo ukuri, bamwe bakavuga ko iyo page yaa Fecebook ishobora kuba yaravogerewe. Ariko inyuma y'amasaha arenga 36, iyo nyandiko yari ikiri ku rubuga.
Kuba Mariupol igoswe, bituma gutumatumanako bitagishoboka , maze bikagorana guhinyuza ibivugwa ku bigenda birahinduka ku rubuga.
Nta nkeka ko ingabo za Ukraine zikeneye cane kuronka ibindi bigwnisho n'ibikoresho, ivyo kurya hamwe n'amazi.

Ahavuye isanamu, Anadolu Agency via Getty Images
Mu minsi iheze bivugwa ko igisirikare ca Ukraine cashobora kurungikira ingabo ivyankenerwa ariko uko iminsi ihera niko vyagiye biragorana.
"Amaherezo, igisagara caciye gikikuzwa vuba muri ico gitero ku buryo hatigeze haboneka akaryo ko kurunda ivya nkenerwa", bivugwa na Justin Bronk wo muri Royal United Services, ikigo c'abahinga bihweza ibintu n'ibindi.
"Barihagazeko cane, cane birenze ivyo umuntu uwo ari we wese wo hanze yari kwibaza ko vyoshoboka. Ubu rero biragoye kwibaza ingene igihe bashobora kubandanya gutyo kingana", akabandanya avuga ati bashitse "ku bintu vy'igitangaza n'uburyo buke".
No kugombora ingabo canke kujana abakomeretse navyo vyagumye bibangama ku banya-Ukraine mu gihe abarusiya bakajije kwugariza ico gisagara.
Ubushikiranganji bw'Uburusiya bwo kwivuna abansi mu ndwi zibiri ziheze bwavuze ko bwakoroye indege ya Mi-18 ku 5km uva ku nkengera z'ikiyaga Azov. Vyibazwa ko yari ivuye muri ico gisagara.
Ku wa kabiri, bwavuze ko ingabo zishika 100 za Ukraine zagerageje guca inzira yo kuva mu ruganda rw'ivyuma - ariko buvuga ko ica kabiri cabo bishwe n'ibisasu vya muzinga n'ibitero vy'indege vy'Uburusiya , hanyuma abarenga 40 nabo bakishikana.
Mw'ijambo ryiwe ryo kuri video yashikirije igihugu ku wa kabiri prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ati: "Kazoza ka Ukraine gahaze ku nguvu zacu zo kwihagararako mu buryo bwose. Kazoza kacu twese, kimwe kimwe cose mu bisagara vyacu, kimwe kimwe cose mu bigwati vyacu.
"Kandi ndashimira cane uwubitahura.
Adahagarika kwihagararako no mu gihe ico bitanga kiba gisa n'ikiri kure cane. Kuko Umwanya w'umuzimiza wama uza imbere y'umutwenzi".
Hagati aho ivyavuzwe n'ingabo ziri aho ko Uburusiya bwazanye ibigwanisho vy'ubumara muri Mariupol muri iyi ndwi ntibiremezwa. N'icibutsa ingene intabara ishobora mu kanya gato gufata intera ibangamye cane.
Mariupol ifashwe yose vyoca bituma ingabo z'Uburusiya zikoreshwa mu kuzibirira ko iza Ukraine zironswa ivyangombwa, zica zisubira kwisuganya zikajanwa ahandi, na cane cane mu bindi bice vya Donbas vyo mu buseruko, aho Moscou iriko irategura igitero gikomeye cane.
Vyonatuma kandi Uburusiya buca butera intambwe bugana mu buraruko bwa Mariupol, ariyo mpamvu abanya-Ukraine baguma biboheye mu kurwanira ico gisagara, ku bwa Bronk.
Izo ngabo kandi zishobora gukoreshwa mu kwongereza inguvu mu gisagara ca Kherson cifatiwe n'Uburusiya aho ingabo za Ukraine zimaze igihe zigerageza kwigarurira uturere kandi zisa n'izibishikako.
Prezida Zelenshky yabandanije gukoresha imvugo ngereranyo y'uko Mariupol ari umutima w'ingwano.
Ati : "Hamwe wohagarika gutera, aho rero twoca...tugoyagoya".

Ayandi makuru ku ngwano yo muri UKraine:














