US: Imiryango yaburiye mu bwicanyi bwa Sandy Hook bumvikanye n'abakoze inkoho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uruganda rwakoze inkoho yihaye inkumbi kw'ishure rimwe rwumvikanye n'imiryango yabuze maze rwemera gutanga indishi y'akababaro ingana n'imiriyoni 73 z'amadorari y'abanyamerika.
Uruganda Remington Arms rwemeye ibi mu rubanza rwungurujwe n'imiryango y'abantu icenda muri 26 baguye mu bwicanyi bwa 2012 bwabereye mu kigwati citwa Sandy Hook.
Ni rwo rubanza rwa mbere aho uruganda rukora inkoho rwagirwa n'icaha c'ubwicanyi bw'ikivunga.
Gushika ubu, uru ruganda rwari rufise ubudahangarwa bwo kudakurikiranwa mu butungane.
Buri muryango uzoronka uruhande rwawo muri iyi ndishi y'akababaro, ariko nta nsiguro zatanzwe kuri aya mazezerano.
Josh Koskoff, umushingwamanza aburanira iyi miryango yabuze ababo, avuga ko banejerejwe n'ingene urubanza rwagenze kuko ico bipfuza ari uko "hatoba ubundi bwicanyi nk'ubu bwa Sandy Hook".
Lenny Pozner na Veronique De la Rosa baburiye umwana wabo w'imyaka itandatu Noah muri ubu bwicanyi, banditse kuri twitter bati: "Abo twabuze ntibashobora kugaruka, kubera ko ivyavuye muri uru rubanza ntibije kudukiza canke kudusubiza abacu".
Bongerako bati: "Ivyatakaye biba bigiye,. Ariko, iki cemezo cerekana ko uru ruganda rwemera icaha inyuma y'iki gihe cose rwari rumaze rukora uko rushatse ntirukurikiranwe".
Josh Koskoff ati: "Iyi ntsinzi ikwiye gukangura uru ruganda ruhingura inkoho, be n'amabanki hamwe n'amashirahamwe y'ubwishingizi arufashe mu mugongo.
"Ku mashirahamwe y'ubwishingizi n'amabanki, harageze ko abona uruhombo ashobora kugira mu kwemera kwishinga amakompanyi ashira imbere inyungu zayo mu gushira ubuzima bw'abantu mu kaga".
Mu kw'indwi kw'umwaka uheze, Remington - uruganda rwa mbere rukora inkoho rumaze igihe kirekire muri Amerika - rwari rwemeye guha iyi miryango imiriyoni 33 z'amadorari y'abanyamerika, amafaranga make cane ugereranije n'imiriyoni 225 yasabwa na sentare. Yaravyanse ikaba yavuze ko yari ifise ivyemezo bikwiye vyerekana ko Remington yavyifashemwo nabi.
Uruganda rwa Remington rwatangujwe mu 1816 rukaba rufise icicaro muri Caroline du Nord/North Carolina rurahakana ivyo rwagirizwa, rukavuga ko ata vyemezo bihari vyerekana ko ibikorwa vyarwo vyo kwamamaza bishingiye kuri ubu bwicanyi bwa Sandy Hook.
Ejo ku wa kabiri, uru ruganda ntirwashotse ruboneka kugira ngo rugire ico ruvuga.
N'aho ubwo bwicanyi bwahitanye abana bakiri bato bari bafise imyaka itandatu n'indwi, nta tegeko rishasha ryashinzwe ryo gukurikiranira hagufi ibijanye n'inkoho inyuma y'ubu bwicanyi bwa Sandy Hook.














