US: Umuganga w'umwirabure yishwe na Covid avuga azize ivangura rishingiye ku rukoba

Ahavuye isanamu, Facebook
Umuganga w'umwiraburekazi mu gisagara ca Indianapolis yishwe na Covid-19 haciye indwi nkeya yagirije umuganga w'umuzungu ko yanse kumuvura kubera ibara ry'urukoba rwiwe.
Mw'ireresi yasohoye ari mu bitaro vy'ishure kaminuza ya Indiana, Susan Moore yavuze ko yarinze "kwitakambira" ngo avurwe.
Mu guhoza umuryango wabuze, abarongoye ibitaro bavuga ko bafashe nka nkama ibi birego vy'ivangura rishingiye ku rukoba ariko ntaco bavuze ku barwayi bandi boba bashobora kuba bahura n'ibi bibazo.
Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Abirabure nibo babangamiwe cane na Covid gusumba Abazungu, nk'uko ubushakashatsi buvyerekana.
Muganga Moore w'imyaka 52, yapfiriye ku rindi vuriro ku wa Mungu.
- Abirabure muri USA bageramiwe na coronavirus kurusha abandi
- Covid: US yemeje Moderna nk’urucanco rugira kabiri
- Trump ati ‘Kuva kuri Lincoln nije wa mbere nitayeho abirabure’
- Ubwicanyi bw'abantu 11 bwatumye haduka imyiyerekano muri Amerika
- Kumurika uyu mwana mu nyamaswa: Imbabazi nyuma y’imyaka 114, kuki?
Mu butumwa yari yanditse ku rubuga rwa Facebook ku wa 04 z'uku, asigura ukuntu umuganga avuga ko yari umuzungu yirengagije ububabare bwiwe, mu gihe yariko arira atakamba kandi vyanka n'uko ahema.
Yanditse ati: "Nta n'uko yumva amaborogo y'amahaha yanje, ntiyigeze ankorakora kugira anyumvirize. Yaranse no kumfata ibipimo. Namubwiye nti 'we ntushobora kwibaza ingene merewe'."
Itangazo ryasohowe n'ibi bitaro rivuga riti: "Nk'ishirahamwe ryiyemeje guharanira uburinganire n'ukurwanya ubusumbasumbane bushingiye ku rukoba mu gisata c'amagara y'abantu, dufashe nka nkama cane ibirego vy'ivanguramoko kandi tugiye gukora amatohoza".
"Turishimiye ukwitanga n'ubuhinga bw'abakozi bacu n'ingene bitaho neza abarwayi bacu imisi yose".
'Uku niko abirabire bicwa'
Muganga Moore yatowe Covid ku wa 29 z'ukwa cumi na rimwe, akaba yajanywe mu bitaro amenetse umutwe cane kandi akorora amaraso, vyanka n'uko ahema. Ariko, n'aho na we nyene yari umuganga, yavuze ko vyagoranye kugira ngo yakirwe.
Muganga Moore yavuze ko yatakamvye asaba ko bomuha wa muti wo kurwanya imigera, Remdesivir, kandi ko bomupima mu gikiriza. Yavuze ko uyo muganga w'umuzungu igihe kimwe yamubwiye ko ata burenganzira afise bwo guhabwa uwo muti, amutegeka gutaha.
Ku rubuga rwa Facebook, Muganga Moore yagize ati: "Yantumye numva ko umengo nsa n'umuntu afata ibiyayuramutwe. Ariko kandi yari azi ko ndi umuganga. Nta biyayuramutwe mfata, kandi nari mu bubabare budasanzwe".
Muganga Moore avuga ko yari yasavye umwunganirizi mu vyo ubuvuzi, kandi ko yari yasavye y'uko yopfuma arungikwa kuvurirwa ahandi. Yahavuye arekurwa arataha, ariko biba ngombwa ko asubizwayo haciye amasaha makeya gusa bisubiye kwanka.
Muganga Moore ati: "Uku niko abirabure bicwa. Iyo ubarungitse muhira kandi badashobora kuronka ingene birwanira".
Muri ubwo butumwa, yaranditse avuga ko umuyobozi mukuru w'ivyo bitaro yari yavuze ko abakozi bari guhabwa inyigisho ku bijanye n'ubutandukane bw'abantu. Hagati aho, uyu muganga w'umuzungu yagirijwe ntiyigeze asaba imbabazi nk'uko yari yavyemeye.
Muganga Moore yabandanije avuga ati: "Jewe mvuga, kandi mbandanya ndabivuga, ko iyaba nari umuzungu, ibi bibazo ntavyo nari kugira".
Ivyabaye kuri Muganga hamwe n'urupfu rwiwe vyarateje induru nyinshi ku bijanye n'ibibazo vy'ivanguramoko bihanze abirabure ba Amerika mu bijanye n'ubuvuzi.
Uwu mugera urasinzikaje cane abirabure n'izindi nkehwa muri Amerika. Abirabure muri Amerika bafise igihamana kibi co guhitanwa n'uwu mugera ku ncuro zitatu zose gusumba abazungu.










