Covid-19: US yemeje Moderna nk’urucanco rugira kabiri

Covid vaccine

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zemeje urucanco rugira kabiri rwa Covid-19, Moderna, ubu hakaba hagiye gusohoka amamiriyoni y'amadoze yarwo.

Igisata kijejwe imfungurwa n'imiti muri Amerika (FDA) catanze uburenganzira bwo gukoresha uru rucanco rwakorewe muri ico gihugu inyuma y'indwi imwe gusa yemeje urwa Pfizer/BioNTech ruriko ruratangwa mu gihugu.

Amerika yaciye yiyemeza kugura doze imiriyoni 200 za Moderna, muri zo imiriyoni zitandatu zishobora kuba ziri aho, zirindiriye gutangwa umwanya n'umwanya.

Amerika nico gihugu ca mbere kw'isi gifise ibitigiri binini vy'abanduye n'abamaze guhitanwa na Covid-19.

Ishure kaminuza Johns Hopkins risanzwe rikurikiranira hagufi ingene iki kiza karanda cifashe kw'isi rivuga ko muri Amerika abamaze kwandura Covid-19 ari imiriyoni 17.5, ikaba imaze guhitana abarenga 313.500.

Umukuru w'ikigo FDA Stephen Hahn avuga ko iyemezwa ry'uru rundi rucanco nijoro ku wa gatanu ari intambwe ikomeye cane mu kurwanya iki kiza karanda gihanze isi.

Umukuru w'ico gihugu aherutse gutorwa, Joe biden, yiteze gucandagwa ku wa mbere, avuga ko izi ncanco zibiri Pfizer na Moderna "zitanga umwizero ko imbere ari heza", ariko akagabisha ko "intambara yo kurwanya Covid-19 itararangira".

Hari isano hagati ya Pfizer na Moderna?

Mw'itangwa rya Moderna bisaba ko ishirwa mu vyuma bikanyisha gushika ku bushuhe bwa degré 20 musi y'ubusa (-20C) - vyumvikana ko ishobora kubikwa muri firigo isanzwe.

Ariko Pfizer ni ngombwa ko ishirwa ku bushuhe bungana na degré 75 musi y'ubusa (-75C), ibi bigatuma bitoroha kuyishikana aho itegerezwa gushikanwa.

Co kimwe na Pfizer, urucanco rwa Moderna na rwo nyene rukenera ko umuntu aterwa urundi rushinge rugira kabiri kugira rugire inguvu. Kuri Pfizer, umuntu atewe urwa mbere, bisaba imisi 21 kugira aterwe urwa kabiri, ariko kuri Moderna uru rwa kabiri umuntu ategerezwa kurutera haciye imisi 28.