Covid-19: Africa irasaba UN gutegura inama yo kwiga ingene incanco zotangwa ata bugunge

Canada n'Ubwongereza bamaze kwemeza urucanco rwa Pfizer/BioNtech,

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Canada n'Ubwongereza bimaze kwemeza urucanco rwa Pfizer/BioNtech,

Ikigo kijejwe kurwanya indwara muri Afrika CDC gisaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutumako inama idasanzwe kugira ngo higwe ingene incanco za Covid-19 zitangwa ata kugunga ibindi bihugu.

Umukuru w'iki kigo, Muganga John Nkegasong, avuga ko bafise amakenga ku kungene ibihugu bitunze biriko birakorana n'amahinguriro akora imiti kugira ngo bibe ari vyo vyironkera izi ncanco.

Ihuriro ry'amashirahamwe y'abagiraneza rivuga ko, mu gihe iki kibazo kitokwigwa vuga bwango, ibihugu bikenye vyokwisanga igice kimwe kw'icumi c'abanyagihugu bavyo ari bo bonyene bashoboye gukingirwa.

Mu gihe abajejwe ubuvuzi muri Canada n'Ubwongereza bamaze kwemeza urucanco rwa Pfizer/BioNtech, abahinga mu vyo ubuvuzi babona ko ibi bihugu bitunze biriko vyigungirako incanco.

Iri huriro ry'amashirahamwe, ribona ko vyovyo gushika mu mpera za 2021 bizoba vyamaze gucandaga abanyagihugu bavyo bose.

Muganga Nkegasong avuga ko bizoba bibabaje cane mu gihe ibi bihugu bitunze bizoba vyitekaniye Afrika nayo iriko iratarataza irondera incanco.

Bitegekanijwe ko uyu mugabane ushobora kuronswa incanco zigera ku miriyoni 220 z'incanco biciye mu mugambi mpuzamakungu wiswe COVAX.

Izi ncanco zizotegerezwa gusaranganywa mu bihugu 55 vyose. Hagati aho, hari ababona ko izi zidahagije.

Hari ibihugu bimwe bimwe vya Afrika vyatanguye kwegera aya mahinguriro y'imiti vyo nyene ubwavyo, co kimwe n'ibifise ubucuti bwa hafi n'aya mahinguriro, kugira ngo bishobore kuronswa izo ncanco.

Ariko ikigo CDC ca Afrika kibona ko vyoba vyiza ibihugu vyose vya Afrika bigeye hamwe maze bigashobora kwegera aya mahinguriro ari ikintu kimwe, hako buri gihugu kigenda ukwaco.

Aya makenga ku kungene izi ncanco ziriko ziratangwa ashizwe ahabona mu gihe ubwandu bw'iki kiza karanda bwiyongereye ku bice 7.8 kw'ijana mu karere ka Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara mu minsi indwi iheze.

Gushika ubu, abarenga imiriyoni 2.3 ku mugabane wose wa Afrika nibo bamaze kwandura Covid-19.