Covid-19: Ubushinwa buvuga ko urucanco rukiri mw'igeragezwa rwerekana ko rukora

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashakashatsi batangaza ko urucanco rwa Covid-19 rwakorewe mu Bushinwa rwerekana ko rukora neza mu gihe rukiri mw'igeragezwa.
Hari incanco zitari nke ziriko zirageragezwa mu Bushinwa, mbere zimwe muri zo zikaba ziriko zirakoreshwa.
Nk'uko aba bashakashatsi babivuga, urucanco Sinovac Biotech rwatanguye gukora mu mwanya muto mu gihe rwari ruhawe abantu bashika 700.
Ibi bitangajwe inyuma y'aho izindi ncanco zahinguriwe i Bulaya no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitangarijwe ko zikingira umuntu inyuma y'aho zigeragerejwe ku murwi munini w'abantu.
Incanco zitatu zahinguriwe muri Amerika, mu Budagi no mu Burusiya, ziramaze gutangazwa ko zikinga ku rugero ruri hejuru ya 90%, inyuma y'aho zigeragerejwe ku bantu baharurwa mu bihumbi mirongo.
Ivyo tuzi kuri uru rucanco
Nk'uko biri mu bindi bice vy'isi, Ubushinwa buri mu rugamba rwo guhingura urucanco rwa Covid, bukaba bugeze ku ncanco zine ziri mu gice ca nyuma c'igeragezwa, hakaba harimwo na rumwe rwahinguwe n'ikompanyi ihingura incanco Sinovac Biotech.
Hagati aho, ivyavuye mu gice ca mbere n'ica kabiri c'igeragezwa rya rumwe gusa muri zino ncanco zine nivyo bimaze gutangazwa mu kinyamakuru c'ubuvuzi, The Lancet.
Nk'uko biri muri iki cegeranyo , urucanco CoronaVac rwa Sinovac Biotech rutangura gukingira umuntu haciye akanya gato, n'aho ibi vyigwa vyakozwe mu kwa kane n'ukwa gatanu biterekana urugero rw'ubushobozi bwa runo rucanco.
Zhu Fengcai, umwe mu banditse kino cegeranyo, avuga ko ivyavuye muri rino geragezwa ryakorewe ku bantu 144 mu gice ca mbere hamwe na 600 mu gice ca kabiri, vyerekana ko uru rucanco rushobora "gukoreshwa mu bihe bidasanzwe".
Ivyavuye mu gice ca gatatu c'iri geragezwa ririko rirakorerwa ku murwi munini w'abantu ntibiratangura gutangazwa.
Mu gihe Ubushinwa buvuga ko bwashoboye kurwanya iki kiza karanda mu gihugu cose, iki gice kigira gatatu c'igerageza ry'izi ncanco zine kiriko kibera mu bihugu vya Pakistani, Arabia Sawudite, Uburusiya, Indoneziya, hamwe na Brezili.
Abategetsi bavuga ko abantu bashika 60.000 bari bamaze guhabwa urucanco gushika mu ntango z'uku kwa cumi na rimwe.
Mu ndwi iheze, ibikorwa vyo kugerageza urucanco rwa Sinovac Biotech muri Brezili vyarahagaritswe umwanya muto, ariko bikaba vyaciye bibandanya bimaze kuboneka ko urupfu rw'umwe mu bakorerabushake bariko bararugeragerezwako ata sano rufitaniye n'uru rucanco.
Incanco zishika zitatu nizo zihabwa abakozi nyamukuru mu mugambi udasanzwe wo kurwanya iki kiza, mu gihe urundi rwemejwe gukoreshwa mu gisirikare mu kwa gatandatu.
Rufise ikibanza nyabaki ugereranije n'izindi ncanco?
Kuva mu minsi mike iheze, hari amakuru ava mu mpande zitandukanye z'isi avuga ibijanye n'incanco zifise ubushobozi bwo gukingira umuntu.
Ubwa mbere, hari urucanco rwahinguwe n'amakompanyi abiri Pfizer na BioNtech yo mu Budagi na Amerika ruvugwa ko rukora ku bice birenga 90% inyuma y'aho rugeragerejwe ku bantu barenga 43.000.
Inyuma y'aho, ikompanyi yo muri Amerika Moderna yatangaje ko urucanco rwayo rukora ku rugero rungana hafi ibice 95%, inyuma y'aho narwo nyene rugeragerejwe ku murwi munini w'abantu. Kuri izi zompi, ibi ni ibiharuro vy'intangamarara kandi nta na rumwe ruremezwa.
Mu nyuma, Uburusiya bwatangaje ko urucanco rwabwo rukora ku rugero rwa 92% inyuma y'aho rugeragerejwe ku bantu 16.000 gusa, ni mu gihe rwari rwamaze kwemezwa ko rushobora gukoreshwa mu bihe bidasanzwe mu kwa munani.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashakashatsi bariko bariga izi ncanco zose zitatu baramaze gutangaza ivyo batoye mw'igerageza ryo ku rwego rwo hejuru gusumba Ubushinwa. Hagati aho, Sinovac Biotech nayo iriko irakora igerageza nk'iri nyene, ariko n'aho ataco iratangaza ku bijanye na ryo, si ukuvuga ko aba bashakashatsi bandi hari ico bayisumbije.
Ubu ikiriho, ni ukumenya urucanco ruzotangura gukoreshwa ku mugaragaro. Ukwemeza no guhingura uru rucanco ku rugero runini nico gikorwa nyamukuru kizokurikra, abahinga bakagabisha ko abantu batokwitega amasekeza akomeye yo gucandaga imbere y'umwaka uza.










