Coronavirus: WHO yemeje amategeko yo gupima imiti kama nyafrika

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO yemeje amategeko aha uburenganzira igerageza ry'imiti kama nyafrika mu rugamba rwo kurwanya Covid-19.
OMS ivuga ko ubushakashatsi bwimbitse ari bwo bukwiye kuba umushinge wonyene mu buvuzi kama.
Umuti kama uwo ariwo wose woboneka ko ufise akarusho vyoba ngombwa ko hashirwamwo ishaka rinini kugira ngo ukorwe ku rugero runini .
Umukuru w'igihugu ca Madagasikari yamaze igihe yamamaza umuti kama utarapimwa avuga ko ushobora gukiza Covid-19 n'ubwo OMS igabisha kw'ikoreshwa ry'imiti itarapimwa.
OMS ivuga ko aya mategeko mashasha afise intumbero yo gufasha no gutera intege abahinga muri Afrika kugira ngo bashobore gukora neza amagerageza y'imiti.
Iyi ngingo ije mu gihe igitigiri c'abanduye coronavirus kw'isi carenze imiliyoni 30, n'ayo abo imaze guhitana bakaba barenga 957,000.
Muri Afrika, abarenga umuliyoni 1.3 nibo bamaze kwandura, nayo agarenga 33,000 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.
Gushika ubu, incanco zababa 140 nizo ziriko zirageragezwa kw'isi, iziharurwa muri mirongo zikaba ziriko zirageragerezwa ku bantu.
'Kwongereza umurindi mu bushakashatsi'
Hampande y'utu twigoro, uruhusha rwaratanzwe kugira ngo imiti kama nyafrika ishobore kugeragezwa ku ntambwe ya gatatu.
Umurwi w'abahinga washizweho na OMS, ikigo ca Afrika kijejwe gukurikirana no gukinga indwara, hamwe n'umurwi w'ishirahamwe ry'umuryango w'ibihugu vya Afrika ujejwe imibano, wemeje aya mategeko.
Igerageza ry'imiti rigeze ku ntambwe ya gatatu mu bisanzwe riba rifise intumbero yo kugeragereza iyi miti ku murwi munini w'abantu.
Umukuru w'uyu murwi, Prof Gilbert Matsabisa avuga ati: "Kwemeza izi ngingo ngenderwako bizotuma ibizokwemezwa n'amavuriro ko bikurikije amategeko mpuzamakungu bishobora gutuma iyi miti yizerwa ko ishobora kuvura Covird-19 itagize ingaruka mbi ku magara y'abantu".
Mw'itangazo ryasohowe na muganga Prosper Tumusiime wo mw'ishirahamwe OMS, avuga ati: "Igihe Covid-19 yaduka, co kimwe n'igihe ca Ebola muri Afrika y'Uburengero, vyarerekanye ko ari nkenerwa gutegura imigambi nyayo yo kwitaho amagara hamwe no kwihutisha integuro z'ubushakashatsi n'iterambere, harimwo no ku miti kama".
Mu kwa kane, Perezida Andry Rajoelina wa Madagascar yaratanguje isekeza ryo gutanga umuti witwa Covid-Organics ku bantu benshi, avuga ko ukiza kandi ugakinga iyi ndwara. Wari wageragerejwe ku bantu 20 gusa mu kiringo c'indwi zitatu zonyene.
Bwana Rajoelina ashigikiye uwu muti kama, n'aho iri zinga ryo mw'ibahari Indiyano rifise abantu 15.925 banduye coronavirus hamwe na 216 bishwe na Covid-19.
Uwu muti wo kunywa wakozwe n'ikigo c'ubushakashatsi ca Madagascar, Malagasy Institute of Applied Research, mu giterwa citwa Artemisia gisanzwe gihingurwamwo imiti yo kuvura malaria hamwe n'ibindi biti vyo muri ico gihugu.
Uramaze guhabwa n'ibindi bihugu bitari bike vyo ku mugabane wa Afrika.
Muganga Tumusiime avuga ko biciye mw'ihuriro ry'ishirahamwe OMS ku mugabane wa Afrika (African Vaccine Regulatory Forum ), ubu hari uburyo bwo gupima imiti mu karere igashobora gusuzumwa no kwemezwa mu kiringo iminsi 60.










