Coronavirus: Impari ku muti kama wa Madagascar

Ahavuye isanamu, AFP
Madagascar ivuga ko yatoye umuti uvura coronavirus ariko OMS yoyo ivuga ko gushika kuri ubu "ata cemezo na kimwe" cerekana ko uwo muti ushobora "gukinga canke kuvura" coronavirus.
Ku wa mbere 20/04, umukuru w'ico gihugu Andry Rajoelina yaratangaje umuti avuga ko ushobora gukinga ukanavura umugera coronavirus.
We nyene ubwiwe yaranyoye uwo muti ukozwe mu biti kama anatangaza ko uwo muti mu minsi uzoboneka mu gihugu cose kugira ngo uvure coronavirus.
N'aho yawutangaje ku mugaragaro, umuryango ujejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO uvuga ko ata bushakashatsi bwakozwe n'abahinga kugira ngo bemeze nimba koko uwo muti wa Madagascar uvugwa ko uvura Covid-19 ukora vy'ukuri.
Eka n'ikigo c'igihugu kijejwe ubuvuzi (ANAMEM) kirafise amakenga kuri uwo muti wakozwe n'ikigo c'igihugu kijejwe ubushakashatsi (IMRA).
Ikigo NAMEM kivuga ko uwo muti - Covid-Organics - ushobora kuzogira ingaruka mbi ku magara y'abazowihereza kuko ata "bushakashatsi bwakozwe kugira ngo bwemeze uwo muti".
Uyo muti kama Covid-Organics uhabwa ku buntu abantu ba ntahonikora.
None Covid-Organics ni iki?
Uyo muti ukozwe mu giterwa citwa artémisia - igiterwa gihingurwamwo umuti uvura malaria - hamwe n'ibindi biterwa vyo muri Madagascar.
Ugurishwa mu macupa nk'icayi (tisane) inyuma y'aho bawugeragereje ku bantu badashika 20 mu kiringo c'indwi zitatu, nk'uko umukuru w'ibiro vya Perezida, Lova Hasinirina Ranoromaro, yabibwiye BBC.
Igihe Covid-Organics itangazwa ku wa mbere, Perezida Rajoelina yavuze ati; "Uwo muti warageragejwe - hari babiri bari barwaye barawiherezaubu barakize".
"Uwo muti wo kunywa nk'icayi uvura mu kiringo c'iminsi indwi gusa".
Andry Rajoelina yasavye abanyagihugu ko bonywa uwo muti mu ntumbero yo kwikingira.
Ari imbere y'abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu n'abandi banyecubahiro yavuze ati: "Abanyeshure bategerezwa kuwihereza….buke buke umunsi wose".
Aciye kuri Twitter, Bwana Rajoelina avuga ko yanaronse ubutumwa bwo kumukeza buvuye kwa mugenziwe wa Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Félix Tshisekedi "kuri uwo muti kama Covid-Organics".
Dr Charles Andrianjara arongoye ikigo IMRA, avugako Covid-Organics yokoreshwa mu buryo bwo kwikingira.
Hagati aho, agumana amakenga kw'ikoreshwa ry'uwo muti mu kuvura iyo ndwara, akavuga ariko ko ubushakashatsi bw'ikiganga bwerekana ko "uwo muti usa n'uwushobora gukiza iyo ndwara", nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP risubiramwo amajambo yiwe.
Iryo zinga ryo mw'ibahari Indiano rimaze kumenyesha ko abashika 121 ari bo bamaze kwandura coronavirus, ariko ko ata n'umwe irahitana.
Nta kwihuta
Inyuma y'itanguzwa ry'ikoreshwa rya Covid-Organics, OMS yasohoye itangazo aho ivuga ko gushika kuri ino saha "ata cemezo na kimwe" cerekana ko uwo muti wakorewe muri Madagascar ushobora "gukinga canke gukiza" coronavirus.
Uyo muryango urahagarara cane ku majambo yashikirijwe n'umukuru wawo, Tedros Adhanom Ghebreyesus, aho avuga ko "ata nzira ya hafi" iriho mu ntambara na coronavirus.
Yongera ko y'uko hari ibikorwa vy'igerageza biriko biraka kw'isi mu ntumbero yo kurondera umuti nyawo.
Umupfasoni Ranoromaro umukuru w'ibiro vya perezida wa Madagascar, avuga ko umukuru w'igihugu Rajoelina yari azi neza ko OMS itegerezwa kwubahiriza amategeko ayigenga, ariko y'uko ico gihugu catangaje uwo muti mu bwigenge bwaco.
Ati: "Ni igikorwaciwe co kwitaho abanyagihugu ba Madagascar".
Umwigisha wa kaminuza, Brian Klaas, akaba n'umuhinga ku bibazo vya Madagascar ku kigo ca kaminuza ca Londres, abona ko ibivugwa na Bwana Rajoelina bishobora guteza ingorane ku banyagihugu hakubazanira urukiza.
Yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ati: "Ni ingorane kubera ibituma bibiri - ica mbere ni uko abantu bazonywa Covid-Organics mu gihe bidakenewe".
"Ubwa kabiri ivyo bizotuma abantu bibaza ko bakomeye, bikazobatuma bijajara bakitwara uko batategerezwa, ivyo navyo bikazobashira mu ngorane nini cane, eka banazitere na bagenzi babo".
Avuga ko mu gihe iyo ndwara yokwiragira cane mu gihugu, abantu bashobora "gutikira" kubera ubuvuzi muri ico gihugu atako bwifashe, nayo igihugu kikaba gifise za mashini zifasha abarwayeguhema zitandatu gusa, ku bantu bangana n'imiliyoni 27.
Mu kwa gatatu, ikigo c'igihugu citaho amagara y'abantu gifise icicaro muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, caragabishije kw'ikoreshwa ry'ivyo abantu bibaza ko ari imiti ivura coronavirus, cane cane ikozwe mu biti kama- aho cavuze ko inzira nyayo yo kwirinda kurwara ari ukwirinda kwandura uwo mugera.










