Coronavirus: Iki kiza kiriko gikora ibara mu turere tw’abirabure b’Abanyamerika

Umuji wa Chicago

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abirabura mu muji wa Chicago nibo bageramiwe cane na coronavirus

Ibiharuro biteye agahinda bitangwa n'abajejwe amagara y'abantu mu gisagara ca Chicago vyerekana ibitigiri vy'umurengera vya coronavirus mu banyamerika b'abirabure.

Abirabure bo muri Chicago bangana hafi igice c'abamaze kwandura coronavirus muri ico gisagara, hamwe n'ibice birenga 70% vy'abamaze guhitanwa n'uwo mugera, n'aho bangana n'ibice 30% vy'abanyagihugu baba muri ico gisagara.

Eka n'ibindi bisagara bifise abirabure benshi, harimwo Detroit, Milwaukee, Nouvelles Orléans na New York, navyo nyene vyabaye ikiririmbiro rya coronavirus.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziharurwamwo hafi abantu 370.000 bamaze kwandura uwo mugera, hamwe n'abashika 11.OOO bamaze gupfa.

Ivyo biharuro vya Chicago vyerekana iki?

Gushika ku wa 05 z'uku kwa kane, abantu 1824 kuri 4680 bari bamaze kwandura Covid-19 muri Chicago, bari abirabure, nk'uko vyashikirijwe n'abarongoye ico gisagara ejo ku wa mbere.

Aho ni mu gihe abazungu bari bamaze kwandura ari 847, aba Hispanic (abanyamerika bava muri Amerika y'Epfo bavuga iki Espagnole) 478, hamwe na 126 bakomoka muri Aziya.

Gushika ku wa Mungu, Chicago yari imaze guharurwamwo abantu 98 bamaze gupfa, muri bo ibice 72% bakaba ari abirabure.

b
Coronavirus

Ubwo busumbane buribonekeza mu ntara yose ya Illinois, aho abamaze guhitanwa na Covid-19 ibice 41% ari abirabure, mu gihe bagize ibice 14% vy'abanyagihugu bose baba muri iyo ntara.

Umukuru w'igisata kijejwe amagara y'abantu mu gisagara ca Chicago, Dr Allison Arwady, avuga ko abirabure bari basanzwe babayeho mu buzima bubayabaye ugereranije na bagenzi babo b'abazungu.

Umukuru w'ico gisagara, Lori Lightfoot, avuga ko coronavirus "ibandanya yiha inkumbi mu birabure ba Chicago".

Avuga ko abagenzuzi b'igisagara bashobora kuzunguruka mu maduka kugira ngo barabe ko bose bakurikiza ingingo zo kutegerana.

Umupfasoni Lightfoot, avuga y'uko bibaye ngombwa bashobora gutera umukwabu bagahagarika uruja n'uruza mu turere abantu bakoraniramwo bihereza inzoga zikaze cane, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru gikorera aho muri Chicago, Sun-Times.

Mbega mu bundi burere hoho vyifashe gute?

N'aho coronavirus ivugwa ko "itarenganya", ibiharuro birerekana ko uburere bwose butabangamiwe ku rugero rumwe.

Muri Michigan, Abanyamerika b'abirabure bangana ibice 14% vy'abanyagihugu bose, ariko mu bantu bose bamaze kwandura abirabure bangana n'ibice 33%, nayo mu bamaze kuhasiga ubuzima abirabure bangana n'ibice 41%, nk'uko vyerekanwa n'igisata kijejwe amagara y'abantu muri iyo ntara ejo ku wa mbere.

Muri abo bamaze kwandura muri iyo ntara nyene, abazungu ni ibice 23% , hamwe na 28% vy'abamaze gupfa, nk'uko ivyo biharuro bivyerekana.

Mu gisagara ca Detroit muri iyo ntara ya Michigan, abirabure bangana n'ibice 80%, abashizwe ukwabo muri ico gisagara no mu micungararo yaco bakaba ari ibice 80%.

Ubwo busumbane kandi buribonekeza mu gisagara ca Milwaukee c'intara ya Wisconsin, kiri mu bisagara vyashizwe inyuma cane muri Amerika.

Mu bantu hafi 1000 banduye ku wa gatanu w'indwi iheze muri Amerika, hafi inusu y'abanduye mu gisagara ca Milwaukee bari abirabure, bakaba kandi bangana n'ibice 81% muri 27 bapfuye muri ico gisagara, n'aho abirabure baba muri co bangana n'ibice 26%, nk'uko vyerekanwa n'icigwa cakozwe n'ikigo ProPublica.

Mu ntara ya Louisiana, ibice hafi 40% vy'abamaze guhitanwa na coronavirus biri mu karere ka Nouvelle-Orléans gasanzwe gatuwemwo n'abirabure benshi gusumba abandi.

Muri Amerika, ico kiza kiriko kirunyura ubusumbasumbane bufatiye ku butunzi n'amoko, nk'uko Dr Cameron Webb, umunyamerika w'umwirabure ariko yiyamamariza ubukenguzamateka mu ntara ya Virginia yabibwiye BBC.

Ati: "Ni ukuri kiriko kiragaragaza ubusumbasumbane buri mu gihugu cacu".