Inama ya ONU ijejwe umutekano yongereje ikiringo ca AMISOM

Ahavuye isanamu, AMISOM
Inama y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano kw'isi yafashe icemezo co kwongereza ikiringo ca za ngabo zarungikwa gufasha kugarukana amahoro muri Somalia, zikorera mu rwego ruzwi nka AMISOM.
Nk'uko itangazo ryaraye risohowe ribivuga, izi ngabo zizobandanya ibikorwa vyazo gushika ku wa 31 z'ukwa gatatu 2022.
Vyari bitegekanijwe ko ibikorwa vya AMISOM muri Somalia birangirana n'uno mwaka wa 2021, ni ukuvuga ku wa 31 z'ukwa cumi na kabiri.
Abagize iyi nama uko ari 15 bose bemeje ingingo 2614 isaba AMISOM "gufata ingingo zose nkenerwa, hubahirijwe amategeko mpuzamakungu, ubusugire, ubwigenge n'ubumwe bwa Somalia, mu kurangura iki gikorwa".
Iyi ngingo isigura ko AMISOM izobandanya urugamba rwo kurwanya umuhari ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Islam, al-Shabaab mu gihe ikirindiriye ingingo izofatwa n'ishirahamwe ry'Ubumwe bw'ibihugu vya Afrika ku bijanye na kazoza kayo.
AMISOM yashinzwe mu ntango za 2007, mu ntumbero yo kuja gufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu. Yarashoboye gufata mu mugongo igisirikare c'ico gihugu kwirukana uyo muhari mu bisagara bitari bike wari warafashe, harimwo n'umugwa mukuru Mogadisho.
Hagati aho, uyu muhari uracibonekeza mu bice bitari bike vy'igihugu, cane cane mu mitumba ya kure, aho ubandanya ibitero irya n'ino, haba ku basirikare canke abasivire.
Gushika ubu, ingabo za AMISOM ziva mu bihugu vy'Uburundi, Uganda, Kenya, Ethiopia na Djibuti, zikaba zikwiragiye mu turere dutandatu tugize igihugu ca Somalia.
Hampande y'ibikorwa vya gisirikare, AMISOM irafata mu mugongo abanyagihugu mu bisata bitandukanye harimwo ubuvuzi, amazi meza n'ibindi.










