Haiti: umupfakazi Martine Moïse asizwe n'umukuru w'igihugu yashoboye kuvuga ubwa mbere

Martine Moïse (i bubamfu) avuga ko amosozi yiwe "atazigera yuma" inyuma y'igandagurwa ry'uumgabo wiwe, Perezida Jovenel (aha bafashwe isanamu mu 2017)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Martine Moïse (i bubamfu) avuga ko amosozi yiwe "atazigera yuma" inyuma y'igandagurwa ry'uumgabo wiwe, Perezida Jovenel (aha bafashwe isanamu mu 2017)

Uyu mupfakazi asizwe n'umukuru w'igihugu ca Haiti arasigura ingene vyagenze igihe abicanyi "batabagura" umugabo wiwe n'amasasu bamaze kwinjira mu nzu yabo mw'ijoro.

Martine Moïse avuga ko ico gitero cabaye mu kanya gato, ku buryo umugabo wiwe Jovenel atashoboye no "kuvuga ijambo rimwe rudende".

Perezida Moïse yishwe ku wa 07 z'uku kw'indwi n'abacangero b'abanyamahanga 28.

Umupfasoni Martine Moïse na we nyene yarakomeretse muri ico gitero, aca asimbanwa i Miami muri Florida kuvurwa.

Ejo ku wa gatandatu, yashoboye kwifata ijwi yacishije ku rubuga rwa Twitter, aho yaniyemeje kubandanya igikorwa ciwe. Abantu batari bake bemeje ko koko ari umupfasoni w'umukuru w'igihugu.

Asigura ingene ibintu vyagenze igihe abo bicanyi bagandagura umugabo wiwe, Martine Moïse muri iryo jwi avuga ati: "Mu kanya isase, abo bacangero biteye inzu yanje baca bamijagira amasasu umugabo wanje".

Abandanya ati: "Iri shano nta zina rifise kuko utegerezwa kuba umwicanyi ruhebwa kugira wice umukuru w'igihugu nka Jovenel Moïse, utanamuhaye n'akaryo na gato ngo avuge n'ijambo na rimwe gusa".

Avuga ko umugabo wiwe yishwe ku mvo za poritike - cane cane, akavuga amatora ya kamarampaka ku mpinduka z'ibwirizwashingiro ryari guha umukuru w'igihugu ububasha busumbirije.

Abo bantu atavuze, yavuze ko "bashaka kuzimanganya indoto z'umukuru w'igihugu".

Yongerako ati: "Nishwe n'amarira, ni vyo, ariko ntidushobora kureka ngo igihugu cacu kibure iyo kiva n'iyo kija".

"Ntidushobora kureka amaraso ya Perezida Jovenel Moïse, umugabo wanje, umukuru w'igihugu cacu dukunda cane kandi na we yadukunda, ngo asesekere ubusa".

Perezida Moïse w'imyaka 53 yari umukuru w'iki gihugu ca mbere gikenye ku mugabane wa Amerika kuva mu 2017. Ubutegetsi bwiwe ntibwari bworohewe kuko yahanganye n'ibirego vyo kurya ruswa kandi mu ntango z'uwu mwaka igihugu caranzwe n'imyiyerekano ikomeye ku mugwa mukuru no mu bindi bisagara.

Amatora y'abashingamateka yari ategekanijwe mu kw'icumi 2019 ariko impari zatumye yunguruzwa, vyumvikana ko ubutegetsi bwa Moïse bwari bushingiye ku mategeko wenyene yasohora (décrets).

Yategekanya gutumako amatora ya kamarampaka mu kw'icenda uno mwaka yo kwemeza canke guhakana impinduka z'ibwirizwashingiro.

Mu kwa kabiri igihe abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe bamusabiye gutanga imihoho, Moïse yavuze ko haburijwemwo integuro y'abashatse kumugandagura banatembagaze na reta yiwe.

Ku wa kane, igiporisi ca Haiti ceretse abamenyeshamakuru bamwe mu bagirizwa gukora iki gitero bafashwe n'ibirwanisho bari bafise

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa kane, igiporisi ca Haiti ceretse abamenyeshamakuru bamwe mu bagirizwa gukora iki gitero bafashwe n'ibirwanisho bari bafise

Gushika ubu abateguye ico gitero co ku wa gatatu n'intumbero yabo ntibaramenyekana. Hari ibibazo abantu bibaza ariko bitararonka inyishu, harimwo ukungene abo bicanyi bashoboye kwinjira mu muhana wiwe. Mu ndwi iza, abari bajejwe kumukingira ubuzima bazorengutswa kugira ngo bisigure.

Umwe mu banyaporitike bakomeye batavuga rumwe n'ubutegetsi afise amakenga ku bivugwa. Steven Benoit yahoze ari umukenguzamateka wa Haiti yabwiye iradiyo yo muri ico gihugu Magik9 ku wa gatanu ko atari "abanya Colombia bamwishe", ariko nta vyemezo yatanze.

Igiporisi ca Haiti kivuga ko abenshi muri abo bacangero ari abanya Colombia, mu gihe babiri ari abanyamerika bakomoka muri Haiti.

17 mu bari bagize ako kagwi barafatiwe ku mugwa mukuru Port-au-Prince inyuma yo kurasana. Batatu mu bikekwa barishwe, mu gihe abandi umunani bakiriko barahigwa.

Reta ya Colombia yemeye gufasha Haiti mu matohoza yayo.

Umukuru w'igiporisi ca Colombia Jenerali Jorge Luis Vargas, avuga ko abahoze ari abasirikare 17 ba Colombia bikekwa ko babigizemwo uruhara.

Ubunyamabanga bwa Amerika buvuga ko budashobora kwemeza nimba hari umwenegihugu wa Amerika yahagaritswe.

Ariko, ibinyamakuru vya Amerika na Canada bivuga ko umwe muri babiri bafise ubwenegihugu bubiri, James Solages w'imyaka 35, yamuka muri Florida kandi ko yahoze ajejwe umutekano ku biro vy'ubuserukizi bwa Canada muri Haiti.

Aba ni bamwe mu bafashwe bagirizwa kugandagura umukuru w'igihugu ca Haiti, Jovenel Moïse

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aba ni bamwe mu bafashwe bagirizwa kugandagura umukuru w'igihugu ca Haiti, Jovenel Moïse

Umucamanza ariko arakora amatohoza yabwiye ibinyamakuru ko Solages hamwe n'uyo wundi munyamerika azwi kw'izina rya Joseph Vincent, bavuze ko bari muri ico gihugu nk'abakarimani b'abo bacangero.

Umucamanza Clément Noël yabwiye ikinyamakuru Le Nouvelliste ati: "Intumbero kwari uguhagarika Perezida Jovenel Moïse... ntikwari ukumwica".

Ni nde abazwa Haiti muri uno mwanya?

Ibwirizwashingiro rivuga ko Inama Nshingamateka yategerezwa gutora uwundi mukuru w'igihugu. Ariko haracari impari ku matora yategerezwa kuba mu kw'icumi 2019.

Impinduka kw'ibwirizwashingiro - izo bose badahurizako - zivuga ko umushikiranganji wa mbere ari we yaca ashikirizwa amabanga.

Hagati aho, Haiti isanzwe ifise umushikiranganji wa mbere mfatakibanza, Claude Joseph, hamwe n'uwari aherutse kugenwa, Ariel Henry, ariko akaba atari bwarahire.

Aba bompi bavuga ko ari bo barongoye igihugu.

Ku wa gatanu, hari umurwi w'imigambwe wateye igikumu ku cemezo gitangaza umukuru w'igihugu mushasha - Joseph Lambert - hanyuma Henry ace amubera umushikiranganji wa mbere.

Ibihe igihugu kirimwo ntivyorohereza iki gihugu gutorera umuti ingorane za poritike n''z'ubutunzi zihanze Haiti.