Ivyo tuzi gushika ubu kw'igandagurwa ry'umukuru w'igihugu wa Haiti

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Haiti Jovenel Moïse yagandaguwe n'abicanyi bateye ku muhana iwe ku mugwa mukuru , Port-au-Prince, ku wa 07 z'uku kw'indwi.
Ng'ibi ibizwi gushika ubu.
Vyagenze gute?
Akarwi k'abantu bitwaje inkoho karateye ku muhana wa Perezida Moïse uri muri karitiye Pelerin, hari isaha indwi z'ijoro mu masaha yo muri ico gihugu, aho hakaba hari isaha imwe mu gatondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, ku wa gatatu 07 z'uku kw'indwi.
Barashe uyu mukuru w'igihugu amasasu 12 yose.


Perezida Moïse basanze agaramye hasi, ishati yiwe yuzuye amaraso, ijisho ryiwe ry'ibubamfu barinokoye, nk'uko bivugwa n'umucamanza. Yari afise ibikomere vy'amasasu mu ruhanga, n'ayandi menshi yarashwe mu gikiriza no mu nda. Yapfiriye aho nyene.
Umutambukanyi wiwe, Martine Moïse, na we nyene yararashwe ariko ntiyacikana. Yaciye anyarukanwa n'indege kuvurirwa muri Florida, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi amakuru avuga ko yoba ameze neza.
Umukobwa wabo mukuru, Jomarlie Moïse, yinyegeje munsi y'igitanda ca musazawe kandi ntaco yabaye. We na basazawe babiri bari "ahantu bacungerewe umutekano" nk'uko bivugwa n'abategetsi.
None abo bicanyi bashoboye kwinjira gute?
Ireresi itaremezwa neza n'uruhande rwigenga ariko ivugwa ko yafashwe igihe abo bicanyi binjira muri uwo muhana, yerekana umurwi w'abantu bafise inkoho bashika bari mu mamodoka yera yo mu bwoko bwa SUV .
Hari umugabo aboneka ko yategetswe kuryama hasi yubitse inda, mu gihe hari uwundi nawe yumvikana avuga cane mu congereza akoresheje ivyuma vyongereza amajwi ati "Ni igikorwa ca DEA [US Drug Enforcement Administration}, mwese hasi!"
DEA [US Drug Enforcement Administration} rero ni igisata ca Amerika kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe.
Uwuserukira Haiti muri Amerika, Bocchit Edmond, avuga ko n'aho abateye bari bambaye impuzu z'abajejwe kurwanya ibiyayuramutwe ba Amerika, yemera ko ata kuntu boba koko ari abanyamerika.
Abategetsi bavuga ko ikibanza kiri hagati ya bariyeri y'inzu yiwe cari cuzuye ibirombora vy'amasasu, ivyerekana ko hari amasasu menshi cane yarashwe,
Abo bakoze ico gitero baraboshe babiri mu bakozi bo mu nzu, mu gihe babandanya bavuza induru bavuga ngo "DEA operation" (igikorwa ca DEA).
Barasahuye ibiro vya Perezida Moïse baca biba n'igitabo ca banki (carnet de chèques) carimwo amazina yiwe n'umugore wiwe, banatwara kandi imashini z'ububiko nyabwonko (serveurs) zarimwo amasanamu ya kamera zikoreshwa mu gucungera urugo (camera de surveillance).
Abategetsi babiri b'igisata kijejwe gucungera umutekano wa Perezida Moïse bariko barakorwako amatohoza, bikaba bitegekanijwe ko bumvirizwa na sentare ku magenekerezo ya 13 na 14 z'uku kw'indwi.
Abo bicanyi bavuye gute aho bakoreye ico gitero?
Gushika ubu, hari amakuru make cane ku vyerekeye amasaha yakurikiye ico gitero.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igiporisi ca Haiti yatangaje haciye amasaha 24 Moïse agandaguwe ko hari ukurasana gukomeye muri karitiye Pelerin .
Léon Charles ati: "Twarazibiye [abakoze iki gitero] bariko barasubira inyuma bahejeje gukora iri shano. Kuva ico gihe, turacarasana nabo".
Uyu mukuru w'igiporisi avuga kandi ko bashoboye kurokora abaporisi batatu bari bafashwe mpiri n'abagirizwa gukora iki gitero. Mu ntango yavuze ko bane muri abo bicanyi bishwe muri uko kurasana, ariko ico gitigiri caragabanijwe gushika kuri batatu.
Hari amakuru yavuze ko 11 mu bikekwa ko ari bo bakoze ico gitero bahungiye mu rupangu rw'ibiro vy'ubuserukizi bwa i Port-au-Prince.
Abategetsi ba Taiwan bavuga ko igiporisi ca Haiti cabamenyesheje ko abo bagirizwa ubu bwicanyi bari binyegeje muri urwo rupangu ku wa 08 z'uku kw'indwi, inyuma y'amasaha 24 bakoze ico gitero.
Taiwan yarahaye uburenganzira igiporisi kwinjira muri urwo rupangu maze gihagarika "ata ngorane" abo bantu bose 11 bikekwa bari binyegejeyo.
Babiri muri abo bagirizwa ubu bwicanyi bari binyegeje mu kabande barafashwe n'abanyagihugu bariko barafasha abajejwe umutekano guhiga izo nkorabara.
Ikiziga c'umwe mu bikekwa ko ari bo bakoze ico gitero cagiye gutorwa mu gisenge c'inzu, aho yari yinyegeje maze akavirirana gushika n'aho apfa. Abandi babiri muri bo basanze bapfiriye hafi y'umuhana wa Perezida Moïse.
None ni bande bakoze ico gitero?
Igiporisi ca Haiti kivuga ko:
- Bose hamwe ari 28 bikekwa, muri bo
- 17 baramaze gufatwa
- 3 barishwe
- 8 ntibarashobora kubashirako intoke
Umukuru w'igiporisi Charles avuga ko 26 ari abanya Colombia, abandi babiri nabo bakaba ari Abanyamerika bakomoka muri Haiti.
Abo banyamerika bakomoka muri Haiti bamenyekanye ku mazina ya James Solages w'imyaka 35, na Joseph Vincent w'imyaka 55. Bompi barapfunzwe.
Umucamanza ariko akora amatohoza avuga ko aba babiri babwiye abajejwe amatohoza ko bahawe akazi nk'abakarimani ku rubuga rwa internet.
Aba babiri bavuga ko batari bazi ko hari integuro yo kwica umukuru w'igihugu, ariko bemera ko bari gukora nk'abakarimani igihe bafatwa. Indimi zivugwa muri Haiti ni igi Creole n'igifaransa, mu gihe aba bicanyi bo muri Colombia bobo bavuga iki Espanyole.
Aba banya Colombia bahagaritswe, barerekanywe imbere y'abamenyeshamakuru aho abategetsi ba Haiti banerekanye ibitabo vyabo vy'inzira hamwe n'ibirwanisho bari babafatanye.

Ahavuye isanamu, Reuters
Colombia yemeje ko n'imiburiburi batandatu muri abo bantu bayo bafashwe bahoze mu gisirikare c'igihugu.
Aba banya Colombia babiri basanze bapfiriye hafi y'urugo rwa Perezida bamenyekanye ku mazina ya Mauricio Javier Romeo Medina na Duberney Capador Giraldo.
Ikinyamakuru ca Colombia El Tiempo kivuga ko bompi bahoze ari abasereja (sergeants), bafise imyaka 45 na 40.
Abategetsi ba Haiti bavuga ko umwe mu bafashwe yavuze ko uyu murwi wari umaze "amezi atatu" muri Haiti, ariko amatohoza yakozwe na El Tiempo yerekana ko bamwe muri bo bari binjiye muri Haiti ku wa 06 z'ukwa gatandatu, bajabuka urubibe bavuye muri République Dominicaine/Dominican Republic ihana urubibe na Haiti.
Nk'uko bivugwa n'ico kinyamakuru, bamaze imisi ibiri muri République Dominicaine, aho mbere banagendeye n'imiburiburi ikibanza kimwe c'iratiro. Amasanamu yashizwe ku mbuga hwaniro zabo aberekana bariko bifotoreza ku cibutso c'umurondezi Christopher Columbus.
Ni imvo iyahe yatumye bakora ivyo?
Abategetsi ba Haiti baremeza neza ko aba bantu bahagaritswe ari abacangero kandi ko bari bahawe amafaranga ngo bice umukuru w'igihugu.

Ahavuye isanamu, EPA
Bavuga ko igikorwa nyamukuru ari ukumenya "abateguye" iri gandagurwa ry'umukuru w'igihugu.
Umushikiranganji wa mbere mfatakibanza Claude Joseph avuga ko Perezida Moïse aterekwa ''bamwe mu bashaka kurengera inzego mu gihugu, kandi turemeza ko ibintu nk'ibi bidashobora kubura ingaruka mbi". Gusa ntavuga vyinshi kuri ibi yikeka.
Nta gukekeranya ko Perezida Moïse, yari asanzwe ashorera hanze ibitoke imbere y'uguhabwa ayo mabanga, yagize abansi benshi mu gihe yari umukuru w'igihugu.
Abamunegura bamwagiriza gusesagura itunga ry'igihugu no gukoresha ututrwi tw'inkorabara mu gutera ubwoba abatavuga rumwe nawe, ivyo yagumye yiyamiriza.
Mu 2018, harabaye imyiyerekano mu gihugu igihe ashakiye kuduza igiciro c'igitoro, mu ntango z'uno mwaka naho haraba impari zikomeye zishingiye ku kiringo c'ubutegetsi bwiwe zatumye abanyaporitike bakomeye bamusaba gutanga imihoho.
Kubona ubutegetsi bwiwe bwari bushingiye ku mategeko wenyene yasohora (décrets) mu kiringo c'umwaka wose n'igice inyuma y'aho igihugu kinaniriwe no gutegura amatora y'abashingamateka yari ategekanijwe mu kw'icumi 2019, vyatumye yagirizwa ko yariko ategura intwaro y'igikenye.
Umugambi wiwe wo gutegura amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwashingiro wabandanije utera inzigo abo bamwagiriza ko yashaka kwongereza ububasha bw'umukuru w'igihugu.
Ariko igihe mu kwa kabiri amenyeshereje ko hari umugambi wo kumwica no gutembagaza reta yiwe waburijwemwo, benshi baranse kuvyemera bavuga ko ari amayeri yo kurondera ingene ahendahenda abanya Haiti benshi bari bashavuye.
Ariko gusa, n'aho Haiti yagiye ica mu bibazo vya poritike, umukuru w'igihugu yaheruka kwicwa ari ku butegetsi yihswe mu 1915, hari haciye imyaka irenga ijana.










