Mozambique: Al-shabab, izina ry’urwembe riteye impungenge

Urwembe

Urwembe rusangiye izina n'umuhari w'abarwanyi biyitirira idini rya Islam ubangamiye abanyagihugu bo mu ntara ya Cabo Delgado iri mu buraruko bwa Mozambike rwateye ubwoba abategetsi.

Uru rwembe rwiswe Alshabab rwagiye rwamamara cane mu mwaka uheze.

Abategetsi ubu bafise ubwoba ko hashobora kuba hari isano riri hagati y'izina ry'uru rwembe n'uyu muhari w'abarwanyi wiyita Alshabab.

Umukuru w'igiporisi, Bernardino Rafael, yategetse abapolisi kurondera amakuru yose ajanye n'uru rwembe Alshabab kugira ngo barabe nimba atari kimwe mu bikoresho vyo kwimenyekanisha kw'aba barwanyi.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko amasoko amwe amwe yo mu gisagara ca Pemba, umugwa mukuru w'intara ya Cabo Delgado, abandanya agurisha uru rwembe kuva mu mwaka uheze.

Uru rwembe kandi rwatanguye kuboneka no ku mugwa mukuru Maputo, kandi rukaba ruriko ruragurishwa no mu ntara ya Manica, nk'uko ibi binyamakuru bibivuga.

Aba barwanyi biyita al-Shabab

Izi nyeshamba ziyita al-Shabab, ijambo ry'icarabu risigura "urwaruka" canke "insoresore", zivuga ko ziyoboka umuhari wa Etat Islamique EI canke Islamic State IS.

Hagati aho, uyu si wa murwi al-Shabab wo muri Somalia ufitaniye isano n'umuhari w'intagondwa al-Qaeda kandi ni imirwi ibiri itandukanye.

Mu 2019, izi nyeshamba zatangaje ko zunze ubumwe n'umurwi IS utavuga rumwe na al-Qaeda, usanzwe ufise ivyicaro muri Iraq na Syria.

Zitaziriye Province de l'État Islamique d'Afrique Centrale canke Islamic State Central Africa Province (ISCAP), (mu Kirundi "Intara ya IS yo muri Afrika yo hagati").

Amakungu yagiye kubona ko ibintu bikomeye mu kwa gatatu uno mwaka igihe zifatira igisagara ca Palma, hafi y'akarere kimbwamwo gaze.