US: Umushingamateka Lauren Boebert yarahiye ko azotwara inkoho mu nama nshingamateka

Lauren Boebert

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Madame Lauren Boebert ashishikariza abakozi ba resturant yiwe kugendana ibigwanisho

Umugore aherutse gutorwa mu bushingamateka yiyemeje gutwara inkoho yo mu ntoke y'ubwoko bwa 'pistolet' mu kiringo azoba ari mu nama nshingamateka i Washington DC.

Muri video yasohotse ku wa mungu, uwo mu republicain Lauren Boebert aboneka ariko arashira amasasu mu nkoho yiwe imbere yo gutembera mu gisagara.

Muri iyo video imaze kubonwa incuro zirenga miliyoni zibiri avuga ati: "Nzotwara inkoho yanje i Washington mu nama nshingamateka''.

Ariko umukuru w'igipolisi muri ico gisagara avuga ko afise umugambi wo kuvugana na Madame Boebert ku vyerekeye amategeko akomeye yo kugendana ibigwanisho bicira umuriro.

Madame Boebert afise inzu y'uburiro (restaurant) yitwa Shooters Grill mu gisagara ca Rifle muri Colorado aho abakozi bashishikarizwa kugendana ibigwanisho bicira umuriro.

Ikibazo c'uburenganzira bwo gutunga ibigwanisho cagize ikibanza kinini mu myiyamamazo yiwe mu matora yabaye mu kwezi kwa 11.

Madame Boebert w'imyaka 34 yatorewe guhagararira intara ya Corolado, avuga muri iyo video yashizwe kuri Twitter ku wa mungu ati: ''N'ubwo ubu ngiye gukorera muri kimwe mu bisagara vyubahiriza cane ivyiyumviro bitandukanye muri Amerika, ndahakanye guheba uburenganzira bwanje.

"Nico gituma nk'umugore wa 1,5m z'uburebure n'ibiro 45 mpitamwo kwikingira jewe nyene uko ndabirekurirwa n'amategeko kuko ntawonkingira kurusha uko jewe ubwanje nikingira''

Lauren Boebert ari mu buriro bwiwe Shooters Grill buri i Rifle mu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Madame Boebert avuga ko atawushobora kumurindira umutekano kurusha wenyene

Ariko igipolisi nticatevye kugira ico kibivuzeko, umukuru w'igipolisi muri Washington DC Robert Contee III yabwiye abamenyeshamakuru ati: ''Urya mushingamateka azotangishwa ihadabu nk'iritangishwa uwundi muntu wese afatanywe ikigwanisho mu mabarabara ya Washinton DC''.

N'aho ibwirizwa nshingiro rya Amerika riha abantu uburenganzira bwo gutunga no kugendana ibigwanisho, amategeko abigenga ntameze co kimwe hose.

Abashingamateka n'abakenguzamateka bararekuriwe gutunga ibigwanisho mu biro vyabo no kubijana i Washington DC ariko bitarimwo amasasu.

Ariko, harakenewe uruhusha rwo kugendana inkoho mu mabarabara y'ico gisagara kandi ibigwanisho bivuye mu zindi ntara bitegerezwa kubanza kwandikwa n'abategetsi b'ico gisagara.

Mu kwezi guheze, umugwi w'abakenguzamateka b'aba democrate washikirije integuro yo gukaza amategeko ahasanzwe ku bagize inama nshingamateka na nkenguzamateka.