Imyiyerekano yo kwiyamiriza ibigwanisho mu miji myinshi ya Amerika

Abanyeshuli bahuriye kw'ibarabara Pennsylvania Avenue muri Washington DC

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abanyeshuli bahuriye kw'ibarabara Pennsylvania Avenue muri Washington DC

Ibihumbi amajana vy'abanyamerika bazindukiye mu mabarabara mu bisagara bitandukanye vya Amerika basaba ko hoba igenzugwa rikomeye ku bigwanisho.

Icivugo "March For Our Lives" bisigura "tuje mu mabarabara kubera ubuzima bwacu", cavutse igihe abantu 17 biciwe kw'ishuli rya Florida n'umuntu yarafise inkoho mu kwezi guheze.

Ku munsi wa gatanu, ibiro vy'umukuru w'igihugu White House, vyavuze ko bigiye kwihanikiza igurishwa ry'ibikoresho bituma inkoho zisanzwe zirasa nk'izikoreshwa mu ngwano.

Abaharanira amateka bo basaba ko hashingwa amategeko arambuye kandi menshi.

Imyiyerekano ikomeye iriko ibera Washington DC, ariko hakaba n'iyindi nkiyo ibera ahandi henshi muri Amerika hamwe n'i Londres, Edinburgh, Genève na Sydney.

Abayiteguye bavuga ko abantu baguma bahagaze batashobora gutambuka, kubera ubwinshi bw'abayitavye cane cane mu gisagara ca Washington DC.

Abari mu myiyerekano bashaka gufatira ku bwicanyi bwabereye kw'ishuli ya Marjory Stoneman Douglas High School ya Parkland, ngo bagondoze abanyepolitike ba Amerika ngo bafate ingingo yo kubuza kugurisha inkoho zo mu ntambara.

Ariko abanyamerika ntibumva ico kibazo kumwe, bitewe nuko ibwirizwa shingiro ritanga uburenganzira bwo gutunga inkoho.

Ishirahamwe ry'abatunze inkoho "National Rifle Association" (NRA) rifise ijambo rikomeye naryo ribona ukundi ico kibazo.

Ino myiyerekano ibaye Prezida Trump ari mu karuhuko k'impera y'indwi kw'ihoteli yiwe ya Mar-a-Lago muri Florida, mu bumanuko bw'igihugu.