Trump yidogeye FBI kutabuza ubwicanyi bwo muri Floride

Igitero ca Parklands nico gitero co kw'ishuli kimaze guhitana abantu benshi kuva mu 2012

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitero ca Parklands nico gitero co kw'ishuli kimaze guhitana abantu benshi kuva mu 2012

Prezida Donald Trump wa Amerika yaneguye ikigo kijejwe amatohoza FBI kuba kitashoboye guhagarika ubwicanyi bwabaye ku munsi wa gatatu kw'ishuli ryo muri Floride kandi ngo hari ibimenyetso vy'imburi.

Bwana Trump avuga ko ico kigo gita umwanya mu kurondera kwemeza ko Uburusiya bwagize uruhara mw'iyamamaza ryiwe mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ku butumwa yacishije kuri Twitter yavuze ko FBI ikwiye kwitaho akazi kayo ko atawokwemera ukuntu ico kigo coba kitashoboye gukorera ku bimenyetso vyinshi uwakoze ubwo bwicanyi yari yagaragaje.

Imbere y'ubwo bwicanyi abanyagihugu bari bagize imyiyerekano basaba ko amategeko ajanye nogutunga ibigwanisho yonagugwa

Ahavuye isanamu, JOE RAEDLE

Insiguro y'isanamu, Imbere y'ubwo bwicanyi abanyagihugu bari bagize imyiyerekano basaba ko amategeko ajanye nogutunga ibigwanisho yonagugwa

Imbere y'ubwo bwicanyi, ibihumbi vy'abanyagihugu baragize imyiyerekano muri Floride basaba ubutegetsi gukomeza ibikogwa vyo kugenzura ibigwanisho, bidogera Trump gushiraho amategeko abuza abantu kubitunga.

Bwana Trump yavuze ko uwakoze ubwo bwicanyi, Nikolas Cruz, yabitewe nuko agwaye mu mutwe.