Menya Joe Biden watorewe kuba Perezida wa 46 wa US nyuma yo kugerageza bwa gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Joe Biden yatsindiye kuba umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, atsinda Donald Trump nyuma y'ukurindira kudasanzwe iharurwa ry'amajwi nyuma y'amatora yo ku wa kabiri.
Ni we perezida wa kabiri wo mw'idini gatolika ubayeho mu mateka ya Amerika, nyuma ya John F Kennedy.
Uyu yahoze ari icegera ca Barack Obama, ni we yagenywe n'umugambwe w'abaharanira demokarasi, Democratic Party, kugira ngo awuserukire mu matora y'uyu mwaka.
Ku banywanyi biwe, ni umuhinga mu bijanye na politike mpuzamakungu, akaba yaramaze imyaka itari mike i Washington, afise akarimi gasosa. Ni umuntu akundwa cane mbere ashobora no gushikira abanyagihugu bato bato, akaba kandi n'umuntu yashoboye guhangana n'ibibazo bigoye vy'ubuzima bwiwe.
Ku bamunegura, ni wa muntu abona ko atawumusumvya uburambe, ibi bikamutuma aba umuntu yoroshe kugwa mw'ikosa, bamwagiriza kandi ko ari wa muntu akunda cane abagore.
Imvuzi ya cane?

Ahavuye isanamu, Getty
Biden ni umuntu amenyereye cane imyiyamamazo - yatanguye guhiganirwa kuba umukenguzamateka mu 1973 (haciye imyaka 47), hanyuma atangura kwiyamamaza kuba umukuru w'igihugu mu 1988.
Ni umuntu amenyereye kuryosharyosha abatora, ariko kandi ni wa muntu umwanya wose ashobora gutuma ibintu biyangara, ijambo rimwe gusa ibintu bikaba nabi.
Igihe yiyamamariza kuba umukuru w'igihugu ubwa mbere (iri rigize gatatu), yaratwawe n'igihababu arayoba ari imbere y'isinzi ry'abantu, ivyatumye mbere imyiyamamazo ihera itaranatangura.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu makoraniro, yatanguye avuga ati: "Ba sokuruza banje barakoze mu butare bw'ibizuku - nyiramugengeri mu Kinyarwanda - (mines de charbon) mu karere k'uburaruko bushira ubuseruko bwa Pennsylvania", kandi ko yashavujwe n'uko batigeze baronka akaryo ko kuronka ubuzima bipfuza.
Hagati aho, nta n'umwe muri basekuruza biwe yigeze akora muri ubwo butare - iri ni iryungane yivye (co kimwe n'ayandi atari make) mw'ijambo ry'umunyapolitike w'Umwongereza Neil Kinnock, wewe yari afise abavyeyi bimba ubwo butare bw'ibizuku.
Iki ni co ca mbere muri vyinshi vyagiye kwitwa "amabombe ya Joe".
Mu kwirata ku vyerekeye ivyo yakoze muri politike mu 2012, yateye ibibazo isinzi ry'abantu igihe avuga ati: "Mwa bantu mwe, nagomba ndababwire ko nzi abaperezida umunani bose, batatu muri bo twagiranye imigenderanire idasanzwe", aho nyene aba yitaye mw'isanganya kuko abantu batahuye ko yakoranye imibonano mpuzabitsina nabo, aho gutahura ko bari abagenzi pfa mpfe biwe.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu gihe yari icegera ca Perezida Obama mu 2009 yarababaje abantu igihe avuga ko "bashobora kunanirwa ku rugero rw'ibice mirongo itatu kw'ijana" mu bijanye n'ubutunzi.
Kumbure kandi ni amahirwe yagiriwe yo gutorwa ngo yiyamamarize hamwe n'umukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabure, ariko yari yamuvuze mu buryo butabereye, ko ari "Umunyamerika wa mbere akomoka muri Afrika avuga neza, asa neza, afise isuku akaba umusore w'intore".
N'aho yavuze aya majambo, yarashigikiwe cane n'abirabure benshi muri ino myiyamamazo, ariko rero yagiye kuvyonona igihe yari mu kiganiro n'umunyamakuru w'umwirabure Charlamagne Tha God akavuga amajambo yabaye akaga kuri we, mu kuvuga ati: "Nimba ufise ikibazo co kumenya ko uri uwanje canke uwa Trump, aho ntuba uri umwirabure".
Aha yavuze uku kugira ngo yerekane ko umwirabure wese ategerezwa kumutora.

Ahavuye isanamu, THE BREAKFAST CLUB ON POWER 105.1/Via Reuters
Iri jambo ryonyene ryaratumye ibinyamakuru bimudugako, ariko abajejwe imyiyamamazo yiwe baragerageza gusukamwo mabisi mu kugerageza kwerekana ko atashatse kuvuga y'uko Abanyamerika bafise amamuko muri Afrika bategerezwa gutora we.
Biroroshe cane gutahura igituma umunyamakuru wa NY Magazine yanditse mu mwaka uheze ko "abajejwe imyiyamamazo ya Biden basa n'abitayeho gusumba kugerageza kumubuza kuvuga ivyo atateguye".
Umukambwe mu vy'imyiyamamazo

Ahavuye isanamu, Reuters
Biden ni umuntu ashoboye gukoranya abantu bato bato akabatera akarimi gasosa ata n'ijambo yateguye ahejeje agaca abajamwo - bakaramukanya bagatwenga, akifotozanya nabo kurya kw'abanyamuziki bari mu bafana babo.
John Kerry yigeze kuba umunyamabanga wa leta mbere aranahiganirwa kwiyamamariza kurongora ico gihugu, yabwiye ikinyamakuru New Yorker magazine ati: "Arabakwega akabiyegereza, maze akabahobera, eka agatera inkuru nabo, ni umunyapolitike w'amayeri menshi".
Ariko rero uko kwiyorosha kwiwe ni ingorane kuri we.
Ibirego

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu mwaka uheze, abagore umunani baragirije Biden ko yabakuyakuye, akabagwa mu nda no kubasoma mu buryo butabereye, mbere n'ibinyamakuru vyo muri Amerika birerekana amareresi yerekana ingene yagumbira cane abagore mu makoraniro rusangi - rimwe na rimwe akaboneka umengo ariko yimotereza n'imishatsi yabo.
Mu kwishura kuri ivyo vyamuvuzweko, Bwana Biden avuga ko muri kamere yiwe ata buryarya ashiramwo iyo ariko aganira n'abantu.
Ariko mu kwa gatanu, Tara Reade yaramwagirije ko yamufatiye ku ruhome akamufata ku nguvu igihe yakora mu biro iwe nk'uwurongoye abakozi bo mu biro iwe, haraciye imyaka 30.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Biden arahakana ico kintu yagirijwe mbere n'abajejwe imyiyamamazo banasohoye itangazo ryavuga riti: "Ni ukuri ibi bintu ntivyigeze biba".
Abanywanyi b'umugambwe w'aba Démocrates mu kuvugira umukandida wabo bazokubwira ko hari n'abagore barenga cumi bagirije amenya Perezida Trump ko yabafashe ku nguvu, ariko biragoye gufata nk'ibisanzwe ibintu nk'ibi.
Kuva isekeza #MeToo (Na jewe nyene) ritanguye, aba Démocrates - harimwo na Biden, barashimangira ko igihugu gitegerezwa guha iteka abagore, kandi ukugerageza kurenza uruho rw'amazi ku vyo aregwa biratera ingorane abaharanira agateka ka muntu.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu kiganiro aheruka guha televiziyo, Reade yavuze ati: "Abamuserukira baramvuzeko amajambo mabi cane mbere banambwira nabi ku mbuga hwaniro".
"We ubwiwe ntiyigeze antuka, ariko rero hari ikintu c'uburyarya iyo mu myiyamamazo bagenda bavuga ngo vyaragiye ku murongo - ntavyagiye ku murongo".
Abajejwe imyiyamamazo ba Biden barahakana ibi bivugwa n'uyu mugore.
Kwirinda ayandi makosa nk'ayo

Ahavuye isanamu, Reuters
N'aho muri kahise hari ivyagoranye, abanywanyi ba Biden barizeye ko amayeri yiwe yo kwiyegereza abantu bato bato azomutuma atagwa mu mitego bagenziwe bo mu mugambwe w'aba Démocrates bagiye bagwamwo muri kahise mu gihe bariko biyamamariza kurongora igihugu.
Aramenyereye cane Washington - mu myaka irenga 30 ari umukenguzamateka hamwe n'imyaka umunani yamaze ari icegera ca Perezida Obama - gusa ibi si ukuvuga ko hari ikintu vyama bifasha.

Ahavuye isanamu, EPA
Akarorero ni nka Al Gore (imyaka umunani ari umushingamateka, iyindi myaka umunani ari umukenguzamateka, imyaka umunani kandi ari icegera c'umukuru w'igihugu), John Kerry (imyaka 28 ari umukenguzamateka) na Hillary Clinton (imyaka umunani ari 'Première Dame/First Lady, imyaka umunani ari umukenguzamateka).
Aba bose barananiwe no gutsinda abo bahiganwa bo mu mugambwe w'aba Repubulika wasanga ari inzobere, mu mahiganwa aheruka.
Abanywanyi ba Biden bizeye ko ukwiyorosha kwiwe kuzotuma atamera nk'abo bandi.
Kahise karekare

Ahavuye isanamu, Getty Images
Biden yagiye agira uruhara canke akagira ico ashikiriza mu bihe bikomeye mu myaka mirongo iheze, kandi ibi bishobora kuba bitaboneka neza muri politike ya kino gihe.
Mu myaka ya 1970, yarashigikiye ivanguramoko mu karere ko mu bumanuko bw'iki gihugu, mu kurwanya ingingo yo kuvanga abana badasangiye urukoba mu mashure ya leta mu ntumbero yo kubanywanisha. Iki carabandanyije gukoreshwa mu kumurwanya muri iyi myiyamamazo iheze.
Abo mu mugambwe w'aba Repubulika barakunda kwibutsa amajambo yavuzwe na Robert Gates, umushikiranganji wo kwivuna abansi ku ntwaro ya Obama, aho yavuze ati "biragoye kudakunda" Biden ariko "yarakoze nabi kuri politike mpuzamahanga hafi yose, n'umutekano w'igihugu mu myaka mirongo ine iheze".
Ibibazo vyo mu muryango

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuri Biden, kimwe mu bituma atitandukanya cane n'abandi ugereranije n'abandi banyapolitike ni uko yakozweko cane n'ikintu kitubabaza twese - urupfu.
Mu gihe yariko yitegura ngo arahire, haciye akanya gato atowe ubwa mbere nk'umukenguzamateka, umugore wiwe Neilia n'umukobwa wiwe Naomi bapfiriye mw'isanganya ry'imodoka, abahungu biwe babiri nabo, Beau na Hunter, barakomereka.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu nyuma Beau yagiye kwicwa n'ikivyimba co mu bwonko mu 2016, afise imyaka 46.
Uku kubura abantu benshi biwe ba hafi bakiri bato vyatumye Biden yibonwamwo n'Abanyamerika benshi - bakabona ko n'aho akomeye muri politike kandi atunze, yashikiwe n'amahano asanzwe abashikira nabo nyene.
Gusa ibivugwa ku wundi muhungu wiwe, Hunter, bitanga iyindi shusho.
Ubutegetsi, ruswa n'ububeshi?

Ahavuye isanamu, Reuters
Hunter yabaye umushingwamanza imbere y'uko yigira agasuguru ko mu ci.
Umugore wiwe wa mbere yagiye kwahukana nawe amwagirije kunywa ibiyovyabwenge, inzoga nyinshi no kurara mu bubare bw'abamalaya, mbere aza kwirukanwa no mu gisirikare bamaze kumupima bagasanga anywa urumogi.
Yaremereye ikinyamakuru New Yorker magazine ko umurwizatunga umwe w'Umushinwa yigeze kumuha ubutare bwa diamant/diamond, mu nyuma uyu murwizatunga yagiye kwagirizwa n'Ubushinwa ko yatanze igiturire.
Ukungene Hunter yagiye avanga ivy'igihugu n'ibijanye n'ubuzima bwiwe (mu mwaka uheze yarongoye umugore wa kabiri, haciye indwi imwe gusa babonanye) aho nyene akegeranya amafaranga menshi cane, vyaratumye se wiwe avugwako ibintu bibi.
Abanyamerika benshi barashobora kwumvira impuhwe umuntu yahanganye n'ibibazo vy'ibiyovyabwenge, ariko kubona yaciye azezwa amabanga yamutumye arundarunda amafaranga menshi vyerekana ingene politike ishobora kuba isoko ry'amaronko ku banyapolitike nka ba Biden.
Mu bijanye n'imigenderanire

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk'umuntu afise uburambe muri politike mpuzamakungu, ikintu ico ari co cose coza gicafuza Biden cogira ingaruka mbi cane kuri we.
Yahoze arongoye komite ijejwe imigenderanire mu nama nkenguzamateka, mbere akaba yirata ko yashoboye "kubonana hafi n'abategetsi bose bakomeye kw'isi muri iyi myaka 45 iheze".
Hari abantu bashobora kumubona ko ari ntahompagaze.
Mu 1991, yahakanye itegeko ryo kugomora ingabo mu ntambara yo mu kigobe c'Abarabu, ariko mu 2003 aza kwemeza itegeko ryo gutera Iraki, ariko mu nyuma akaba yahavuye anegura uruhara rwa Amerika muri ico gihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk'umuntu asanzwe agumana amakenga, yarahanuye Obama ko atorungika ingabo muri ca gitero cahitana Osama Bin Laden.
Igitangaje, ni uko bisa n'uko uwari arongoye al-Qaeda atiyumvira cane Biden.
Impapuro zatowe na CIA ikanazisohora zerekanye ko Bin Laden yategetse ingabo ziwe kwica Obama, zikihoza icegera ciwe, kuko yabona ko "Biden atari ashoboye kumusubirira, ivyari guca bita Amerika mu kaga".
Ivyiyumviro vya Biden ntivyakirwa neza na benshi mu rwaruka mu mugambwe w'aba Démocrates, kuko bobo bashaka umuntu yiyamiriza intambara mu buryo bwenyuje, kurya kwa ba Bernie Sanders canke Elizabeth Warren. Ariko Biden wewe yaragiye ku ruhande rw'abashimagije Perezida Trump igihe yica wa mu jenerali wa Irani Qasem Soleimani mu gitero ca drone mu kwa mbere uno mwaka.
'Nonezerwa ndamutse mpfuye ntabaye Perezida'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abihweza ivy'amatora bama bahaye amahirwe menshi Biden gusumba Perezida Trump muri rino higanwa ryo kurongora Amerika.
Aba bompi barateranye amajambo ku bijanye n'imyiyerekano yo kwiyamiriza amabi igipolisi gikorera Abanyamerika b'abirabure, hamwe no ku bijanye n'ingene leta yifashe muri ca kiza karanda ca coronavirus.
Eka mbere n'ikibazo c'udupfukamunwa carabaye ica politike, aho Biden wewe aboneka yambaye agapfukamunwa, mu gihe Trump wewe yafashe inzira itandukanye.
Ariko uretse ivyo guterana amajambo no kwerekana ko ufise abantu benshi mu myiyamamazo, ibibazo bikomeye vyovyo biriho.
Mu myaka mike iheze, igihe yariko yiyumvira nimba yokwiyamamariza kuba umukuru w'igihugu, Biden yacishijemwo ati: "Nonezerwa ndamutse mpfuye ntabaye Perezida".
Ariko ibintu si uko bikimeze.










