Amatora muri US 2020: Joe Biden yatsindiye kuba Prezida

Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Joe Biden yatsindiye kuba umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, atsinda Donald Trump nyuma y'ukurindira kudasanzwe iharurwa ry'amajwi nyuma y'amatora yo ku wa kabiri.

BBC igaragaza ko Bwana Biden yatsinze mu ntara yahiganirwa cane ya Pennsylvania, aronka amajwi arenga 270 y'intumwa zitora, akenewe kugira ushikire intebe ya White House.

Abo ku ruhande rwa Trump berekanye ko umukandida wabo atiteguriye kwemera ko yatsinzwe.

Bwana Biden yavuze ko ubu hageze ko Amerika "yiyunga igakira".

Yagize ati: "Mu gihe ivy'amatora biheze, harageze gushira ishavu hamwe n'amajambo mabi ku ruhande, tukaja hamwe nk'igihugu".

Yavuze ko "atewe iteka kandi acishijwe bugufi" no kuba atowe, abandanya avuga ko igitigiri kitaraboneka c'abitavye amatora "mu nzitizi zitagira uko zingana" vyerekanye ko demokrasi "yashinze imizi mu mitima y'Abanyamerika".

Amatora muri Amerika

Ivyavuye muri aya matora bisigura yuko Bwana Trump ari we mukuru w'igihugu wenyene wa Amerika azoba atwaye ikiringo kimwe kuva mu myaka ya 1990.

Uwiyamamaje hamwe na Bwana Trump, Kamala Harris, vyitezwe ko aba umugore wa mbere abaye icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika.

Ukugaragaza kwa BBC kw'intsinzi ya Bwana Biden gushingiye ku vyavuye mu matora mu maleta yari yarahejeje guharura amajwi, hamwe n'ivyitezwe kuva mu matora mu maleta nka Wisconsin aho guharura bikibandanya.

Ufashe amajwi vy'itezwe ko aronka i Pennsylvania vyitezwe ko aronka amajwi y'intumwa zitora 273.

Ano matora ni yo yitabiriwe cane kuva mu mwaka wa 1900. Bwana Biden gushika ubu amaze kuronka amajwi y'abanyagihugu ashika imiriyoni 74, akaba ari yo menshi umukandida mu matora ya Prezida wa Amerika amaze kuronka.

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abo ku ruhande rwa Trump bamenyesheje ko atiteguriye kwemera ko yatsinzwe

Bwana Trump yaronse amajwi arenga imiriyoni 70, akaba ari yo agira kabiri mu bwinshi umukandida amaze kuronka mu mateka y'amatora muri Amerika.

Prezida Trump yari yatangaje, ata gihamya, ko ari we yatsinze amatora igihe guharura bitari bwahere.

Kuva ico gihe yavuze ko guharura kwabayemwo amakenga, ariko nta vyemezo na bimwe vy'uko habaye ubusuma mu matora.

Nyuma y'aho vyerekaniwe ko Bwana Biden aza gutsinda, Trump ntiyavuye kw'izima, avuga ko Biden ariko "ariyerekana nk'uwatsinze bitari vyo", ashimangira ko amatora yibwe.

Kandi ku ruhande rwiwe barashingishije imanza nyinshi mu ma sentare y'amaleta atandukanye.