Burundi: Bunyoni ati 'mutore mutahe' CNL iti: 'nta ubujijwe kuraba ingene iharura rikorwa'

Amatora mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri kahise k'u Burundi, amatora atari make yamye akurikirwa n'imvururu, imigambwe, leta y'u Burundi n'amashirahamwe mpuzamakungu vyifuza ko amatora y'ejo yoba mu mahoro

Umushikiranganji w'umutekano w'u Burundi agabisha ko kizira ko abanyagihugu baguma ku biro vy'amatora nk'uko vyagiye bisabwa n'abarongoye imigambwe CNL na UPRONA.

Mw'itangazo yaraye asohoye umushikiranganji Alain-Guillaume Bunyoni, avuga ko uwo wese azogerageza guhungabanya umutekano ku munsi w'amatrora atazokwihanganirwa.

Uyu mushikiranganji nawe aragiriza umugambwe CNL ko mu gihe c'imyiyamamazo waranzwe n'ugusotora abo mu yindi migambwe, cane cane abo muri CNDD-FDD, mbere bamwe bagapfa.

Umugambwe CNL wowo uvuga ko ivyo vyerekana ko inzego zari zikwiye guhagararira amatora zihengamiye ku mugambwe uri ku butegetsi.

Itangazo ry'ubushikiranganji bw'umutekano ryagiriza abanyepolitike, cane cane abarongoye imigambwe CNL na UPRONA, ko bagiye bahamagarira abanywanyi babo kuzorindira ku biro vy'amatora gushika babonye ingene amajwi azoba yaharuwe.

Bavuga ko ivyo bizobatuma bamenya ingene batoye.

Yisunze ingingo ya 54 y'itegeko rigenga amatora, umushikiranganji Bunyoni asaba uwuhejeje gutora ko yoca ataha.

Iyo ngingo ivuga ko "Kizira ku batora kwinjira mu biro vy'amatora canke mu micungararo yaho bafise ibirwanisho canke bari mu kirwi".

Abo banyepolitike bobo basaba abanywanyi babo kuzorindirira aho batoreye kugira ngo batahe bamenye ingene batoye, bisunga ingingo ya 63 y'iryo tegeko nyene ivuga iti:

"Guharura amajwi biba ubwo nyene igikorwa co gutora kirangiye, ahabereye amatora. Bikorwa mu muco gushika birangiye hifashishijwe abaharura batowe n'umukuru w'ibiro vy'itora mu baje gutora bazi gusoma no kwandika, bahagarikiwe n'abakuru b'ibiro vy'itora, hamwe n'abaserukiye imigambwe, inani z'imigambwe canke abigenga".

Abuza ivyo abo banyepolitiki basavye abanywanyi babo, umushikiranganji w'umutekano ati: "Turizeye ko ata muntu n'umwe azoshobora kugwa muri uwo mutego kandi ko bazokurikiza amategeko".

Umushikiranganji Alain-Guillaume Bunyoni mw'iryo tangazo, yagiriza umugambwe CNL wa Agathon Rwasa ko abanywanyi bawo badurumbanije umutekano mu myiyamamazo, bagakubita abantu mbere ngo bakanabanyuruza.

Abagiriza gutera no gusotora abanywanyi ba CNDD-FDD, rimwe na rimwe ngo bitwaje ibihiri, inkoni n'imipanga, gusambura ingoro za CNDD-FDD, gutunga ibirwanisho bicira umuriro mu ntumbero yo gutoba amatora, n'ibindi.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko mu kiringo c'indwi zitatu z'imyiyamamazo, abanywanyi ba CNL bishe abo mu mugambwe CNDD-FDD babiri banakomeretsa abashika 49.

Avuga ko igipolisi kimaze guhagarika abantu 186 bagirizwa ayo mabi bariko bakorwako amatohoza.

"Uwibwe ni we yiruka " - CNL

Terence Manirambona, umuvugizi w'umugambwe CNL, wagirizwa cane gukora amabi avugwa, avuga ko abakora ayo mabi bazwi, ko ari "bamwe bamwe mu bajejwe umutekano, abajejwe intwaro, n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi".

Ababazwa n'uko, nk'uko abivuga, "abo bose baguma bakingirwa ikibaba nk'uko umengo ni abamalayika mugabo twebwe bakatwagiriza ibintu bitagira urufatiro".

Ati: "Twebwe ko twabuze abantu babiri bishwe, kandi n'ababishe bazwi, ko ataco abivugako? Ko dufise abantu barenga 50 bakomerekejwe, bagakomeretswa n'Imbonerakure, abajejwe intwaro n'abapolisi barorera, ko ataco yavuze?".

Bwana Manirambona avuga ko gushika ubu abanywanyi babo bashika 300 bapfunzwe, harimwo abari ku ntonde z'abitoza mu bashingamateka no mu bajenama b'amakomine, n'abazohagararira uyo mugambwe ku tuzu tw'amatora.

Bwana Manirambona avuga ko nta na hamwe urongoye CNL "yigeze abwira abantu ngo tera ba kanaka".

Avuga ko ahubwo aho abanywanyi ba CNDD-FDD bakorera amabi aba CNL "hagize abantu bavuga bati none nk'ubu muduhora iki, nibo baca bafatwa. Urumva y'uko uwibwe ariwe yiruka".

Kubw'iwe, "bamwe mu bategetsi no mu bajejwe umutekano ntibigeze bitandukanya n'abanyamigambwe".

Nta ubujijwe kuraba ingene iharura rikorwa

Nayo ku ngingo yo kubuza abantu kuguma hafi y'ibiro vy'itora, Bwana Manirambona avuga ko batabwira abantu ngo bagire ikirwi aho batoreye.

Avuga ko ata ngingo n'imwe iri mw'ibwirizwa rigenga amatora ibuza abantu kuraba ingene iharura ririko riragenda.

Ati: "Bisanzwe bizwi, si irya mbere tugize amatora, abantu barashobora kuraba ukuntu bariko baraharura mu mutekano ntangere".

"Hageze guharura, umurundi wese yatoye arafise uburenganzira bwo kuraba ingene guharura biriko biragenda, maze abajejwe umutekano nabo bakaraba ko atakiriko kironona ivyo bikorwa".

Muri kahise k'u Burundi, amatora atari make yamye akurikirwa n'imvururu.

Terence Manirambona avuga ko bamye bipfuza ko amatora aba neza, akavuga ko bamye basaba abanywanyi babo ko batoba intandaro y'ivyokwononekara muri aya matora.