Burundi: Igipolisi cagiriza CNL ko ikoresha iterabwoba, CNL iti "twara utamena"

Ahavuye isanamu, LANDRY NSHIMIYE
Mu gihe imyiyamamazo mu matora yimirije mu Burundi ibandanya, igipolisi c'ico gihugu cagiriza abanywanyi b'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, CNL, ko bariko barakoresha iterabwoba ku banywanyi b'iyindi migambwe.
Pierre Nkurikiye, avugira ico gipolisi avuga ko abo banywanyi b'umugambwe CNL banyuruje abantu indwi bo mu yindi migambwe, anagiriza n'umukuru w'uyo mugambwe ko yahamagariye abanywanyi biwe kurwanya abo mu yindi migambwe.
Ku ruhande rwayo, CNL irahakana yivuye inyuma ayo majambo, ikagiriza igipolisi ko gikoresha nkunzi kikifatanya n'umugambwe uri ku butegetsi mu guhohotera abanywanyi bayo, n'aho Bwana Nkurikiye atadoma urutoki ku banywanyi b'iyo migambwe avuga ko bakubaguwe.
Umugambwe wa Agathon Rwasa wagiriza urwaruka rwa CNDD-FDD ruzwi nk'Imbonerakure, bamwe mu nzego z'umutekano, hamwe n'abategetsi bamwe ku nzego zo hasi ko bakorera amabi atandukanye abanywanyi b'umugambwe CNL, ivyo CNDD-FDD n'ubutegetsi buhakana.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ejo ku wa gatatu, umuvugizi w'igipolisi yamenyesheje ko ku wa mbere umunsi umugambwe CNL wugurura imyiyamamazo mu gisagara ca Ngozi abanywanyi bayo bakubaguye abandi banywanyi b'iyindi migambwe, mbere bagahakwa no kugandagura bamwe bamwe.
Ati: "Abanywanyi b'uwo mugambwe baragiriye nabi abandi bo mu yindi migambwe bari baciye aho bariko barakorera, ku buryo banyuruje abashika ku ndwi.
"Muri bo harimwo mbere n'umwe banakubise banashaka kumwica, ariko abajejwe umutekano barashobora gutabara bararokora uyo muntu batarashobora kumugandagura".
Inyifato mbi iboneka muri bose
Bwana Nkurikiye avuga ko hari inyifato mbi yerekanwa n'abanywanyi b'imigambwe yose, cane cane CNDD-FDD na CNL, akabasaba ko bokwisunga "amategeko kandi bakazira ibintu vyo kwihanira no kurwana ahobaciye".
Ngo kuko batabihagaritse abajejwe umutekano bazobihagarika, kandi abavyagirizwa bazohagarikwa.
Mu gihe Agathon Rwasa ahamagarira abanywanyi biwe kutemerera umuntu azorondera kubaburagiza mu bikorwa vyabo vy'imyiyamamazo mw'ijambo yashikirije, Bwana Nkurikiye amwagiriza ko abahamagarira kurwanya abo mu yindi migambwe.
Mw'ijambo yashikirije, Bwana Rwasa yaragirije urwaruka rw'umugambe CNDD-FDD ko ruburagiza abanywanyi biwe, anasaba abajejwe umutekano gukora igikorwa cabo.
Abwira abajejwe umutekano, Agathon Rwasa yavuze ati: "Ejo mukumva Imbonerakure yitambitse imbere y'abantu ibabuza ibikorwa vyabo vy'imyiyamamazo hanyuma bagashiranako, ntimuze muvuge ngo ababi ni aba CNL.
"Ni vyashika hakagira umuntu atangira abantu ababuza uburenganzira bwabo nabo bakarondera kuburonka ntimuze muvuge ngo aba CNL nibo babi".
CNL iramirira kure ivyo yagirizwa
Umuvugizi w'umugambwe CNL avuga ko atangazwa n'ivyaraye bishikirijwe n'umuvugizi w'igipolisi, akavuga ko uru rwego rwama rurondera kubatako amakosa rwiyibagije abandi.
Térence Manirambona avugira uwo mugambwe ati: "Igipolisi kivuga y'uko coco gifata inkozi y'ikibi, kidashobora kumenya ko umuntu ari mu mugambwe uyu canke uriya, ariko igitangaje iyo hageze ku banywanyi b'umugambwe CNL bobo kirabamenya.
"Twebwe iyo tuvuze tuti 'imbonerakure yatugiriye nabi' batubwira ko batazi ko ari yo canke atari yo".
Avuga ko atangazwa cane n'ukwumva umuvugizi w'igipolisi yagiriza uyo mugambwe ko wanyuruje abantu, akavuga ko ahubwo hafashwe Imbonerakure zitatu zari zahawe igikorwa co kwandika amanomero ndangamuduga yose yagiye muri ivyo bikorwa hanyuma bagaca bamushikiriza abajejwe umutekano.
Ati: "Biradutangaje rero tugiye twumva ngo abanywanyi ba CNL baranyuruje abantu".
Avuga ko irya n'ino mu gihugu abanywanyi ba CNL babuzwa kubandanya biyamamaza, eka mbere ngo bakabagiriza n'amakosa atari yo, aho atanga akarorero ko mu Rumonge aho avuga ko bafashwe bagirizwa ko bariko bigisha inzu ku nzu.
Ati: "Kuva dutangura imyiyamamazo umugambwe CNDD-FDD warungitse abantu ku mitumba itari mike irya n'ino baca inzu ku nzu, mugabo bishitse ku banywanyi ba CNL vyitwa icaha, vyitwa gusotora".
Térence Manirambona yagiriza abajejwe umutekano ko bakingira ikibaba bamwe bakaburagiza abandi.
Ati: "Ni ibintu biteye amakenga rero kwumva imvugo nka bene izo zishikirizwa n'abajejwe umutekano, tukibaza igituma batagomba gufata kumwe abariko bariyamamaza".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bwana Manirambona yagiriza Imbonerakure ko ahantu hose haba imishamirano ko ari zo ntandaro ya vyose kuko ari zo zibuza abanywanyi babo gukora ibikorwa vyabo.
Nayo ku vyo umuvugizi w'igipolisi yagiriza Agathon Rwasa ko ahamagarira abanywanyi biwe kurwana n'abo mu yindi migambwe, umuvugizi wa CNL avuga ko "bumvise ivyo bashaka bongera babiha insiguro yabo kuko yasavye abama babuza abandi uburenganzira bwabo ko batobibandanya na cane cane muri iki gihe c'amatora".
Ati: "Ni ivyagiriji ata fatiro bifise, ahubwo nyabuna nibafashe kugira ibintu bigende neza, berekane inyifato iranga vy'ukuri igipolisi c'igihugu.
"Nimba batagomvye gutegura guhuvya amatohoza no gupfukera amabi dukorerwa, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ni bwo bwari kuba ubwa mbere kugira ico buvuze".
Ku wa 27 z'uku niho mu Burundi hatangura imyiyamamazo mu matora ategekanijwe kuwa 20 z'ukwa gatanu uno mwaka, ikazobandanya gushika ku wa 17 z'ukwa gatanu hasigaye iminsi itatu ngo amatora nyezina abe.










