Amatora mu Burundi: Imyiyamamazo yatanguye mu cuka atari ciza -HRW

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuri uyu wa 27 niho abazokwitoza mu matora yimirije mu Burundi batanguye icese imyiyamamazo mu ntumbero yo kurondera abanywanyi.
Abakandida indwi bitoza kurwego rw'umukuru w'igihugu,bari kumwe n'abitoza mu bashingamateka hamwe n'abahanuzi bakomine, batangura ibikorwa vyabo mu ntara zitangukanye.
Ku wa 20 z'ukwa gatanu, hategekanijwe amatora atatu, aho Abarundi bazotora umukuru w'igihugu, abashingamateka hamwe n'abahanuzi b'amakomine.
Imyiyamamazo yatanguye mu gihe mu gihugu hamaze gutorwa abantu 14 bandukiye Covid-19, hakanavugwa kandi icuka kibi ca politiki.
Human Rights Watch uyu munsi yatangaje ko ifise amakenga ko amatora atazoba mu mwidegemvyo, aho ivuga ko igihugu kirangwamwo agatotezo n'ayandi mabi akorerwa abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu mpera z'indwi iheze, umukuru w'umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, amenyesha ko imyiyamamazo izokwama itangura isaha cumi na zibiri z'igitondo ikarangira isaha cumi na zibiri z'umugoroba.
Pierre-Claver Kazihise umukuru wa CENI asaba abahiganwa gukora ibikorwa vyabo vyo kwiyamamaza bubahiriza umutekano kandi bagakurikiza amategeko agenga amakoraniro mu kwirinda Covid-19.
Bwana Kazihise kandi asaba abahiganwa kwirinda amajambo yo gutyoza canke gutuka abo bariko barahiganwa.
Mu bahiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye w'umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi uyu munsi aza kwugururira ibikorwa muri komine Bugendana y'intara ya Gitega.
Agathon Rwasa w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutgetsi, CNL, aza gutangurira ibikorwa vyiwe mu ntara ya Ngozi.
Abandi bahiganirwa ico kibanza harimwo Gaston Sindimwo aserukira umugambwe Uprona, Léonce Ngendakumana aserukira umugambwe FRODEBU, hamwe na Domitien Ndayizeye aserukira urunani Kira Burundi.
Hampande y'abaserukira imigambwe, hari kandi n'abigenga babiri aribo Francis Rohero hamwe na Dieudonné Nahimana.
Imyiyamamazo itanguye mu cuka kibi - Human Rights Watch
Ishirahamwe Human Rights Watch riharanira agateka ka zina muntu, rivuga ko iyo myiyamamazo itanguye mu gihe iterabwoba n'ikubagurwa ku batavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'abamenyeshamakuru" vyiraye mu gihugu.
Iryo shirahamwe rivuga ko abakora ayo mabi babarizwa mu bategetsi bo hasi, bamwe mu nzego zijejwe umutekano no mu muhari w'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, kandi bo ubutungane butabakurikirana.
Lewis Mudge arongoye igisata ca HRW igisata ca Afrika yo hagati avuga ati: "Ubukozi bw'ikibi n'ikubagurwa nivyo birangwa mu Burundi kuva mu 2015…
"Biragaragara ko ayo matora azorangwamwo ayandi mabi, aho abategetsi b'u Burundi n'abari mu Imbonerakure bakoresha igikenye kandi ntibahanwe, mu ntumbero yo gufasha umugambwe uri ku butegetsi gutsimbatara kubutegetsi".

Ahavuye isanamu, Getty Images
HRW ivuga ko mu mezi atandatu aheze mu Burundi hibonekeje ubwicanyi, ihohotera, inyuruza, guhagarika abantu bidaciye mu mategeko, iterabwoba n'ikubagurwa, vyakorewe abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
HRW isaba abategetsi b'u Burundi kwihaniza abanywanyi hamwe n'abarongoye Imbonerakure guhagarika ayo mabi.
Sibwo bwa mbere umuhari w'imbonerakure, bamwe mu nzego zijejwe umutekano n'abategetsi bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi bagirizwa amabi nk'ayo, ivyamye vyiyamirizwa n'ubutegetsi hamwe n'abarongoye CNDD-FDD.
Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi CNL urongowe n'icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka, Agathon Rwasa, umenyesha ko abanywanyi bawo irya n'ino mu gihugu bahohoterwa, bagaterwa ubwoba, bakanyuruzwa abandi nabo bakanicwa.
Umugambwe CNDD-FDD wowo uvuga ko ibibazo hagati y'abanyamigambwe biganirwako mw'ihuriro ry'abaserukira iyo migambwe ryama riba uko ukwezi gutashe ritegurwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.
Amatora arateguwe mu gihe mu Burundi naho nyene havugwa ikiza cacoronavirus, abashika 14 gushika ubu nibo bamaze gutangazwa ko banduye, n'aho muri bo bane(4) bakize kandi basubiye mu miryango yabo.










