Burundi: CNL ivuga ko abayo barenga 200 bapfunzwe naho 10 bishwe kubera ivyiyumviro vyabo

Ahavuye isanamu, CNL
Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Burundi usaba ko amabi uriko urakorerwa ahagarara, mu gihe hasigaye iminsi mike ngo imyiyamamazo ku matora yimirije itangure.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru i Bujumbura, umuvugizi w'uwo mugambwe, Térence Manirambona, aragiriza bamwe mu bajejwe intwaro bari mu mugambwe uri ku butegetsi, imbonerakure hamwe na bamwe mu bajejwe igendereza n'igipolisi ko bahohotera bakanaburagiza abanywanyi b'uwo mugambwe mu gihugu.
Ku wa 27 z'uku kwa kane, niho hategekanijwe gutangura imyiyamamazo ku matora ategekanijwe ku wa 20 z'ukwa gatanu, aho Abarundi bazotora umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abahanuzi ba komine.
Asaba "abafata ingingo n'abandi bafise ico botereraku bijanye n'amatora, gufata ingingo zose zikenewe kandi mu mwanya wo kugira ngo amatora azobe ku mugaragaro, atekanye kandi abe ayubahiriza bose".
Afatiye ku majambo ashikirizwa na Perezida Petero Nkurunziza aho avuga ko amatora yimirije "azoba meza cane gusumba ayandi yose amaze kuba", Térence Manirambona avuga ko ukutihanganiranira hagati "y'abanywanyi ba CNDD-FDD n'umugambwe CNL vyabaye ndanse mu gihugu".
Kuri ibi vyagirije, umugambwe uri kubutegetsi uvugako ibibazo hagati y'imigambwe biganirwako mu nama zihuza abarongoye imigambwe zitegurwa buri kwezi n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.
Bwana Manirambona avuga ko abanywanyi ba CNL bakubagurwa, bakaborezwa igufa mbere bakanakorerwa iterabwoba ryo kwicwa irya n'ino mu gihugu.
Avuga ko abanywanyi babo barenga cumi (10) bamaze kwicwa, abandi nk'abo nyene baranyuruzwa banaburirwa irengero mu ntara zitari nke z'igihugu.
Amenyeshako mbere hari n'abari ku ntonde z'abazokwitoza ku nzego zitandukanye hamwe n'abazohagararira uwo mugambwe mu matora bafatwa, bagapfungwa mbere bagahohoterwa mu gihe bamaze gushikirizwa umurwi ujejwe amatora ku rwego rw'igihugu n'intara.
Umugambwe CNL uvuga ko ubu abanywanyi bawo basigaye banaterwa mu mihana yabo canke bavuye mu bikorwa vy'umugambwe wabo, bakababageze n'aho babomorerwa amazu, imirima ikarandurwa canke n'ibitungwa bigatemagurwa.
Avuga kandi ko n'ingoro z'uwo mugambwe zibandanya zisibandanywa, zibomorwa,ziturirwa, aho gushika ubu izirenga 100 zimaze kwononwa.
Mu yandi mabi Térence Manirambona avuga ko akorerwa abanywanyi b'umugamnwe CNL,harimwo iterabwoba ribakorerwa, bagategekwa kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi.
Abategetsi n'ubutungane buhengamye
Bwana Manirambona yagiriza bamwe mu bajejwe intwaro ko bafasha muri ivyo bikorwa bibi canke mu guhishirira ababikora, maze ubutungane nabwo bukikira sindabibazwa.
Ariyamiriza icoyita "amaremenkanya akorerwa bamwe mu banywanyi n'indongozi zawo mu gihugu mu ntara zitari nke bagirizwa ko bariko barahungabanya umutekano kandi ari ibinyoma", mbere "bagacirirwa n'imanza za gihutihuti zicirirwa inyankamugayo zifatwa hatisunzwe amategeko".
Ati: "Hari abanywanyi n'indongozi za CNL bakubitwa mbere bakanapfungwa kubera batitavye ibikorane n'amakoraniro vyateguwe n'umugambwe uri ku butegetsi".
Aragiriza n'abategetsi bamwe bakaba n'abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi ko boba bagirisha amanama yo kubiba urwanko no guhungabanya umutekano w'abanywanyi ba CNL.
CNL isaba leta ko ipfungura abo bose bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo vya politike, cane cane abanywanyi bayo, ikubahiriza amategeko agenga ibikorwa vy'imigambwe n'ayandi mategeko agenga igihugu.

Ahavuye isanamu, BBC
Isaba leta n'umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora kuzokwemanga uruhara rwabo mu gihe amatora yimirije atogenda neza.
Térence Manirambona asaba amakungu gukurikiranira hagufi amatora ariko aratunganywa mu vya politike n'umutekano, hatibagiwe n'amagara y'abantu mu gihe aya matora ariko ategurwa isi ihanganye na wa mugera wa coronavirus.
Mu gihe umugambwe CNL wagiriza abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi,cane cane urwaruka rw'imbonerakure, uyu mugambwe wowo ubandanya uvugako ibibazo hagati y'imigambwe biganirwako mu nama zihuza abarongoye imigambwe zitegurwa buri kwezi n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.
Nancy Ninette Mutoni umuvugizi w'umugambwe CNDD-FDD aherutse kubwira BBC ko hari ihuriro ryashizweho rihuza imigambwe yose ryigirwamwo ibibazo vyose, kandi bikamenyeshwa ubutegetsi.
Ikibazo c'amatora yimirije mu Burundi cagarutsweko mu mubonano w'inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano yaraye ibaye.
Bamwe mubaserukira ibihugu vyabo impungenge z'uko ibintu vyifashe mu gihugu imbere y'ayo matora,bagasaba leta guha urubuga itangazamakuru n'abanyepolitike bose mu gihe kugira ngo azobe mu bwisanzure.










