Umunywanyi w'umugambwe CNL mu Burundi yishwe, batandatu barakomereka

Ahavuye isanamu, @BurundiCnl
Umunywanyi w'umugambwe CNL yarishwe abandi batandatu barakomereka mu gitero cabaye ku banywanyi babo mu ntara ya Muyinga, mw'ijoro ry'ejo ku wa Mungu nk'uko bivugwa n'uyu mugambwe.
Terence Manirambona avugira uwo mugambwe avuga ko abo banywanyi batewe bari mu nzira bataha mu gihe bari bavuye mu birori vyo kwugurura ingoro y'uwo mugambwe ku mugwa mukuru w'intara ya Muyinga.
Avuga ko batumva ingene ivyo vyama biriko biraba kandi abajejwe umutekano bakwiragiye hose, hakaba hari n'amakomite avugwa ko ahurikiyemwo bose.
BBC yagerageje kuvugana n'abajejwe umutekano b'Uburundi ku vyabaye kuri aba banywanyi ba CNL ariko kugeza ubu ntibirashoboka.
Umugambwe CNL uvuga ko abanywanyi bawo babandanya bakorerwa amabi atandukanye harimwo uguhohoterwa, uguterwa ubwoba, ugupfungwa ata mategeko yubahirijwe, ugusinzikarizwa ubuzima, n'amarementanya.
Bwana Manirambona amenyesha ko abo banywanyi babo batewe n'abantu bafise imipanga, ibihiri n'amacupa babarengeramwo barabatemagura, bicamwo uwitwa Nsavyumwami Gregoire.
Avuga ko abatewe bashika 300 bariko basubira muri komine Giteranyi, bakaba barashoboye gufatamwo batatu mu bakoze ico gitero bashikirizwa inzego z'umutekano.
Bwana Manirambona avuga ko abatewe batatabawe, kuko abajejwe umutekano bagiye kuhashika ibara ryaguye.
Avuga ko ivyaraye bibaye bifitaniye "isano n'ibigize iminsi biba irya n'ino mu gihugu vyo gushaka gusomborotsa no kwigenza ku banywanyi b'umugambwe CNL".

Ahavuye isanamu, @BurundiCnl
Hampande y'ivyaraye bibaye i Muyinga, mu gihe hari hasanzwe hategekanijwe kwugururwa ingoro zishika icenda zo muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, ico gikorwa nticabaye.
Bwana Manirambona avuga ko mu gihe indongozi zariko zirategura ico gikorwa zatewe zirakubitwa, ziranyagwa n'amatelefone, ariko guca basivya ico gikorwa inyuma y'ukuvugana n'abarongoye igisagara ca Bujumbura.
Avuga ati: "Twama twituye ubutungane ariko ikibabaje ni uko usanga umengo bifatwa minenerwe, ugasanga nta nyishu iboneka mu gihe bibandanya bifata umurindi".
Arongera ati: "Bisa n'uko ababikora bakingiwe nk'uko umengo hari integuro kanaka, kuko biboneka ko harimwo abantu bakingirwa ikibaba".
Mu mezi abiri, ingoro 18 za CNL ziramaze kwononwa, ziraturirwa, zirabomorwa, zirasigwa amadasahurwa, izindi nazo zirafutanganywa ivyandiko.
Umugambwe CNL uvuga ko ivyo uriko urakorerwa vyerekana ukutihanganiranira mu vya politike.
Ubutegetsi bwo buvuga ko abakora amakosa nk'ayo bayakora ku gatwe kabo, kandi ko bategerezwa guhanwa ku gatwe kabo.
Terence Niyongabo avugira ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati yabwiye radiyo y'igihugu ati: "Ivyo tubona muri kino gihe, ni inkozi z'ikibi zikora ububisha irya n'ino.
Asaba ko haba ugukorana mu nyabune kugira ngo abakora ayo mabi bashikanwe imbere y'ubucamanza.










