2020: umukuru wa CNL Agathon Rwasa asaba abatware kwubahiriza amategeko y’igihugu

Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL wemerewe gukorera ku mugaragaro mu kwezi kwa kabiri 2019

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL wemerewe gukorera ku mugaragaro mu kwezi kwa kabiri 2019

Mu gihe Abarundi batanguye umwaka mushasha, Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL asaba abatware kwirinda gukoresha amategeko atabaho mu ntumbero yo gucinyiza abanywanyi biwe.

Mw'ijambo yashikirije abanywanyi biwe mu guhimbaza umwaka mushasha, Bwana Rwasa avuga ko mu gihugu habandanya hibonekeza abatware bahonyanga amategeko bakishiriraho ingingo zabo zihohotera abo batavuga rumwe.

Kuva umugambwe CNL wemerewe gukorera ku mugaragaro mu kwa kabiri kw'umwaka urangiye, wamye uvuga ko uburabuzwa mu bikorwa vyawo, ingoro zikononwa, abanywanyi bagahohoterwa, mbere n'ukunyuruzwa bakanyuruzwa.

Ivyo biri uko mu gihe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwiyemeje ko buri kwezi buzokwama bubonana n'abarongoye imigambwe mu ntumbero yo gukomeza umubano mwiza.

Mw'iryo jambo ryiwe, umushingamateka Agathon Rwasa, ahanura ko umwaka wa 2020 woba uwo gusezerera ingeso n'ingendo y'indyane kubera badasangiye ivyiyumviro vya politike.

Bwana Rwasa avuga ko mu gihugu hibonekeza ukutihanganiranira mu vyapolitike, abantu bakama bakubiswe, abandi bagapfungwa, ingoro z'umgambwe zikononwa, vyose kubera hari abatware bashing ingingo zitubahirije amategeko asanzwe ahari.

Ati: "Tugira ko dusaba abatware hirya no hino agatotezo tubona bagirira aba CNL bagahagarike. Tubasaba kwubahiriza amategeko agenga igihugu kuko ayo mategeko niyo aha uburenganzira umwe n'uwundi".

"Kuko iyo abatware bahonyanze amategeko bakishiriraho ingingo ziwabo zinyuranye nayo, niho wumva za ndyane mu migambwe ziriko ziraba".

Asaba kwubahiriza itegeko rigenga imigambwe kugira ngo irangure ivyo ifitiye uburenganzira.

Ati: "Hariho ibwirizwa rigenga imigambwe, hariho n'ibwirizwa rigenga amanama n'amakoraniro ku bibanza vyuguruye. Ingingo zimwe zimwe zirirwa zirafatwa n'abatware hirya no hino nta kibanza zifise kuko ayo mategeko ubwayo arakwiye. Tuyubahirije vyose biragenda neza".

Ingoro ya CNL muri zone Minago mu ntara ya Rumonge yabomowe buca yugururwa ku wa 27 z'ukwezi kw'indwi

Ahavuye isanamu, @BURUNDICNL

Insiguro y'isanamu, Ingoro ya CNL muri zone Minago mu ntara ya Rumonge yabomowe buca yugururwa ku wa 27 z'ukwezi kw'indwi 2019

Avuga ko ivyo vyotuma n'amatora yimirije mu kwezi kwa gatanu uno mwaka agenda neza "nk'uko umukuru w'igihugu avyipfuza".

Nayo ku boba bategura kuyiba, Bwana Rwasa asaba abarundi bose kuhabera maso.

Ati" Turumva abahiga kwiba muri ayo matora, ntaco bimaze. Dusaba abarundi bose ko borikanura bakayacungera…".

Mu kwezi kw'icenda kw'umwaka waraye urangiye, bamwe mu barongoye intara z'igihugu n'imigambwe imwe imwe baragirije umugambwe CNL ko wigisha abanywanyi bawo ubugarariji.

Hari mbere n'imigambwe nka FNL, RADEBU n'iyindi, icuditse n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, yagirije CNL ko ariyo nkomoko y'imidugararo yibonekeza hagati mu gihugu, banayagiriza ko ata matora yipfuza kujamwo.

Agathon Rwasa wewe avuga ko abatinya guhiganwa mu matora yimirije kubera ata banywanyi bafise aribo baremeka inteba ishushe umugambwe wiwe n'abanywanyi bawo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 15 /11/2019, Bwana Rwasa yavuze ko iyo migambwe yatoye inzira yo kuwuremeka inteba ishushe kubera atabanywanyi ifise, mu ntumbero y'ukurondera ko wovanwa ku rubuga rwa politike.

"Abavuga ngo CNL ntidushaka kuja mu matora, bakaturemeka inteba ishushe ngo tugomba kuzoyatoba, nibaza ko aribo bahahamutse babonye ukuntu CNL ifise abanywanyi".