Amatora mu Burundi: CNL iramirira kure ivyagiriji vy'igipolisi n'ubutegetsi

Umurundi uri gutora i Bujumbura mu matora y'abadepite n'amatora rusange ku itariki ya 29 y'ukwa gatandatu mu 2015

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugambwe CNL uramirira kure ivyo uherutse kwagirizwa n'umuvugizi w'igipolisi, be n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, ko uriko urahungabanya umutekano w'amatora mu myiyamamazo ibandanya muri ico gihugu.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ku muhingamo w'ejo ku wa gatanu, Térence Manirambona avugira uwo mugambwe, aragiriza abo bategetsi ko bahengamiye ku mugambwe uri ku butegetsi, akavuga ko barenza uruhu rw'amaso ku mabi abanywanyi bawo bakorerwa n'abo mu mugambwe uri kubutegetsi, bamwe mu bategetsi n'abajejwe umutekano.

Ejo ku wa gatanu iminsi 11 yari irangiye abahiganirwa kwitoza mu matora ategekanijwe kuwa 20 z'uku kwa gatanu batanguye imyiyamamazo irya n'ino mu gihugu, aho hari bamwe mu biyamamaza bagirizwa n'ubutegetsi ko basotorana.

Pascal Barandagiye, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, be na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'igipolisi, baherutse kwagiriza bikomeye umugambwe CNL ko uriko uradurumbanya umutekano w'amatora mu gusotora abo mu yindi migambwe, cane cane abo muri CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Muri ico kiganiro, umuvugizi wa CNL avuga ko muri iki kiringo c'imyiyamamazo, hari ingendo n'inyifato y'uguhengamira ku mugambwe uri ku butegetsi yerekanwa na bamwe bamwe mu bajejwe intwaro bakomoka muri uyu mugambwe, bamwe mu bajejwe umutekano n'ubutungane.

Ati: "Muri iki gihe, amatangazo ashikirizwa n'abajejwe intwaro hamwe n'abajejwe umutekano bamwe bamwe afise aho ahengamiye kandi akaba ata yindi ntumbero afise atari uguhisha n'ukunyegeza ukuri ku biriko bibera ku rubuga rw'imyiyamamazo".

Atanga akarorero ka vuba aho umuvugizi w'igipolisi yagirije abanywanyi b'umugambwe CNL ko bishe umuntu mu ntara ya Kirundo, akavuga ko ivyabaye vyakozwe n'urwaruka rw'Imbonerakure, mbere ko n'uyo muntu avugwa ko yishwe ariko aravurirwa mu ntara ya Ngozi.

Arahakana ivyo umugambwe CNL hamwe n'abaywanyi bawo bagirizwa ko bahungabanya umutekano.

Ati: "Umugambwe CNL urabeshuje wivuye inyuma inkuru zihengamye zashikirijwe n'umuvugizi w'igipolisi, aho yagirije abanywanyi b'umugambwe CNL ko bariko barashaka guhungabanya umutekano n'ibikorwa vyo kwiyamamaza".

Izindi nteguro ku mugambwe CNL?

Amenyesha ko abanywanyi babo bariko bakorerwa amarorerwa muri iki kiringo c'imyiyamamazo mu ntara zitari nke z'igihugu, aho hari abanyuruzwa bakaburirwa irengero, abandi bakicwa.

"Abanywanyi b'umugambwe CNL barakomeretswa cane kandi mu ntara zitari nke z'igihugu bivuye ku bitero bagirwako n'abo mu mugambwe uri ku butegetsi ku mutaga canke mw'ijoro".

Yagiriza abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi ko bakora ibitero ku banywanyi ba CNL mu kubatangira iyo bagiye canke bavuye mu myiyamamazo bigatuma haba ubuhangana n'imishamirano.

Ati: "Igiteye amakenga, ni uko ivyo bikorwa bigayitse bikorwa n'abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi na bamwe bamwe mu bajejwe intwaro abajejwe umutekano barorera".

Bwana Manirambona avuga ko ingaruka z'ivyo bitero bikorwa ku banywanyi b'umugambwe CNL ari bo baca bahagarikwa bakongera bagafungwa.

Umugambwe CNL uvuga kandi ko utewe "impungenge n'ifatwa ry'agasakikasi ry'abari ku ntonde z'abazitoza, bagafatwa barementanirijwe, hamwe n'imanza z'ikibiriraho zica zicibwa kugira ngo abafashwe bace binjizwa ibohero ubutarariye".

Ati: "Haribonekeza kandi ihagarikwa n'ipfungwa ry'abanywanyi ba CNL, na cane cane abari ku ntonde, hatisunzwe amategeko, bagahagarikwa bakorewe amarementanya".

Térence Manirambona avuga ko kuva imyiyamamazo itanguye abanywanyi b'umugambwe CNL barenga 200 ari bo bamaze gupfungwa.

Ku bwiwe ibiriko birakorwa vyerekana ko hari izindi nteguro zitaraja ahabona ku mugambwe CNL, ku banywanyi bawo n'indongozi zawo.

Asaba leta ko itohengamira ku ruhande urwo ari rwo rwose mu kugenzura ibikorwa vy'imyiyamamazo.

Asaba kandi ko irekura abanywanyi ba CNL avuga ko bapfunzwe ku karenganyo hamwe no "guhagarika imvugo zo kwagiriza no guca imanza zifise aho zihengamiye" abona ko zishobora guhuvya ubutungane.