Burundi - Amatora: ONU na AU zifise impungenge z'ivyaranze imyiyamamazo

Amatora ategekanijwe k uwa 20 rusama 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika (UA) be n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU aratewe impungenge n'icuka kidahumuriza kiri hagati y'abadasangiye imigambwe mu Burundi mu gihe hasigaye iminsi ibiri ngo habe amatora mu Burundi.

Mw'itangazo ryasohowe na komisiyo ya UA hamwe n'ubunyamabanga bwa ONU, ayo mashirahamwe yompi avuga ko yakurikiraniye hagufi imyiyamamazo yaraye irangiye, akavuga ko atewe impungenge n'iterabwoba n'imishamirano yibonekeje .

Imyiyamamazo yarangiye ejo ku wa Mungu yaribonekejemwo ibikorwa vy'ukutihanganiranira cane cane hagati y'abanywanyi ba CNDD-FDD na CNL.

Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe mpuzamakungu asaba abategetsi b'u Burundi gushiraho icuka ciza cotuma Abarundi bagira uburenganzira bwabo bwa politike n'ugukunda igihugu mu kwihanganiranira no mu mahoro.

UA na ONU zisaba inzego zifise uruhara muri ayo matora yo ku wa 20 z'uku kwa gatanu, inzego z'umutekano n'ibinyamakuru vyegamiye leta, gutanga intererano yavyo mu gukomeza umutekano, wo nkingi y'amatora meza ahurikiyemwo bose kandi yizigiwe mu Burundi.

Asaba abanyapolitike bose kwirinda ivyo vyose vyotuma umutekano uhungabana, amajambo abiba urwanko, bagashira imbere inama n'ingingo kugira ko habe amatora meza imitima iri mu nda.

Mu gihe ibitigiri vy'abandura wa mugera wa Covid-19 bigenda vyiyongera mu gihugu, UA na ONU zisaba abategetsi b'u Burundi gufata ingingo zo gukingira abanyagihugu uwo mugera.

Iryo tangazo risohowe inyuma y'irindi ryasohowe n'ishirahamwe riraba agateka ka zina muntu ku Burundi, Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB), aho rivuga ko habaye imishamirano ikomeye ya politike hagati y'abadasangiye ivyiyumviro.

Iryo shirahamwe rivuga ko ryabonye amabi menshi harimwo n'ubwicanyi bwakorewe abanywanyi b'umugambwe CNL, rikagiriza umuhari wegukira umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, ko ari wo wabikoze.

Rivuga ko amatangazo yasohowe n'umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye, aho avuga ko "ibice 95% vy'ibikorwa bibi vyaranzwe mu myiyamamazo vyakozwe n'abanywanyi ba CNL ata n'umwe yovyemera kandi ko vyerekana y'uko igipolisi c'igihugu gifise uruhande cegamiye".

Mu gihe amashirahamwe avuga ko abanywanyi b'uwo mugambwe CNL bashika 260 bapfunzwe, iryo shirahamwe rimenyesha ko ico gitigiri gishobora kuba kirenga, ngo kuko si bose bamenyekana.

Rivuga ko utunenge twibonekeje kuri ayo matora twatumye Abarundi benshi bata icizere bafitiye umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira ayo matora, CENI, mu gihe ata n'indorerezi mvamakungu zizoba zihari.

Leta y'u Burundi yaragirije abanywanyi b'umugambwe CNL ko bashatse kudurumbanya umutekano w'amatora mu gusotora abo mu yindi migambwe, cane cane abo mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, be n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye, baragirije bikomeye abanywanyi b'umugambwe CNL ko ari bo batumye iyo mishamirano iba.

Bwana Nkurikiye yaranagirije umukuru w'uyo mugambwe ko yahamagariye abanywanyi biwe gutera abo mu yindi migambwe, cane cane CNDD-FDD, ku munsi w'iyugururwa ry'iyo myiyamamazo, ivyo uyo mugambwe uhakana.

Ku ruhande rwawo, umugambwe CNL waramiriye kure ivyashikirijwe n'abo bategetsi bompi, aho wagirije abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD, cane cane Imbonerakure, ko ari bo nkwezi y'amarere.

Terence Manirambona avugira uyo mugambwe aheruka kubwira BBC ko abo bategetsi bahengamiye ku mugambwe uri ku butegetsi, akavuga ko barenza uruhu rw'amaso ku mabi abanywanyi bawo bakorerwa n'abo muri CNDD-FDD, bamwe mu bategetsi n'abajejwe umutekano.

Yavuze ko abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi bakora ibitero ku banywanyi babo, bigatuma haba uguhangana n'imishamirano, mu nyuma abanywanyi b'umugambwe CNL bakaba ari bo baca bahagarikwa bakongera bagafungwa.