Burundi: Igandagurwa ry'umurwizatunga Jackson Simbananiye azwi ‘Kirahwata’

Jackson Simbananiye

Ahavuye isanamu, Social media

Insiguro y'isanamu, Igandagurwa rya Jackson Simbananiye riri kuvugwako vyinshi mu Burundi

Jackson Simbananiye, benshi bari bazi kw'izina rya Kirahwata, yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uno munsi wa kane, muri karitiye Nyakabiga, inyuma y'amasaha anyurujwe ku mugoroba w'ejo ku wa kane.

Amakuru y'inyuruzwa ryuwo murwizatunga azwi cane i Bujumbura yakora mu rudandaza rw'amafaranga yatanguye kumenyekana hafi isaha z'ibiri z'ijoro, bivugwa ko yari avuye muri sauna.

Umuryango wiwe umenyesha ko gushika ubu batazi icatumye yicwa kandi ko ata ngorane yari afitaniye n'abantu.

BBC yagerageje kuvugana n'igipolisi c'Uburundi ntivyashoboka.

Gusa igipolisi cyabwiye abamenyeshamakuru mu Burundi ko Bwana Simbananiye yanyurujwe n'abagizi ba nabi bataramenyekana, ikiziga ciwe cigatorwa mu gatondo uyu munsi ku ibarabara yagandaguwe hakoreshejwe umugozi.

Igipolisi cimenyesha ko itohoza ryatanguye kandi umuntu umwe akekwa yafashwe.

Umwe mu bari mu muryango w'umuhisi Simbananiye yabwiye BBC ko bahawe amakuru ko umuntu wabo atwawe n'abantu batazwi bari mu muduga atashe avuye mu nyubakwa y'ukwiyubikira bita SONA.

Ati: "Mu nyuma niho bukeye twaza twumva ko bamutoye ikiziga muri 'caniveau' kw'ibarabara bita Avenue de la mort mu Nyakabiga', akavuga ko yishwe anizwe.

Avuga y'uko ata bindi bazi uretse ko barindiriye ico abajejwe amatohoza bazobabwira.

Avuga ko muri rusangi ata kibazo yari afitaniye n'abantu.

Ati: "Twebwe gushika ubu nta muntu twari bwumve ngo bashwanye, oya n'ukuri".

Umuhisi Kirahwata yari mu bantu bazwi cane mu gusagara ca Bujumbura muri urwo rudandaza rwo kugura no kugurisha amafaranga.

Yaheruka gufatwa ari kumwe n'umuhungu wiwe be n'umukozi n'abajejwe umutekano mu kw'icenda kw'umwaka uheze yagirizwa kurenga ku mategeko agenga urudandaza rw'amafaranga.

Uyu mugabo yabanje kuba umuntu ukomeye mu mugambwe Frodebu nyuma aja muwa CNDD-FDD.