Igitero ca Dusit cahitanye abantu 14 abandi benshi barakomereka

Umugabo amaze kumenya ko uwiwe yaguye mu gitero, ahozwa na mugenzi wiwe itariki 16/01/2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imiryanyo y'abaguye mu gitero iri mu mubabaro mwinshi i Nairobi

Ubutegetsi bwa Kenya bwamenyesheje ko abantu 14 aribo baguye mu gitero cagabwe kw'ihoteli Dusit yo mu burengero bwa Nairobi ku munsi wa Kabiri, abandi benshi barakomereka.

Mw'itangazo ryarungitswe n'umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta, yavuze ko abagavye igitero bose bishwe ko n'ibikorwa vyo kugaruza umutekano kw'ihoteli ya Dusit vyarangiye.

Umugwi w'intagondwa zigendera ku vyiyumviro vya Isilamu Al-Shabab, niwo wamenyesheje ko wagavye ico gitero.

Bwana Kenyatta yasavye abajejwe umutekano guhiga uwo wese yagize uruhara mw'ico gitero, amenyesha ko atazokwemera uwusubiza inyuma igihugu cari mu nzira y'amajambere.

Prezida Uhuru Kenyatta avuga ko bazohiga uwo wese yafashije abagavye igitero c'ejo kw'ihoteli i Nairobi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Uhuru Kenyatta avuga ko bazohiga uwo wese yafashije abagavye igitero c'ejo kw'ihoteli i Nairobi

Yagize ati: "Turiko turubaka Kenya nshasha iteye imbere, itekanye kandi ya bose, aho umukenya uwariwe wese ashobora gutera imbere. Nta muntu tuzemerera ko adusubiza inyuma.

"Tuzohiga uwo wese yagize uruhara mu gutanga uburyo, gutegura no gukoresha ako kabi kabishe."

Umukuru w'igihugu yavuze ko umutekano ari igikorwa ca bose, asaba abanyagihugu guha amakuru abajejwe umutekano n'ubutegetsi ku bantu bose bateye amakenga canke kuvyo babonye biriko birakorwa.

Abajejwe gutabara bajanye kwa muganga uwakomereye mu gitero kw'ihoteli i Nairobi, itariki 16/01/2019

Ahavuye isanamu, LUIS TATO

Insiguro y'isanamu, Prezida Kenyatta yavuze ko abaguye mu gitero bamaze gushika 14

Amakungu yiyamirije ico gitero

Imbere y'iryo tangazo ry'umukuru w'igihugu, umuryango w'Ubumwe bwa Afrika na Leta Zunze ubumwe za Amerika baneguye ico gitero, bavuga ko bifadikanije n'imiryango y'abakiguyemwo.

Uwurongoye umugwi nyobozi w'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, asaba ibihugu gukomeza inguvu mu kugwanya iterabwoba ku mugabane.