Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca Dusit cahitanye abantu 14 abandi benshi barakomereka
Ubutegetsi bwa Kenya bwamenyesheje ko abantu 14 aribo baguye mu gitero cagabwe kw'ihoteli Dusit yo mu burengero bwa Nairobi ku munsi wa Kabiri, abandi benshi barakomereka.
Mw'itangazo ryarungitswe n'umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta, yavuze ko abagavye igitero bose bishwe ko n'ibikorwa vyo kugaruza umutekano kw'ihoteli ya Dusit vyarangiye.
Umugwi w'intagondwa zigendera ku vyiyumviro vya Isilamu Al-Shabab, niwo wamenyesheje ko wagavye ico gitero.
Bwana Kenyatta yasavye abajejwe umutekano guhiga uwo wese yagize uruhara mw'ico gitero, amenyesha ko atazokwemera uwusubiza inyuma igihugu cari mu nzira y'amajambere.
Yagize ati: "Turiko turubaka Kenya nshasha iteye imbere, itekanye kandi ya bose, aho umukenya uwariwe wese ashobora gutera imbere. Nta muntu tuzemerera ko adusubiza inyuma.
"Tuzohiga uwo wese yagize uruhara mu gutanga uburyo, gutegura no gukoresha ako kabi kabishe."
Umukuru w'igihugu yavuze ko umutekano ari igikorwa ca bose, asaba abanyagihugu guha amakuru abajejwe umutekano n'ubutegetsi ku bantu bose bateye amakenga canke kuvyo babonye biriko birakorwa.
Amakungu yiyamirije ico gitero
Imbere y'iryo tangazo ry'umukuru w'igihugu, umuryango w'Ubumwe bwa Afrika na Leta Zunze ubumwe za Amerika baneguye ico gitero, bavuga ko bifadikanije n'imiryango y'abakiguyemwo.
Uwurongoye umugwi nyobozi w'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, asaba ibihugu gukomeza inguvu mu kugwanya iterabwoba ku mugabane.