Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Al-Shabab yameje ko ariyo yishe umusirikare wa Amerika
Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab wemeje ko ariwo wagavye igitero cahitanye umusirikare wa Amerika, gikomeretsa bandi bane.
Ubwo bwicanyi bwabereye mu bumanuko bushira uburengero bwa Jubaland, aho inteko z'abasirikare ba Amerika zifasha igisirikare c'igihugu kugerageza kwomora abagwanyi ba Al-Shabaab.
Prezida Donald Trump yavuze ko abaguye muri ico gitero ari incungu z'igihugu.
Ni umusirikare wa mbere w'umunyamerika amenyekanye ko yaguye mu ngwano muri Somalia kuva mu kwezi kwa gatanu kw'umwaka uheze.
Abasirikare barenga 500 ba Amerika bafashanye n'abo mu mugwi Amisom bagaba ibitero ku makambi abagwanyi ba Al-Shabab bimenyererezamwo.