Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Misri yuguruye isengero nini cane mu karere k'uburasirazuba bwo hagati i Cairo
Prezida Abdul Fattah al-Sisi yuguruye icese isengero nini cane ku mugwa mukuru mushasha wa politike uri mu buseruko bwa Cairo, inyuma y'umusi umwe ibombe iturikiye iruhande y'isengero y'aba kopute.
Iy sengero nshasha 'Cathedral of Nativity' yasomewemwo imisa ya mbere icungerewe bikomeye ku musi wa mungu, buca ari Noheli y'aba kopute.
Ku musi wa gatandatu, umupolisi yarapfuye ariko aragerageza gutegura bombe yari inyegeje mw'izeke mu gisagara ca Nasr inyuma y'igisagara ca Cairo.
Abakopute bagizwe n'ibice 10% vy'abanyagihugu ba Misri higanjemwo aba Islam benshi.
Benshi bavuga ko reta ibinuba kandi ko itabakingira bikwiye.
Prezida Sisi, yavuze ko avuganira abakristu bagirirwa nabi yabwiye abaje gusenga ko iyugururwa icarimwe ry'iyo sengero n'umusigiti wa Al-Fattah Al- Aleem vyerekanye ubutumwa bw'ubumwe.
Mu gihe yariko arugurura iyo sengero, ashaka kuvuga abanye Misri b'abakristu n'aba Islam, Sisi yagize ati:"Turi umwe kandi tuzoguma turi umwe."
Papa Francis yarungikiye ubutumwa Papa Tawadros II wa Alexandrie, umukuru w'ishengero ry'aba kopute, mu nyuma yaciye asoma misa isaha zitandatu z'ijoro
Umusigiti mushasha wa Al-Fattah Al-Aleem uzoshobora kwakira abantu bangana incuro zibiri z'abo muri iyo sengero, izo nyubakwa zose zikaba ziri kuri uwo mugwa mukuru mushasha uriko uratera imbere.
Aya mafoto yose yegukira abayafashe nk'uko vyanditsweko