Raba ifoto z'iyi mva idasanzwe imaze imyaka 4.400 yatowe

Abahinga mu vyo ubutaka batoye ikintu kidasanzwe - imva y'umupadiri umwe itari bwigere iboneka haraciye imyaka 4.400.

Mostafa Waziri, umunyamabanga mu kanama kajejwe uturere turangwamwo ivya kera yavuze ko uko gutora iyo mva kudasanzwe mu kiringo c'imyaka myinshi iheze.

Iyo mva yatowe mu karere kazwi kw'izina rya Saqqara Pyramid complex mu gisagara ca Misri ifise ibicapo vy'inyandiko za kera z'amabara atandukanye, ibishushanyo hamwe n'abami b'abafarawoni

Ivyo bicapo vyerekana uwuhambwemwo, umupadiri w'ibwami yitwa Wahtye, nyina wiwe, umugore wiwe hamwe n'izindi ncuti.

Abahinga b'ivyakera baratangura kwimba iyo mva uyu musi bakaba biteze gutora ibindi bintu vyinshi harimwo n'ikiziga c'uwahambwe ngaho.

Ibi ni bimwe muvyo bamaze gutora...

All pictures subject to copyright