Habonetse igisagara kimaze imyaka 7.000 mu Misri

Abahinga muvyo akahise mu Misri batoye ivyo bavuga ko ari ibisigarira vy’igisagara cabayeho mu myaka 7.000 iheze.

Bahasanze amazu, ibikoresho, inkono n’itongo ry’abapfuye rinini.

Ivyo bisigaririra biri mu karere k’uruzi Nil, hagufi y’ingoro ya Seti, mu karere ka Abydos.

Abahinga bavuga ko imva 15 batoye zerekana ko ari abategetsi bahambwa muri ico kibanza.

Bigaragara ko ico gisagara cabamwo abategetsi bakomakomeye b’igihugu, abimba ubutare n’abubaka imva zari zikunzwe cane muri ico gihe.

Abahinga bavuga ko iryo torwa ry’ico gisagara rizofasha gusubira guteza imbere igisata c’ingenzi muri ico gihugu casubiye inyuma cane kubera imidurumbanyo yabaye igihe hakurwa ku butegetsi prezida Hosni Mubarak mu 2011.

Abahinga muvyo akahise bafatiye ku bisigarira vy’ibintu (Archeologues), bavuga ko batoye ibintu vyinshi muri ico kibanza, harimwo inzu, inkono hamwe n’ibikoresho bokozwe mu vyuma n’amabuye.

Ariko umumenyeshamakuru wa BBC mu karere ko mu buseruko bwo hagati, Alan Johnston avuga ko ikintu nyamukuru kihari ari itongo ry’abapfu bahatoye.

Bizwi ko abategetsi bakuru n’abubaka imva, boba baragize uruhara mu kwubaka intatemwa z’abami mu bisagara vyeranda vya Abydos, baba muri ako karere.

Igisagara ca Abydos ufise ingoro bizwi ko cakoreshejwe nk’umugwa mukuru wa Misri kera cane.