Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano ku "guhungura ku nguvu" impunzi z'Abarundi makambi ya Nyarugusu na Nduta muri Tanzania
Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu itariki 17 ukwezi kwa mbere mu 2026. Mu kiganiro c'uyu musi turabira hamwe ivyerekeye igikorwa impunzi zo mu makambi ya Nyarugusu na Nduta, zivuga ko ari ico guhungura ku nguvu impunzi z'abarundi zatse indaro mu gihugu ca Tanzania.
Kuva hagati mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, reta ya Tanzania yaratanguye kubomora amazu yose yo muri zone ya 13 na 12 mw'ikambi ya Nyarugusu. Kuri uyu wa mbere na ho, habomowe amazu yo muri zone ya 17 mw'ikambi ya Nduta.
Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières, MSF) rigabisha ko umugambi wo guhungura impunzi z'Abarundi zirenga 50.000 ziri mu makambi mu ntara ya Kigoma iri mu burengero bwa Tanzania ushobora guteza akaga. Mu mpera z'ukwezi kwa 11 mu mwaka uheze, harabaye inama ihuza ibihugu vy'Uburundi, Tanzania n'ishami rya Onu rifasha impunzi kw'isi HCR.
Iyo nama yabereye mu gihugu ca Tanzania, hapfundikwa ingingo zitandukanye harimwo kwiha ihangiro ryo gutahukana impunzi 3000 buri ndwi. Abashika 2000 bategerezwa kuza barava mw'ikambi ya Nduta, igihumbi na co I Nyarugusu.
Bari bumvikanye kandi ko ikambi ya Nduta itegerezwa kugarwa itariki 31 z'ukwezi kwa gatatu 2026, iya Nyarugusu na yo ikwugarwa itariki 31z'ukwezi kwa gatandatu. Harimwo kandi ko guhungura izo mpunzi ku murindi munini kuzotangurana n'ukwezi kwa 12 mu mwaka twaraye turangije.
None muvyo ukuri n'ibiki biriko birabera mu makambi y'impunzi ya Nyarugusu na Nduta?
Ni nde ariko arahatira izo mpunzi guhunguka?
Kubera iki ivyo biba hirengagijwe amategeko?
HCR iriko irakora iki kuri ivyo bivugwa?
Uburundi na Tanzania bivuga iki kuri ubwo bukozi bw'ikibi?
Ibi ni bimwe mu bibazo tuza gushimikirako muri iki kiganiro kigiye kuremeshwa na Cyriaque Muhawenayo.