Sentare ivuga ko Ubwongereza bushobora guhagarika umugambi wa Brexit

Sentare y'umuryango w'Ubumwqe bwa Buraya

Ahavuye isanamu, ECJ

Insiguro y'isanamu, Urwo rubanza rwumvirijwe n'abacamanza 27 b'uwo muryango mu kwezi guheze

Sentare y'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya ivuga ko igihugu c'Ubwongereza gishobora guhagarika umugambi wo kuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya (Brexit) kitiriwe kiragisha inama ibihugu 27 biwugize.

Abacamanza b'iyo sentare bavuze ko ico gihugu gishobora kubikora ntibihindure amasezerano cari gisanganywe ka munyamuryango.

Umugwi w'abanyepolitike bagwanya umugambi wa Brexit bavuga ko Ubwongereza bushobora guhagarika bwonyene uwo mugambi, ariko leta hamwe n'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya bakaba batabishigikira.

Iyo ngingo isohotse hasigaye umunsi umwe ngo abashingamateka bagire ico bashikirije ku mugambi wa Theresa May wo kuvana n'Uburaya.

Vyitezwe ko abashingamateka baterera kure uwo mugambi mu matora ategekanywa ku munsi wa kabiri mw'ijoro.

Umumenyeshamakuru wa BBC akorera i Buruseli Adam Fleming yavuze ko kubona intahe yemeje ko Ubwongereza bushobora kuguma mu muryango wa Buraya, ko ivyo bishobora gutuma abashingamateka batora muri iyo nzira nyene.

Ariko ngo hotegerezwa guhinduka vyinshi muri politike y'Ubwongereza kugira ngo bugume mu muryango w'ibihugu vya Buraya, Madamu May na leta yiwe mu gihe boba bahinduye iciyumviro bigasabwa ko bigaragara no muri politike.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Umutegetsi mukuru muri Sentare y'Ubumwe bwa Buraya yavuze mu ndwi iheze ko nawe nyene yemera ko Ubwongereza bukwiye guhindura aho buhagaze, ku bijanye no kuvana n'Uburaya.

Sentare yavuze ko Ubwongereza bushobora kugumya amasezerano busanganywe - ntibuhatigwe kwinjira mu muryango w'ihera rimwe "euro" canke ngo buje mw'ishirahamwe Schengen ry'Umuryango wa Buraya ku bijanye n'uruza n'uruja rw'abanyagihugu - aho ibitabu vy'inzira (passeports) bitirigwa bisuzumwa.

Ariko ingingo yo kuguma mu muryango itegerezwa kwisunga ingendo ya demokarasi, ikemezwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Abanyepolitike bashingishije urubanza
Insiguro y'isanamu, Abanyepolitike bashingishije urubanza kuva hejuru mu bubamfu Catherine Stihler, Joanna Cherry, David Martin; (kuva munsi i bubamfu) Alyn Smith; Ross Greer na Andy Wightman

Abaharanira kuguma mu Muryango wa Buraya bizeye ko intsinzi y'urubanza ishobora gufasha umugambi wa Brexit ugahagarikwa, bigashobora guca mu yandi matora kamarampaka.

Ariko umushikiranganji w'ibidukikije Michael Gove aharanira ukuva mu muryango wa Buraya we yabwiye iradiyo BBC Radio 4 ko abahamagaza amatora ya kabiri ari "abantu batemeye amatora ya mbere, batemeye aho demokarasi yashize, bipfuza kuyavuguruza".

Abandanya agira ati: "Ntitwipfuza kuguma mu Muryango wa Buraya. Amatora yarabishize ahabona, imiliyoni 17.4 baratanze ubutumwa butomoye ko bipfuza kuva mu Muryango wa Buraya, ivyo bigasigura no kuva mu bucamanza bwa Buraya."

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Jeremy Hunt yabwiye BBC ko abanyagihugu "bogwa mu gahundwe no mu gashavu" igihe leta yoteba kuva mu muryango wa Buraya kandi "atarico cipfuzo ca leta."