Abongereza mu myiyerekano yo gusaba ayandi matora ya Brexit

Abakoze imyiyerekano inyuma y'imyaka ibiri hatunganijwe amatora yo kuva mu muryango wa Buraya, batanguye 13:00 BST
Insiguro y'isanamu, Abakoze imyiyerekano inyuma y'imyaka ibiri hatunganijwe amatora yo kuva mu muryango wa Buraya, batanguye 13:00 BST

Ibihumbi vy'abanyagihugu bagiye mu myiyerekano mu gisagara ca Londres basaba amatora kamarampaka ya nyuma ku bijanye n'umugambi wo kuva mu muryango wa Buraya (Brexit).

Abari mu myiyerekano bayikora batumbera inyubakwa y'amanama ashinzwe amateka, ku munsi wo kwibuka amatora kamarampaka yakozwe yo kuva mu muryango wa Buraya.

Abayiteguje, "People's Vote" bavuga ko Brexit "atari amasezerano yaheze" ko abanyagihu bategerezwa "gutanga ivyiyumviro vyabo".

Ivyo bishitse mu gihe bamwe mu bashikiranganji bakomeye barimwo Liam Fox na David Davis, baheruka kuvuga ko Ubwongereza bwiteguye kuva mu biganiro ata n'amasezerano arinze kuba.

Iyo myiyerekano ifise intumbero yo kugondoza Theresa May ku mugambi wa Brexit

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyo myiyerekano ifise intumbero yo kugondoza Theresa May ku mugambi wa Brexit

Iyo myiyerekano iri mu yategekanijwe muri rino ci, aho abayiteguje bipfuza kuremera Theresa May na Jeremy Corbyn.

Hari abandi bantu baharugwa mu majana bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza iyariko iraba bo mu migwi "UK Unity" na "Freedom".

Imigwi UK Unity na Freedom yari mu yindi myiyerekano yo kugwanya abipfuza kuguma mu muryango wa Buraya
Insiguro y'isanamu, Imigwi UK Unity na Freedom yari mu yindi myiyerekano yo kugwanya abipfuza kuguma mu muryango wa Buraya

Uwigeze kugwana mu ngwano ya kabiri y'isi yose Stephen Goodall w'imyaka 96, niwe yari arongoye abashigikira kuguma mu muryango w'ibihugu vya Buraya kuva ahitwa Pall Mall uja mu kibanza c'inyubakwa y'amateka.

Abanyagihugu bazomereye bagereje ibarabara Downing Street.

Bamaze kwerekana ko bashavuriye umushikiranganji wa mbere, hari abaciye batangura kubaza bati "Jeremy Corbyn arihe?"

Umwe mu bateguye iyo myiyerekano, James McGrory ari mu mugwi "Open Britain" yavuze ko hakwiye "gutogwa kuva kuvamwo habanje kuba amasezerano leta isavye, canke kuguma mu muryango w'ibihugu vya Buraya".

"Ariko igihambaye kurusha ni uko bidakwiye kwemezwa n'abanyepolitike 650 ba Westminster...Brexit ni ingingo ikomeye itegerezwa kwinjizwamwo abantu imiliyoni 65 z'abanyagihugu, ari naco gituma uno munsi abanyagihugu bari mu myiyerekano basaba ko hoba amatora," niko yavuze.

Umukinyi w'isinema Sir Tony Robinson yari muri iyo myiyerekano

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'isinema Sir Tony Robinson yari muri iyo myiyerekano
Uwagwanye ingwano ya kabiri y'isi yose Stephen Goodall, 96, yari muri iyo myiyerekano

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwagwanye ingwano ya kabiri y'isi yose Stephen Goodall, 96, yari muri iyo myiyerekano

Mu matora kamarampaka amaze imyaka ibiri atunganijwe abanyagihugu 51.9% kuri 48.1% nibo bemeje ukuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya.

Ubwongereza butegekanya gusohoka uwo muryango itariki 29 ukwezi kwa gatatu mu 2019. ,

Leta itegekanya gukoresha amatora mu nama zishinzwe amateka ku masezerano ya nyuma mu mezi ari imbere, ariko ntawuzi ikizokurikira igihe batoyemeza.