Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abongereza mu myiyerekano yo gusaba ayandi matora ya Brexit
Ibihumbi vy'abanyagihugu bagiye mu myiyerekano mu gisagara ca Londres basaba amatora kamarampaka ya nyuma ku bijanye n'umugambi wo kuva mu muryango wa Buraya (Brexit).
Abari mu myiyerekano bayikora batumbera inyubakwa y'amanama ashinzwe amateka, ku munsi wo kwibuka amatora kamarampaka yakozwe yo kuva mu muryango wa Buraya.
Abayiteguje, "People's Vote" bavuga ko Brexit "atari amasezerano yaheze" ko abanyagihu bategerezwa "gutanga ivyiyumviro vyabo".
Ivyo bishitse mu gihe bamwe mu bashikiranganji bakomeye barimwo Liam Fox na David Davis, baheruka kuvuga ko Ubwongereza bwiteguye kuva mu biganiro ata n'amasezerano arinze kuba.
Iyo myiyerekano iri mu yategekanijwe muri rino ci, aho abayiteguje bipfuza kuremera Theresa May na Jeremy Corbyn.
Hari abandi bantu baharugwa mu majana bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza iyariko iraba bo mu migwi "UK Unity" na "Freedom".
Uwigeze kugwana mu ngwano ya kabiri y'isi yose Stephen Goodall w'imyaka 96, niwe yari arongoye abashigikira kuguma mu muryango w'ibihugu vya Buraya kuva ahitwa Pall Mall uja mu kibanza c'inyubakwa y'amateka.
Abanyagihugu bazomereye bagereje ibarabara Downing Street.
Bamaze kwerekana ko bashavuriye umushikiranganji wa mbere, hari abaciye batangura kubaza bati "Jeremy Corbyn arihe?"
Umwe mu bateguye iyo myiyerekano, James McGrory ari mu mugwi "Open Britain" yavuze ko hakwiye "gutogwa kuva kuvamwo habanje kuba amasezerano leta isavye, canke kuguma mu muryango w'ibihugu vya Buraya".
"Ariko igihambaye kurusha ni uko bidakwiye kwemezwa n'abanyepolitike 650 ba Westminster...Brexit ni ingingo ikomeye itegerezwa kwinjizwamwo abantu imiliyoni 65 z'abanyagihugu, ari naco gituma uno munsi abanyagihugu bari mu myiyerekano basaba ko hoba amatora," niko yavuze.
Mu matora kamarampaka amaze imyaka ibiri atunganijwe abanyagihugu 51.9% kuri 48.1% nibo bemeje ukuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya.
Ubwongereza butegekanya gusohoka uwo muryango itariki 29 ukwezi kwa gatatu mu 2019. ,
Leta itegekanya gukoresha amatora mu nama zishinzwe amateka ku masezerano ya nyuma mu mezi ari imbere, ariko ntawuzi ikizokurikira igihe batoyemeza.