"Abapfasoni barakeneye kumenya inkurikizi zivuye ku ngorane y'ingovyi canke placenta"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaganga bakomeye bo mu Bwongereza bavuga ko abapfasoni bimirije kwibaruka bategerezwa kubwirwa ko ingorane zishobora kuba ku ngovyi ziyongera inyuma yo kubagwa uriko uravyara canke inyuma yo gufata imiti y'uruvyaro.
Amategeko ngenderwako y'ishure ryigisha ivyo kuvyara, Royal College of Obstetricians and Gynaecologists (RCOG), avuga ko ukumenya hakiri kare uko ingovyi imeze ari vyiza cane.
Bongerako ko abaganga bategerezwa kuganira n'abapfasoni ku buryo bwiza bashobora kuvyaramwo.
Uburyo avyaramwo bushobora gutuma ava cane mbere rimwe na rimwe bugahakwa guhitana amagara y'umuvyeyi n'ikibondo.
Ingorane za Kim Kardashian na Amanda Holden

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umupfasoni rurangiranwa azwi cane ku mboneshakure, Kim Kardashian, yaragize ingorane y'ingovyi igihe yari akuriwe n'imbanyi y'umwigeme wiwe North West.
Umumeyeshamakru ku mboneshakure Amanda Holden na we yaragwaye ingwara idakunze kuboneka y'ingovyi ya placenta, praevia-accreta, igihe yari yibungenze umwana wiwe w'umukobwa Hollie.
Ingwara ya Placenta praevia ni igihe ingovyi iba iri hasi cane mu gitereko gushika mbere n'aho icugara.
Ivyo vyose bishobora gutera kuva amaraso birenze urugero, na cane cane mu mezi ya nyuma yo kwibungenga kubera yuko ingovyi iba iri hasi cane mu gitereko.
Ibi bishobora gusaba ko haba ukwongererezwa amaraso bikanatuma umuntu atakaza igitereko.
RCOG yarashize inyigisho ku rubuga zigenewe abapfasoni bashobora kuba bafise ivyo bibazo. Ushobora kuja ku rubuga rwa RCOG ukanze ngaha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bavuga ko ingwara ya praevia na placenta accrete zongerekanye kandi bisa n'uko zizobanda kwiyongera kubera kubandanya kubaga abavyeyi bashaka kwibaruka n'ikoreshwa ry'ubuhinga bwo gufasha gusama inda, IVF.
Ibi ni kubera ibikomere bitewe no kubagwa mu gitereko canke imiti y'uruvyaro, ariko nakwo kenshi imbanyi ihagarara, igaca itera ikibazo mu ngovyi.
Ibibazo vyinshi umuvyeyi n'umwana bagira biva ku ngorane z'ingovyi zigaragaye igihe co kwibaruka, nk'uko bivugwa na kaminuza ya RCOG.
Ivyo rero bisaba ubundi buryo budasanzwe bwo gufasha mu kugabanya ivyo bibazo bigeramiye abavyeyi n'abana.










