Abana binjijwe mu gisirikare na Lubanga bahawe inshumbusho

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, bageneye inshumbusho y'imiriyoni 10 z'amadolari, abana binjijwe mu gisirikare ca Thomas Lubanga muri Kongo.
Bivugwa ko ari ubwa mbere abana bahawe inshumbusho muri ubu buryo n'iyi sentare.
Mu 2012 bwana Lubanga yahamwe n'icaha co kunyuruza abana b'abahungu n'abakobwa, bamwe bafise imyaka indwi gusa.
Abahungu bategekwa kurwana mu ntara ya Ituri iri mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, abakobwa bagakoreshwa nk'abacakara bo gusambanya.

Ahavuye isanamu, Reuters
Bwana Lubanga yakatiwe igipfungo c'imyaka cumi n'ine, niwe azotegerezwa kuriha iyo nshumbusho.
Amashirahamwe y'abagiraneza akorana n'abo bana avuga ko benshi binubwa n'imiryango yabo hamwe n'ikibano, bamwe mbere bakirukanwa.






