Abana binjijwe mu gisirikare na Lubanga bahawe inshumbusho

Igisirikare ca Lubanga categeka abana b'abahungu kuja kurwana mu buseruko bwa Kongo

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Lubanga categeka abana b'abahungu kuja kurwana mu buseruko bwa Kongo

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, bageneye inshumbusho y'imiriyoni 10 z'amadolari, abana binjijwe mu gisirikare ca Thomas Lubanga muri Kongo.

Bivugwa ko ari ubwa mbere abana bahawe inshumbusho muri ubu buryo n'iyi sentare.

Mu 2012 bwana Lubanga yahamwe n'icaha co kunyuruza abana b'abahungu n'abakobwa, bamwe bafise imyaka indwi gusa.

Abahungu bategekwa kurwana mu ntara ya Ituri iri mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, abakobwa bagakoreshwa nk'abacakara bo gusambanya.

Thomas Lubanga niwe azoriha inshumbusho yagenywe n'abacamanza

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Thomas Lubanga niwe azoriha inshumbusho yagenywe n'abacamanza

Bwana Lubanga yakatiwe igipfungo c'imyaka cumi n'ine, niwe azotegerezwa kuriha iyo nshumbusho.

Amashirahamwe y'abagiraneza akorana n'abo bana avuga ko benshi binubwa n'imiryango yabo hamwe n'ikibano, bamwe mbere bakirukanwa.