Abantu 8 bapfuye bacanyeko binjira kuraba umupira muri Malawi

Abantu 8 bapfuye abandi benshi barakomereka bariko baravyigana binjira muri "stade" kuraba umupira w'amaguru wahuza imirwi ibiri ya mbere ikomeye muri Malawi.
Umumenyeshamakuru wa BBC, Frank Kandu, yavuze ko ikibuga c'inkino c'igihugu "Bingu National Stadium" kiri ku mugwa mukuru Lilongwe cakira abarorerezi 40000, ariko kikaba cari cuzuye gushika ku bunwa mu rukino Nyasa Big Bullets watsinzemwo Silver Strikers.
Prezida Paper Mutharika yavuze ko "yaguye mu gahundwe" ntiyagiye kuraba urwo rukino rwari mu birori vy'ukwikukira kw'igihugu.
Yari yaserukiwe n'umushikiranganji w'inkino, Henry Mussah.
Umukuru w'igipolisi Lexan Kachama yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters, ko abana indwi hamwe n'umuntu akuze aribo bapfiriye muri ukwo kuvyigana kandi ngo igitigiri kigashobora kuduga.






