OMS/WHO igabisha ko Africa ihanzwe n'igihuhusi kigira gatatu ca Covid

OMS ivuga ko Afrika ikeneye amamiriyoni y'incanco

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, OMS ivuga ko Afrika ikeneye amamiriyoni y'incanco

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO rigabisha ko Afrika iri hafi yo guhura n'igihuhusi kigira gatatu ca Covid-19, ko rero ari nkenerwa kwongereza incanco.

Igitigiri c'abamaze kwandura iki kiza carenze imiriyoni zitanu mu gihe ibihugu bishika indwi vy'uwu mugabane ata ncanco bigifise.

Umukuru wa OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti, avuga ati: "Afrika irakeneye amamiriyoni yandi y'incanco muri kino gihe".

Afrika y'Epfo, Maroc, Tunisia, Ethiopia na Misiri nivyo bihugu bifise abanduye benshi gusumba ibindi ku mugabane wose.

Uganda na Namibia birahanzwe n'igihuhusi ca gatatu ca Covid kiriko kiriha inkumbi, aho buri musi gihitana abatari bake.

OMS ivuga ko abantu 136.000 bamaze guhitanwa n'iki kiza mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

Ubwoko bushasha bwa coronavirus bwiswe Delta buramaze kwibonekeza mu bihugu 14, mu gihe ubundi nabwo bwiswe Beta bwatanguye kwibonekeza muri Afrika y'Epfo, bumaze kugera mu bihugu 25.

OMS ivuga ko gushika ubu ata kirangamisi c'ingene izindi ncanco zizobonekera, ariko ko zikenewe mu buryo bwihutirwa.