Coronavirus: WHO isaba ibihugu vya Afrika kutajugunya incanco zataye igihe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, risaba ibihugu vya Afrika kudaturira incanco za Covid-19 zishobora kuba zarataye igihe.
Ibi bihugu vyasabwe kubangira bikarindira iyindi nzira nyayo.
Aka kamo ka OMS kaje inyuma y'aho ibihugu vya Malawi na Sudani y'Epfo bitangarije ko bitegura guturira doze hafi 70.000 z'urucanco rwa Oxford-AstraZeneca kubera zataye igihe hagati muri uku kwa kane.
Ariko ikigo ca Afrika kijejwe kurwanya indwara (Africa CDC) kivuga ko cari cijejwe ko izi ncanco ata ngorane zifise, zishobora gukoreshwa.
Incanco nyinshi zirashobora gukoreshwa gushika ku mezi 36 (umwaka n'igice) kuva zihinguwe, ariko kubera ko izi za Covid-19 ari nshasha, nta vyemezo bikwiye bihari vyerekana ko zishobora kumara igihe kirekire zigifise inguvu.
Ingingo ya nyuma izofatwa n'ibisata vy'ibihugu bijejwe kugenzura imiti.
Igikorwa co gucandaga abantu mu kubakingira coronavirus muri Afrika kigenda bukebuke, ahanini kubera atazihari zikwiye hamwe n'abantu benshi bazifiseko amakenga.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa kane, John Nkengasong, arongoye ikigo Africa CDC yavuze ati: "Akamo ntera ibihugu vya Afrika ni aka: nimba uruhara rwacu ari ukurondera izi ncanco, namwe uruhara rwanyu ni uko mukoresha izi ncanco".
Malawi ivuga ko itegura guturira doze zirenga 16.000 z'urucanco rwa AstraZeneca rwahinguwe na kompanyi y'Ubuhindi, Serum Institute of India (SII), kubera igihe cazo ntarengwa cari gushika ku wa 13 z'uku kwa kane.
Ku ruhande rwayo, Sudani y'Epfo itegura guturira doze hafi 59.000 kuri iyo mvo nyene.
Izi ncanco zari zahawe ibihugu 13 vya Afrika mu mugambi wo gufashanya hagati y'Umuryango w'ibihugu vya Afrika (UA) n'ikompanyi y'itumatumanako MTN , nk'uko bivugwa na Peter Mwai wo mu gisata Reality Check ca BBC.
Umuryango w'ibihugu vya Afrika waguze umuriyoni wa doze za AstraZeneca zari muri Afrika y'Epfo yari yahagaritse gutanga kubera amakenga ko zitari gukinga ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwari burwiriye muri ico gihugu.
Ikigo Africa CDC caciye kizirungika mu bihugu mu mpera z'ukwa gatatu, hasigaye indwi nkeya ngo zite igihe.
Nkengasong yavuze ko ikompanyi Serum Institute of India (SII) yahanuye Africa CDC ko "izi ncanco zishobora kubandanya zikoreshwa mu kiringo c'amezi icenda inyuma y'itariki ntarengwa".
Umukuru wa OMS mu karere ka Afrika, Matshidiso Moeti , asaba ibihugu "kubika neza izi ncanco mu gihe tukibandanya twiga twongera tugerageza kurondera kumenya nimba izi ncanco zishobora gukoreshwa mu kiringo kirekire".
Uretse Malawi na Sudani y'Epfo, OMS ivuga ko Ghana na Sierra Leone navyo nyene bitakoresheje incanco zose kubera zari zataye igihe.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Sierra Leone avuga ko igihugu cari gisigaranye hafi ica gatatu ca doze cari cahawe.
Austin Demby yabwiye BBC ati: "Twategerezwa gukora ibishoboka vyose tugakoresha izi ncanco".
Ku bihugu 55 vya Afrika, 41 nivyo vyahawe incanco biciye mu mugambi mpuzamakungu Covax wo guhanahana izi ncanco. Hari ibindi indwi bikirindiriye kuronswa igice ca mbere.
Umugambi wa Covax ufise intumbero yo gusaranganya incanco mu bihugu vyose ku rugero rungana, vyaba ibitunze canke ibikenye. Gushika ubu, doze zingana n'imiriyoni 38 nizo zimaze guhabwa ibihugu 98.
Abahinga bavuga ko kugira ngo iki kiza karanda kirwanye ari uko incanco ziatangwa ku rugero rungana ku bihugu vyose kw'isi.











