Covid: Hari ibihugu bifise amakenga ko bitazoronka incanco z'iki iza karanda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amasanamu y'abantu ba mbere bariko baraterwa incanco za Covid-19 si ukuvuga ko zanezereje bose mu mpande z'isi. Hari ibihugu bimwe bibona ko urugamba rwo kuzoronka izi ncanco ruzoba rurerure kandi rutazokworoha.
Igihe Lois Chingandu wo muri Zimbabwe yabona ingene Ubwongereza butanguza uru rucanco, ntaco vyamubwiye - ahubwo yagize agahinda.
Co kimwe n'abatari bake muri twebwe, aripfuza cane gucandagwa kugira no ubuzima busubire ku murongo, ariko ntabona neza ingene ivyo bizoshoboka.
Ntabona neza ingene igihugu ciwe, zimbabwe, kizohava kironka uru rucanco.
Avuga ati: "Ubu nguma nibaza nimba tuzohava tururonka nkiri muzima".
"Ndi mu bwoba ko nzohava nandura Covid kandi ikanampitana kubera aho mbaye".
Kumbure abantu bohava babona ko ariko arashikuza, ariko avuga ibi afatiye kuvyo yabonye muri kahise bisa n'ibi.
Umupfasoni Chingandu akora mu gisata kijejwe kurwanya ikiza SIDA, akaba yibuka ingene mu mpera z'imyaka 1990 i Harare, umugwa mukuru wa Zimbabwe, abantu bagandagurika buri musi bahitanywe na SIDA.
Imiti yo gupfupfahaza yari isanzwe iriho, ariko yahabwa abari bifise.
Ati: "Haciye igihe abifise bakiyumvira ko hageze gutabara ba nyarucari, aho niho tuzoronka urucanco".
Umupfasoni Chingandu ari mw'ishirahamwe ryiswe People's Vaccine Alliance, ishirahamwe rinegura cane ibihugu bitunze - , cane cane Amerika, Ubwongereza, ibihugu vy'umuryango w'Ubumwe bw'Uburayi, hamwe na Canada - ko biriko birigungirako incanco.
Nk'uko bivugwa n'abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Duke muri Amerika basanzwe bakurikirana ingene amareta ahana amasezerano n'amahinguriro akora izi ncanco, ibihugu biri ku rushi vyarigaruriye izi ncanco mbere bigura izirengeye izo abanyagihugu vyavyo bakeneye. Canada yo nyene ubwayo, yaramaze kugura incanco ku buryo ishobora gucandaga abanyagihugu bayo incuro zitanu zose.
Ibi bihugu vyaremeye bigura izi ncanco zitaranaheza guhingurwa, maze bica biraterera amafaranga menshi kugira ngo zitungane n'ingoga. Umupfasoni Chingandu n'abo bari kumwe mw'isekeza People's Vaccine babona ko ibi ari akarenganyo. Bavuga ko izi ncanco zirengako zari zikwiye guhabwa ibihugu bizikeneye.
Gushika ubu, ibihugu 189 biramaze kwiyandikisha muri wa mugambi Covax ufashwe mu mugongo n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO hamwe n'ihuriro ry'amashirahamwe mpuzamakungu aharanira ko incanco zotangwa ata bugunge.
Umu mugambi Covax ufise intumbero yo kwegeranya ibihugu bikaja hamwe, gutyo bikagira inguvu mu gihe bizoba biri mu biganiro n'amakompanyi ahingura imiti.
Muri ivyo bihugu, 92 - vyose bikenye canke bikiri mu nzira y'amajambere - vyiteze kugura izi ncanco vyifashishije ikigega gifashwe mu mugongo ku mfashanyo itangwa n'abagiraneza.
Ubwongereza buraramaze gutanga igice c'umuriyaridi w'amadorari muri iki kigega. Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya biri mu bihugu bike bidatanga imfashanyo muri iki kigega. Ibihugu bisigaye bizoronka izi ncanco biciye muri uwu mugambi wa Covax.
Gushika ubu, Covax iramaze kuronka umuhango w'incanco zitatu. Ariko ubu, uwu mugambi uzofasha ibice 20% vyonyene vy'abanyagihugu bose mu gihugu.
Lois Chingandu n'abo bari kumwe mw'isekeza People's Vaccine babona ko hakwiye gukorwa ikintu gifadika atari mu majambo gusa, canke mbere kirengeye na Covax.
Bashaka ko amakompanyi ahingura izi ncanco ahereza abandi ubu bumenyi (propriété intellectuelle), kugira ngo hashobore guhingurwa izindi zisa n'izimaze guhingurwa.
Ishirahamwe mpuzamakungu ry'ubudandaji OMC/WTD ntirirafata ingingo ku bijanye n'uko ryokuraho amategeko ajanye n'ugutanga ubumenyi ku ncanco za Covid.
Iki ciyumviro kirashigikiwe n'ibihugu bimwe bimwe vyo mw'ishirahamwe OMC, ariko ibihugu vyinshi vyo mu burengero bw'isi ntibicerekwa. Rero mu bihugu vyinshi, kuronka urucanco rwa Covid biracari kure nk'ukwezi.
Umupfasoni Chingandu ati: "Abantu bagiye kubandanya bagandagurika kubera na Covid, mu gihe abandi bo mu bindi bihugu bazoba bibereyeho ataco binona".










