Ikigo kijejwe kurwanya indwara CDC kirashima ingene Africa yarwanije coronavirus

Ahavuye isanamu, ANADOLU AGENCY
Umuyobozi w'ikigo ca Afrika gishinzwe kurwanya indwara (CDC) yashimiye ibihugu vy'Afrika ku kungene vyashoboye guhagarika ikwirakwira rya coronavirus.
Ku mugabane wose wa Afrika, abantu umuliyoni 1.4 nibo banduye, abashika ibihumbi 34 bakaba ari bo bapfuye kuva mu kwa gatatu.
Ibi biharuro biri hasi cane ugereranije n'ivya Bulaya, Aziya, Amerika, kandi bikaba bigenda bigabanuka.
John Nkengasong arongoye ikigo CDC yabwiye BBC ko ingingo zafashwe hakiri kare muri Afrika zafashije cane mu kurwanya ikwirakwira ry'uwu mugera.
Ikigo CDC ni ikigo kijejwe amagara y'abantu kikaba cegukira umuryango w'ibihugu vya Afrika AU.
Uyu mugabane utuwemwo n'abantu barenga gato umuliyaridi ufise ibice biri munsi ya 5% vy'abanduye umugera kw'isi yose, hamwe na 3.6% vy'abapfuye.
Muganga Nkengasong avuga ko amakuru avuga ko abandura umugera hamwe n'abo uhitana atavugwa ko ari "ibinyoma".
Ati: "Kumbure birashoboka ko hari abandura ntitubamenye, nk'uko biri no mu bindi bice vy'isi…ariko ntabo tubona bapfira ku mabarabara canke bahambwa mu binogo rusangi muri Afrika".
Kuva habonetse umurwayi wa mbere mu kwa gatatu, ibihugu vyose vya Afrika vyaciye vyihutira gufata ingingo mu ntumbero yo kurwanya uwu mugera.
Vyinshi muri vyo, harimwo na Afrika y'Epfo, vyarafashe ingingo za guma mu rugo mu gihugu cose, ariko hari n'ibindi vyovyo nka za Etiyopiya vyafashe ingingo zibayabaye.
Hagati aho, Muganga Nkengasong avuga ko kubona ibitigiri vy'abanduye vyagumye hasi vyavuye "ku gukorera hamwe kw'ibihugu vyose vy'umugabane", vyaciye vyitaho "gupima ku murindi munini kandi bigaca bihimiriza abantu kwambara udupfukamunwa".
Ati: "Mu bihugu vyinshi, harimwo na Etiyopiya nsanzwe nkomokamwo, winjiye mu mabarabrara ya Addis-Abeba uzosanga hafi 100% bose bambaye udupfukamunwa".
Muganga Nkengasong avuga kandi ko kubona abenshi mu batuye ku mugabane wa Afrika ari abakiri bato ko navyo vyafashije.
Avuga kandi ko hampande y'ibi, utwigoro two gushigikira abanyagihugu be n'uburambe mu guhangana n'indwara z'ivyaduka nka Ebola, vyarafashije cane guhangana na coronavirus.










