Covid-19: Abashikiranganji b'amagara y'abantu muri Africa baraganira na WHO ku ncanco

Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus asaba ko amakungu yokora akazi kayo mu kuronsa bose incanco

Vyitezwe ko abashikiranganji b'amagara y'abantu n'abo ikigega ca reta bo ku mugabane wa Afrika babonana n'umukuru w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, kugira baganire ingene bosabikanya incanco za Covid -19.

Umuyobozi wa OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, yagize ati: "Ndaza kubabwira ko turiko turakora uko dushoboye kugira dutangure gutanga incanco ku mugabane wa Afrika, kugira turokore ubuzima bw'abantu no gusubiza itoto ubutunzi."

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, umukuru w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko igisigaye ari uko amakungu yokora akazi kayo.

Iyo ngingo ishitsweko inyuma y'aho prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa, asanzwe arongoye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri kino gihe, ahamagariye ibihugu bitunze kurusha ibindi, gutegekanya incanco zigenewe ibihugu bikenye.

Ibihugu bitunze vyaguze incanco za Covid-19 hafi imiliyoni 800, zishobora gucandaga abanyagihugu bose b'ivyo bihugu imbere y'uko ibihugu bikenye bironka na zike, nk'uko bivugwa na Dr Seth Berkley, arongoye ikigo gitanga incanco ca Gavi.

Muri iyo nama mpuzamakungu iraba ivy'ubutunzi kw'isi, Dr Berkley yagize ati: "Barafise kandi izindi ncanco imiriyaridi 1.4. Ariko kugira ibihugu bikenye bishobore gucandaga abanyagihugu bavyo, dutegura kuganira n'ibihugu bitunze, tubasabe guterera incanco ivyo bihugu bikeneye."

Yongeyeko ati: "Mu gihe ivyo tutobishikako, tuzobabwira ko twiteguye kuzibagurira."

Ibihugu birenga 45 kw'isi biramaze gutangura gutanga incanco za Covid-19.

Ku mugabane wa Afrika, Misri, Maroc, Guinee, Ile Maurice na Seychelle ni vyo bihugu vyonyene vya Afrika bimaze gutangura gutanga incanco ku bakozi bo mu bisata vy'amagara y'abantu hamwe n'abantu bashobora kwandukirwa vyihuse.

Ivyo bihugu bitanu bikoresha incanco vyahawe n'ibihugu bitunze basanzwe bafitaniye imigenderanire.

N'aho urucanco rwa Pfizer rwamaze kwemezwa, OMS ntiratanga uruhusha rwo kurukwiragiza mu bihugu vya Afrika.