'Tanzania ntiyirukira urucanco rwa Corona' - Prezida Magufuli

Prezida John Pombe Magufuli

Ahavuye isanamu, IBIRO VY'UMUKURU W'IGIHUGU WA TANZANIA

Prezida wa Tanzania John Pombe Magufuli yagabishije abajejwe amagara y'abantu ku kuzana incanco za Covid-19 - baterekanye ivyemeza - kuko zishobora kubangamira amagara y'abanyagihugu.

Magufuli yavuze ati: "Umushikiranganji w'amagara y'abantu ategerezwa kuhagabira, bashobora kwirukira izo ncanco hadakozwe ubushakashatsi, si incanco zose ari nziza kuri twebwe, dutegerezwa kwivyitondera.

"Incanco si nziza. Iyaba umuzungu yashobora gutora incanco, yobaye yaratoye urucanco rwa Sida, Cancer na TB."

Prezida wa Tanzania, John Pombe Magufuli yagabishije kuvyerekeye urucanco rwa Covid-19 rumaze gutangura gutangwa mu bihugu bitandukanye vy'isi.

Igihe yariko arugurura icese iterwa ry'ibiti mw'ishamba mu karere ka Chato mu ntara ya Geita, yagize kandi ico avuga ku kungene ingwara ya Corona yifashe mu gihugu, aca ahamagarira abanyagihugu kubandanya gusenga no kwiyubikira.

Yagize ati: "Tubandanya kwiyubara, no kwiyubikira hamwe no gusenga, mu gihe tubandanya n'akazi ka misi yose, murye neza muhage Corona inanirwe kwinjira mu mibiri yanyu."

Na yo kuvyerekeye ko hariho ubundi bwoko bwa Corona, Magufuli yavuze ko hariho aba Tanzania baja gucancwa hanze y'igihugu ariko bakagaruka bazanye ubundi bwoko bwa Corona.

Prezida Magufuli yagize ati: "Ndazi ko hariho aba Tanzania bamwe bamwe bavuye muri kino gihugu baja hanze gucancwa, bahejeje bagaca baza batuzaniye iyindi Corona y'ubundi bwoko."

"Ntituze turirukira incanco incanco, si buri rucanco rutugirira akamaro, ni ngombwa ko aba Tanzania tuba maso, tugabe, tuzogeragezwa, tubandanya gusenga Imana yacu kandi tubandanye kwinengesera."

Ivyo prezida Magufuli abivuze mu gihe Ekleziya Katorika muri Tanzania yaraye isohoye itangazo aho igabisha ko ibitigiri vy'abandura coronavirus n'abicwa na Covid-19 bigenda vyiyongera, ihamagarira abanyagihugu gukurikiza ingingo zose zo kwikingira.