Lionel Messi yashoboye gutsindira Copa America aho Argentina yaraye itsinze Brazil muri finale

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Chris Osborne
- Igikorwa, BBC Sport
Inyuma y'igihe kirekire cane yari amaze arindiriye, Lionel Messi arashoboye kwigina intsinzi y'igikombe ca mbere mpuzamakungu gikomeye, aho Argentina yaraye ikubise Brésil mu rukino rwa nyuma rwa Copa America ku kibuga ca Maracana i Rio de Janeiro.
Messi, umusatirizi w'imyaka 34 yarikubise hasi mu munezero ntangere ifirimbi ya nyuma ivuze, bagenziwe bamuhundarako, imbere y'uko bamuterera mu kirere bongera bamusama mu kwigina iyo ntsinzi yo ku rwego rwo hejuru kuri we mu mahiganwa mpuzamakungu.
Yafashije kandi Argentina kurangiza igihe c'imyaka 28 yose yari imaze irindiriye ikindi gikombe kuva aho igiherukira, yongera agenwa nk'umukinyi w'ihiganwa inyuma y'ibitsindo bine yinjije muri iryo higanwa.
Angel di Maria niwe yinjije igitsindo ciza arovye umunyegori, igitsindo cahaye intsinzi Argentina ya Messi, ku mupira yari ahawe na Rodrigo de Paul.
Messi, kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Argentina, yaranaronse akaryo ko gushimangira iyo ntsinzi ku munota wa 88 ariko rero aranyerera umupira uca uramwiyaka ari imbere y'igori.
Kuri Brésil, ari nayo yari isanzwe ifise ico gikombe, ntivyari bimeze neza cane rwose, aho amahirwe yayo abiri akomeye ari aya Richarlison na Gabriel Barbosa ariko umunyegori Emi Martinez akababera ifuro ry'igiti.
Umukeba wiwe Neymar, ariko bahoze bakinana muri Barcelona, yapfukamye n'akorora amosozi ifirimbi ya nyuma ivuze, mu gihe na we akirondera kwandikisha amateka ku rwego mpuzamakungu, ni mu gihe mu mwaka wa 2019 igihe Brésil itahukana iki gikombe wewe atakinye kubera imvune.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibi bihangange bibiri mu mupira w'amaguru, bakinanye i Nou Camp hagati ya 2013 na 2017 imbere y'uko uyu munya Brésil yimukira muri Paris St-Germain, barahoberanye umwanya muremure mu gihe bari bakirindiriye ko Argentina ishikirizwa igikombe.
Rwari urukino rwarorerewe n'abantu bake, abashika 7000, kubera ingingo zo kurwanya Covid-19.
N'aho abarorerezi ba Brésil bari bake, ijwi ryabo ryarumvikanye, cane cane igihe cose Messi yaba afashe umupira, bamuzomera banamushinyaguriza.
Iri higanwa ryacerejwe umwaka wose kubera coronavirus, mbere n'ibihugu vyategerezwa kuritegurira hamwe, Colombia na Argentina, birahindurwa, maze ritegurwa na Brésil yari yateguye irya 2019, ingingo yaneguwe cane kubera naho nyene coronavirus yari yaganguye.
Messi yari amaze imyaka 15 yose akinira Argentina mu mahiganwa akomeye. Inyuma y'amahiganwa ane y'igikombe c'isi yose hamwe n'ayandi atandatu ya Copa America (ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ku mugabane wa Amerika), mu nkino 53 zose, ubu niho we - n'igihugu ciwe - bagiye baronka amahirwe bari bararindiriye igihe kirekire amaso agahera mu nzira.
N'aho ari umwe mu bakinyi banditse amateka kandi beza mu gihe ca none - aho yatahukanye ibikombe cumi vyose vya La Liga muri Espagne, ibikombe bine vya Champions League ku mugabane wa Buraya, hamwe n'imipira y'inzahabu (Ballons d'or) itandatu yose - abatari bake bagumye bibaza ibibazo bitari bike ku bushobozi bwiwe kubera atari bwerekane ikibanza ciwe mu mahiganwa mpuzamakungu.
Messi yaragize umubabaro udasanzwe nk'umukinyi w'igihangange ariko bikanka ko igihugu ciwe gitahukana ihiganwa rikomeye nk'iri, mbere hararagera n'igihe atanga imihoho mu nkino mpuzamakungu imbere y'uko yisubirako - aha hari mu 2016 igihe Argentina ikina finale ariko igatsindwa ku ncuro igira kabiri yikurikiranya.
Mu kwa cumi na kabiri 2022, Messi arafise ayandi mahirwe yo kwerekana - ku myaka 35 - ubuhinga bwiwe mu gisa n'amahirwe ya nyuma yo kurondera gutsindira igikombe c'isi yose - Argentina ikaba iheruka kugitahukana mu 1986.














