Amahinduka asanzwe mu gitsina ashobora gutera BV, ingwara ishobora gutera ubugumba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Michelle Roberts
Digital health editor, BBC News
Guhinduka gusanzwe kw'urugero rw'utunyabuzima tuzwi nka bacterial vaginosis (BV) 'gushobora guteza ingwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina' -abashakashatsi
Igisata citaho amagara y'abantu mu Bwongereza, NHS, kimenyesha ko muri kino gihe ingwara izwi nka bacterial vaginosis (BV) itegwa n'amahinduka mu rugero rw'utunyabuzima dusanzwe tuba mu gitsinagore, kandi ko atari ingwara ahanahanwa mu mibonano mpuzabitsina, n'ubwo ishobora gukaburwa n'imibonano.
Ariko rero, mu cirwa cakozwe, bigaragara ko BV- ingwara ifata hafi kimwe ca gatatu c'abagore kw'isi, kandi igashobora no gutera ubugumba, canke gukorora imbanyi canke ndetse gutuma abana bapfa bakivuka - ikwiragira mu gihe c'imibonano mpuzabitsina ari nayo mpamvu ikwiye gufatwa nk'ingwara yandurira mu mibonano mpuzabitsina -STI.
Igeragezwa ryakozwe muri Australia, ryatangajwe mu kinyamakuru New England Journal of Medecine, ryagaragaje ko kwitaho kuvura abubakanye n'abarwayi aho kuvura abarwayi gusa, ari nkenerwa cane mu nzira yo kurandura ubwo bwandu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
BV niyo nyanduruko y'ikibazo co gusohora ibintu bikunze kuboneka ku bagore benshi bituruka mu gitsina, biza ku rugero rusumba urusanzwe, akenshi bifise n'akamoto kabi nk'ako urufi.
Ibara n'imero y'ivyo intu bisohoka mu gitsina bishobora guhinduka, rimwe na rimwe biba vyera, ahandi bizize, hari aho biba ari amazi ikindi gihe bigumye gato.
Ica kabiri c'abagore bafise uwo ako kanyabuzima ka bacterial vaginosis ariko nta kimenyetso babona.
Bacterial vaginosis nta kibazo mu bisanzwe iteza mu mubiri, nko kuvyimba canke kuribwa.
Ishobora kuvugwa hakoreshejwe imiti yo mubwoko bwa antibiotics y'ibinini canke umuti w'amavuta yo gusiga.
Mw'igerageza ryakozwe ku miryango 164, abashakashatsi bavuye abubakanye bompi ingwara za BV n'izindi zifatira mu bihimba vy'irondoka- STI, aho kuvura umugore gusa, mu kubaha imiti ya antibiotics, bashitse ku rugero rwiza cane rwo gukiza izo ngwara.
Abaganga baciye bahagarika ubwo bushakashatsi kuva aho bamariye kubona ko bigaragara ko kwisubiriza kw'iyo ngwara kwagabanutse cane nk'ibice 50%, mu gihe bariko bakoresha ubu buryo bwo kuvura icarimwe abubakanye bompi.
Umwe mu bari barongoye ubwo bushakashatsi, Porofeseri Catriona Bradshaw, yavuze ko: "Ubwo bushakashatsi bwacu bwerekanye ko gusubira kwandura bivuye kuwo mwubakanye, bitera abagore kwamana iyi ngwara ya BV, bikerekana rero ko BV ari ingwara yo gushirwa mu gitigiri c'izandurira mu mibonano mpuzabitsina -STI.
Yongerako ko "Zimwe mu ngorane muri uko kwemeza ko iyo BV ari ingwara yandurira mu mibonano mpuzabitsina, n'ukumenya akanyabuzima ka bacteria kayitera ako ariko, mugabo ubuhinga bwo gusuzuma uduce ntangakamere (genomic sequencing) biriko birafasha kwegera inyishu kuri ayo mayobera", niko uwo muganga abisobanura.
Muri ico cigwa cakozwe n'abashakashatsi ba Alfred Health ku kigo ca Melbourne Sexual Health Centre muri kaminuza ya Monash University, ica kabiri c'abagabo bahawe imiti yo mu bwoko bwa antibiotics n'uwundi muti w'amavuta wo gusiga ku mubiri mu kiringo c'indwi, mu gihe uwundi mugwi w'abantu b'abagabo wariko urakurikiranwa ata muti n'umwe uhawe.
Kubera ivyo batoye, ivuriro ryarahinduye ivyo ryahora rikora mu kuvura. Ubu baha imiti abagore barwaye kandi bagaha imiti n'abagabo babo.
Ishirahamwe British Association for sexual Health and HIV rijejwe gukurikirana ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka n'umugera wa SIDA HIV/AIDS, vyazanye ayandi "makuru akomeye ku bijanye amagara y'abantu ashingiye ku vyo bari basanzwe bakeka ko akanyabuzima ko mu bwoko bwa bacteria gatera BV, gashobora kuba gakwiragizwa biciye mu mibonano mpuzabitsina, cane cane biciye ku muntu akunda kwama yandura mu buryo bw'imibonano mpuzabitsina".
Ubu bushakashatsi bwarongereje cane uburyo bwo gutahura BV kandi bifasha abariko biyumvira bongera biga ku vyofasha mu kwiga ku buvuzi bwotangwa ku bantu bakunda kwandura kenshi bisubiriza, niko umuvugizi avuga.
Iyo ufise ibimenyetso vy'ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka canke impungenge z'uko umuntu afise BV, ukwiye kuja kwa muganga canke kw'ivuriro ryitaho ingwara zandukira mu bihimba vy'irondoka.













