Kubera iki ingwara ya sifirisi iriko iragwirirana kw'isi?

Isoko y'udukingirizo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Na Krupa Padhy

Ingwara ya sifirisi ni imwe mu ngwara za kera zizwi ko zifatira mu mibonano mpuzabitsina. Hari abibaza ko yagabanutse, ariko ubu yagarutse ku murindi uteye ubwoba.

Sifirisi bamye bayita amazina menshi kuva aho itanguriye kuvugwa mu 1490, amazina atari meza -"Ingwara y'abafaransa", "ingwara ya Naporewo", "ingwara y'abanyaporonye".

Rimwe ariko ryaragumyeho:"umuhinga mu kwigana"(great imitator/grand imitateur). Sifirisi ni umuhinga mu kwigana ibimenyetso vy'izindi ngwara kandi ibimenyetso vyayo vya mbere urashobora kutabibona. Iyo itavuwe, ingaruka zirashobora kuba mbi cane.

Tushar, umugabo w'imyaka 33 akora mu gisata co gutunganya imigambi muri Amsterdam, yaragwaye sifirisi incuro zibiri. Aribuka ko yabimenye ubwa mbere abibwiwe n'uwo bahuje ibitsina ico gihe mu butumwa yarungikiwe kuri terefone.

Avuga ati:"Bari bashavuye cane. Banyagiriza ko bidashoboka kubera umwanya bari bakiriko bararondera ingwara. Numva ari ibidasanzwe kuguma ntunzwe urutoke kandi vyafashe igihe kugira bihere."

Tushar yarasuzumwe aranavugwa muriyo ndwi. Avuga ati:"Abantu biyumvira nabi ko sifirisi ari ikintu kitavugwa. Abantu ntibatahura insiguro yo kugira abasoda bo mu maraso barwanya sifirisi no kutayigwara."

Mu kwezi kwa mbere kwa 2024, Centres for Disease Control and Prevent (CDC)bisigura mu kirundi tugereranije ibigo bishinzwe kugenzura no gukumira ingwara vyatangaje ko ibiharuro vy'abanduye sifirisi vyaduze ku rugero rwo hejuru cane mu myaka irenga 10 iheze, muri Leta zunze ubumwe za Amerika abanduye sifirisi mu 2022 bararenga 203.500, ibiharuro biri hafi incuro zibiri kurusha ivy'abanduye mu 2018. Ibiharuro vy'abanduye vyaraduze ku rugero rwa 17% hagati ya 2021 na 2022, ibiharuro biri hejuru ya 32% y'ivyatororokanijwe hagati ya 2020 na 2021 kugira bingane n'ibiharuro binini vy'abanduye batororokanijwe mu myaka 70. CDC iragabisha ko nta bimenyetso iki kiza cerekana ko kiriko kiragabanuka. Haravugwa kandi ko hari ibimenyetso bishasha biri inyuma y'ukwandura iyi ngwara ku murindi udasanzwe.

Ibiharuro vy'abana banduye Sifirisi bakiri mu mbanyi - ni iyo umuvyeyi yibungenze akanduza umwana akiri mu nda, aba kenshi yayandujwe n'uwo bahuje ibitsina- vyaraduze cane, aho muri Amerika abayanduye bari 3.755 mu 2022, ibiharuro vyaduze ku rugero rwa 30% ugereranije n'ivyo mu 2021 kandi ni ibiharuro biri hejuru incuro zibiri vy'abanduye mu 2018. Iyi ngwara irashobora gutuma umwana apfira mu nda, gutera impfu z'abana no kwamana ingorane z'amagara ubuzima bwose.

Ibi vyatumye abahinga mu vy'amagara y'abantu bumirwa.

Leandro Mena, umuyobozi w'igisata gishinzwe gukumira ingwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina mu kigo CDC avuga ati:"Mu myaka 15 canke 20 iheze twiyumvira ko twari hafi kurandurana n'imizi Sifirisi. Nta nkeka ko turiko turabona iduga ry'ibiharuro vy'abandura, ibiharuro tutigeze tubona mu myaka 20 iheze canke irenga."

Isoni nazo zirica

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu, Ikumirwa ry'uwanduye sifirisi riratuma abantu benshi bataja kwivuza neza
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kandi si ikintu kiriko kiraba muri Amerika gusa. Hari abanduye sifirisi bashasha imiriyoni 7,1 kw'isi yose mu 2020 nk'uko bitangazwa n'ivyegeranyo vya OMS. Mu 2022, mu Bwongereza, igitigitiri c'abanduye caraduze ku rugero runini cane kuva mu 1948.

Abaganga bo mu gisata c'irondoka rijanye n'amagara meza baramaze kumenyera iryo duga ry'ibiharuro vy'abandura.

Joddie Crossman, umwe mu bashinze ikigo STI Foundation mu Bwongereza aho ibiharuro vy'abandura sifirisi vyaduga ku rugero rwa 8.4% hagati ya 2020 na 2021 avuga ati:"Igihe natangura kuvura mu gisata c'irondoka rijanye n'amagara meza mu 2005, twabona gake ibimenyetso vya mbere vya sifirisi, n'aho yaba ari mu bitaro vyo mu muji. Ubu na ho, mu bitaro vyinshi vyo mu muji hari abantu 2 canke 3 baza kuyivuza ku munsi ku munsi."

Iyi ngwara itegwa n'umugera witwa Treponema pallidum n'ibimenyetso vyayo bigabuyemwo ibice 4. Icambere cerekanwa n'akavyimba katababaza kari aho ingwara yinjirira canke agahere. Iyi ngwara ivurwa neza no guterwa urushinge rwa penicilin. Iyo itavuwe neza ariko, sifirisi irashobora gutera ingwara yo mu mutwe y'igihe kirekire canke ingwara z'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso.

Umuganga w'ingwara ziterwa n'imigera akaba n'umushakashatsi muri kaminuza y'i Toronto, Isaac Bogoch ni we agenzura ingene ico kiza kigwirirana ku mupaka wa Amerika na Canada.

Avuga ati:"Iyi ngwara iribonekeza mu bihugu vyinshi kw'isi. Birateye impungenge kubera muri rusangi, sifirisi ni ingwara yoroshe kuvura kandi n'imiti irahari ku bwinshi. Ibi rero vyerekana ukudakora neza kw'igisata c'amagara y'abantu ."

Ibiharuro vy'abanduye sifirisi muri Canada vyaraduze ku rugero rwa 389% hagati ya 2011 na 2019, ibiharuro biri hejuru cane ugereranyijwe n'ivyo izindi ngwara zifatira mu bihimba vy'irondoka.

Abaganga bo muri Mississippi bavuze ko ibiharuro vy'abana bandura sifirisi bakiri mu mbanyi vyaduze gushika ku 900% mu myaka 5 iheze.

Mu myaka mirongo iheze, abanduye sifirisi bari bagwiriyemwo abahuza ibitsina bisa(gays), abahuza ibitsina n'abagabo n'abagore bose(bisexual), n'abagabo baryamana n'abandi bagabo. Mu turere tumwe tumwe tw'isi ariko, ibitigiri vy'abagabo banduye sifirisi biriko biragabanuka. Akarorero, ibitigiri vy'abanduye sifirisi muri Canada vyaragabanutse mu bagabo. Kandi abagore nabo baranduye ku bwinshi atari muri Canada gusa ahubwo no kw'isi yose, ivyo vyatumye ibitigiri vy'abana bandura sifirisi bakiri mu nda biduga cane mu bice vyinshi vyo kw'isi. Muri Amerika abana banduye sifirisi bakiri mu nda bangana na 30.000 muri rusangi, ibitigiri abayobozi mu vy'amagara y'abantu bafata nk'igiharuro "kiri hejuru giteye ubwoba".

Kwanduza sifirisi umwana akiri mu nda birashobora kuba bifise ingaruka mbi cane harimwo gukorora inda, umwana arashobora gupfira mu nda, kuvyara hatageze, abana bavukana ibiro bike cane canke impfu z'abana bahejeje kuvuka.

Muri Amerika, ibiharuro vy'abana bandurira sifirisi mu nda biguma biduga. Vyari incuro 3.5 y'ivyo mu 2020 ugereranyije n'ivyo mu 2016, bisubira kuduga kandi mu 2021, bituma haba impfu z'abana 220. Ibiharuro reta itanga bisa nk'aho inyegeza ibiharuro vy'abandura biguma biduga mu bice bimwe bimwe vy'igihugu.- abaganga bo muri Mississipi bavuze ko ibiharuro vy'abana bandurira sifirisi mu nda vyaduze ku rugero rwa 900% mu myaka 5 iheze.

Igitiri kinini c'abandura cibonekeza mu bagore b'abanyamerikakazi bafise urukoba rwirabura n'abafise amamuko muri Amerika y'epfo bakoresha ururimi rw'iki espanyore.

Maria Sundaram, umushakashatsi mu vy'ubuhinga ku kigo ca Marshfield Clinic Research Institute i Wisconsin avuga ati:"Ibi vyerekana ubusumbasumbane n'ivanguramoko tugifise mu vy'amagara y'abantu no mu nyubakwa zo kwakiriramwo abagwayi."

Imigwi y'abagore ibangamiwe irimwo abadafise aho baba canke abanywa ibiyayuramutwe vyinshi, ni bo bandura cane iyi ngwara. Kandi ubusumbane bwinshi muri bwo bwatijwe umurindi n'ikiza ca Covid-19 cakwiye isi.

Sundaram avuga ati:"Twasanze ko mu gisata c'amagara y'abantu ko kuduga kw'ibiharuro vy'abandura ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka harimwo na sifirisi bifitaniye isano no kubura kw'ibikoresho vyifashishwa mu kwirinda ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka kwabaye mu gihe c'ikiza ca Covid".

Umuntu yaje kwisuzumisha kwa muganga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubusumbasumbane mu kwisuzumisha no kwivuza ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka birashobora kuba arivyo bituma abandura sifirisi bagwira (Credit: Getty Images)

Bumwe mu busumbasumbane butera iyi ngorane ni ugushika mu bibanza basuzumiramwo ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka, ikumirwa ribandanya gukorerwa abanduye sifirisi n'ingorane y'ururimi. Icigwa kimwe cakozwe muri Brezil casanze hari isano riri hagati y'abagore bafise urukoba rwirabura bize amashuri make no kuduga kw'ibiharuro vy'abana bandurira sifirisi mu mbanyi. Kenshi na kenshi abagore baragorwa no kuronka ubufasha bwiza bwo gupimisha imbanyi bubashoboza kwipimisha kare sifirisi.

Ikindi cigwa cakozwe mu karere ka Kern, muri reta ya California – mu 2018 abanduye bari bagize 17% c'abanduye sifirisi muri iyo Reta - bakaba bangana nibice 2,3% c'ababa muri Amerika - cerekanye uruhara rw'abimukira, ubwishingizi bwo kwivuza, amabi ashingiye ku gitsina n'indyane zo mu rugo ku bagore bakeneye gupimisha imbanyi. Igice ca kabiri c'abagore bibungenze canke abaheruka kwibaruka babajijwe ni abafise amamuko muri Amerika y'epfo (Hispanic, Latino or Spanish origin).

Icigwa cabaye mu 2020 ku bijanye na sifirisi muri Australia cerekanye ko ibiharuro vyaduze hafi ibice 90% bigereranijwe n'ivyatororokanijwe mu 2015. Abanduye sifirisi 4.000 bagwiriyemwo abasangwabutaka n'abo mu bwoko bw'abantu babaye ubwa mbere muri ico gihugu (Torres Strait Islander communities) bagize ibice 3,8% vy'abantu baba muri Australia bose. N'aho hari umugambi wa reta wo gusuzuma no kuvura ico kiza washizwe mu ngiro kugira bahagarike uwo murindi, abahinga bavuga ko kugabanya urugero rw'ibiharuro bitangurira ukuduga kwavyo hakenewe ko abantu bokwipimisha mu kivunga. Kandi, hari n'ingorane zibonekeje z'abagore bibungenze bakeneye gusuzumisha ko ata sifirisi banduye mu turere tw'igihugu.

Ariko mu bihe vy'ingorane z'ubuzima buzimvye n'ingaruka z'ikiza ku buryo bukoreshwa mu magara y'abantu, harabaye n'impinduka mu nyifato y'abantu n'uko babona ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka.

Mena avuga ati:"Mu myaka ya za 1990, harabaye impinduka n'umuzo wo kuvura mu buryo bwo gupfupfahaza HIV/VIH. Ubu turashima iterambera ryaje mu bijanye no kuvura no kwikingira umugera wa Sida, Sida ntikibonwa nk'ingwara idakira. Ivyago vyo kwandura Sida ntibikiri mu guhimiriza abantu gukoresha udukingirizo canke gukoresha ubundi buryo bwo kwikingira ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka."

Impinduka mu bijanye no guhuza ibitsina ni ikintu abashakashatsi bo mu Buyapani bamye bakorako icirwa mu kurondera isano riri hagati y'imbuga hwaniro baronderamwo abakunzi (dating apps) no kwandura sifirisi. Basanze ko gukoresha izo mbuga hwaniro bifitaniye" isano rinini no kwandura sifirisi", bikajana no gukora rimwe rimwe imibonano mpuzabitsina idakingiye.

Umuganga ariko arasuzuma umurwayi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kwanduza sifirisi umwana akiri mu mbanyi bifise ingaruka nyinshi

Iki ni ikintu Sasaki Chiwawa, yandika ku bijanye n'akaranga k'urwaruka rwo mu Buyapani n'abadandaza umubiri, yasanze kiri mu biganiro yagiranye n'abadandaza umubiri. Chiwawa avuga ko abadandanza umubiri benshi badakoresha udukingirizo kandi nta tegeko rihari ry'uko abo baryamana kubanza kwipimisha ingwara zifatira mu bihimba vy'irondoka. Chiwawa avuga ko n'iyo abadandaza umubiri banduye ingwara, bavuga ko ari "imana mbi bagize". Avuga ati:"Benshi bashira imbere amahera gusumba ivyago vyo kwandura."

Abayobozi b'amagara y'abantu benshi bavuga ko, inzira yo kurwanya sifirisi itomoye - turafise imiti yo kuyirwanya, penicillin iracari umuti mwiza wo kuyivura n'aho hari ukuduga ko kunanirwa gukiza ingwara (antibiotic resistance). Kwisuzumisha kenshi, guhimiriza abantu cane kurwanya ikumirwa ry'abanduye iyo ngwara hamwe no guhurumbira uburyo bwo guhuza ibitsina butabashira mu vyago vyo kwanduzanya ingwara bibifisemwo uruhara runini cane.

Crossman ati:"Turemye ku buryo tugiranira imigenderanire n'abandi, ku bw'ivyo ntitwategerezwa kugira amasoni yo kwisuzumisha ingwara zo mu bihimba vy'irondoka kuruta kurwara ibicurane. Turiko turagerageza guhindura uko abantu bafata kwipimisha ingwara zo mu bihimba vy'irondoka nk'ikintu giteye ubwoba kandi baguma bagutunga urutoki ahubwo kikaba ikintu mu bigize amagara meza y'irondoka - uburyo bwiza bwo guhuza ibitsina kandi bunezereje."

Ariko abahinga gushika ubu barananiwe gutanga insiguro imwe rukumbi ituma sifirisi iguma irandagata kurusha izindi ngwara zifatira mu bihimba vy'irondoka. Mena avuga ko nta kimenyetso gikomeye cerekana ko imigera yayo yongereje inguvu. Bogoch avuga ko kunanirwa gukiza ingwara kw'imiti na kwo kutagwiriye cane ku buryo vyotanga insiguro kw'iryo randagata.

Tushar we, abandanya kwisuzumisha uko amezi atatu aheze.

Avuga ati:"Ni ibisanzwe kuganira ibijanye na sifirisi.Abiyita ba kabizi bihutira gutunga urutoki abandi aho kwiyumvira ku bijanye n'ubuhinga.Turahuza ibitsina-ibindi bikitamwo."